Cameroun ikomeza kwemeza ko Perezida Biya adora n'ubwo atakiboneka

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
- Igikorwa, BBC News
Perezida wa Cameroun, amagara yiwe yifashe neza cane, ivyo ni vyo abategetsi bakunze kuvuga, inyuma yuko haciye hafi ukwezi kumwe Paul Biya atabonetse ku mugaragaro, ivyateje urunwarunwa ku buzima bw’uyu mu perezida w’imyaka 91.
Amaze gusiba kenshi kwitabira ibikorwa bitegekanijwe aba yitezwemwo, nk’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabereye i New York muri Amerika mu kwezi guheze.
Ariko mw’itangazo, uwukuriye abakozi mu biro kwa perezida wa Cameroun, yavuze ko Biya ameze neza, anamirira kure abo yise "abatovyi" b’urunwarunwa, bavuga ivyo biyumviriye vyose badafitiye ivyemezo ku magara y’umukuru w’igihugu, eka mbere n’uko "ashobora gupfa".
Iryo tangazo rikurikiye iminsi imigambwe y’abatavuga rumwe na leta hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muri politike yari amaze abaza uko amagara ya Biya yifashe n’irengero ryiwe.
Biya yakomeje kunebagurwa kubera umwanya amara hanze y’igihugu ciwe, cane cane aho yaba ari mu bu Swise.
Mu 2018, ikigo gitangaza amakuru ashingiye ku bushakashatsi kuri ruswa n'ibindi vyaha birenga imipaka (Organized Crime and Corruption Reporting Project, OCCRP), catangaje ko kuva Paul Biya ageze ku butegetsi mu 1982, amaze igihe kigereranywa mu myaka ine n’igice mu ngendo hanze y’igihugu.
Ihoteri InterContinental y’i Genève bivugwa ko ari yo akunze guhitamwo gucumbikamwo.
Mu rindi tangazo, umuvugizi wa leta ya Cameroun René Sadi yavuze ko Biya ari mu gusubira muri Cameroun "mu minsi mike iri imbere".
Yimye agaciro ibivugwa ko amagara ya Biya ageramiwe, avuga ko "ari ukwanguha".
Inyuma y’imyaka 42 ku butegetsi, Biya ni we Perezida wa mbere mukuru mu myaka muri Afrika, akaba n'uwa kabiri amaze igihe kirekire ku butegetsi, inyuma gato ya Teodoro Obiang Nguema w'igihugu kibanyi, Guinée Equatoriale.
Ku butegetsi bwiwe, Cameroun yavuye ku ntwaro y’umugambwe umwe, ija ku yo imigambwe myinshi, ariko rero yaravuzweko n’ibibazo vya ruswa cane.
Eka n’inyungu z’intwaro rusangi zarasubiye inyuma, kugeza aho ikiringo umukuru w’igihugu abwirizwa kutarenza ku butegetsi gihagarikwa mu 2008.
Cameroun kandi iri mu vyara vy’intambara y’abagomba kwiyonkora, imaze guhitana abarenga 6000 mu burengero bw’igihugu.













