Umutegetsi wo muri Ethiopia arahakana ibivugwa na Trump ko Amerika yafashije mu kwubaka urugomero rwo kuri Nil

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Si irya mbere Donald Trump avuze ko Amerika yagize uruhara mu kwubaka urwo rugomero
    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal
    • Igikorwa, BBC News i Addis Ababa

Umutegestsi wo muri Ethiopia yahakanye ivyavuzwe na Donald Trump ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafashije mu gutanga amafaranga yo kwubaka urugomero rutura rwa Ethiopia ku ruzi Nil, avuga ko ari ikinyoma kandi ''gisambura''.

Ku ndwi iheze, Perezida Trump yavuze ko urwo rugomero ruteye impari rwubatswe ''n'amafaranga ya Amerika, ahanini''.

Urwo rugomero ruzwi nka Grand Ethiopian Renaissance Dam (Gerd), ni wo mugambi wa mbere munini w'urugomero rw'umuyagankuba muri Afrika, rukaba ari n'ikintu abanya-Ethiopia bishimira cane.

Ku myaka 14 yahaciye kugira Gerd ihere kwubakwa, abategetsi ba Ethiopia bagumye basubiramwo ko urwo rugomero rwubatswe ku mafaranga ya reta, hamwe n'intirerano zavuye mu banya-Ethiopia.

Urwo rugomero ariko, rwarashavuje Misiri na Sudan, biri iyo uruzi Nil rutemba ruja bikaba bifise ubwoba ko rushobora gutuma amazi ashika muri ivyo bihugu agabanuka.

BBC yabajije abategetsi ba Amerika kugira ico bongera ku vyo Trump yavuze.

Ku wa kabiri, Fikrte Tamir, icegera c'umuyobozi w'ibiro bihuza ibikorwa vya Gerd, yiyamirije ivyavuzwe na Trump, avuga ko urwo rugomero rwubatswe ata mfashanyo yo hanze irimwo''.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N'ubwo mu ndinganizo ari urwego rwigenga, ibiro mpuzabikorwa vya Gerd vyashizweho na reta kugira vyegeranye uburyo bukenewe bwo kwubaka urwo rugomero.

''Ku vyekeye ivyo Trump yavuze, reta izokwishura yisunze inzira z'imigenderanire ziraba kure kandi ziyumviriwe neza,'' niko Fikrte yavuze.

Inyuma y'ivyo madame Fikrte yashikirije, hari abanya-Ethiopia bibajije aho urwo rwego ruhuza ibikorwa vya Gerd rugeza kumenya ivyoba vyarumvikanywe na Amerika, bivanye n'uko ari urwego rwigenga.

Reta ya Ethiopia ntaco iravuga ku vyashikirijwe na Trump ku kuba hari amafaranga Amerika yoba yarashize muri urwo rugomero, rwatanguye gutanga umuyagankuba mu 2022 ariko rwahejeje kwubakwa neza na neza muri uku kwezi.

Si ubwa mbere Trump avuze ko Amerika yagize uruhara muri Gerd. Mu kwezi guheze, mu butumwa yashize ku mbuga hwaniro ya Truth Social, uwo mukuru w'igihugu yavuze ko urwo rugomero ''rwubatswe mu bujuju n'amafaranga ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika'' kandi ''rugabanura cane amazi atemba mu ruzi Nil''.

Aho Trump yashaka kuvuga amakenga ya Misiri na Sudan ko urwo rugomero rwa rutura ruzohungabanya urugero rw'amazi ivyo bihugu bironka aciye mu ruzi Nil.

Ku burebure burenga 1,5km na 145m mu maduga, Gerd iri kuri Nil Bleu mu misozi yo mu buraruko bwa Ethiopia, ari naho 85% y'amazi ya Nil azanana.

Ethiopia ishaka ko urwo rugomero rutanga umuyagankuba ikeneye cane, mu gihe benshi mu banyagihugu bayo - hafi 60% - batagira amatara.

Ariko iyubakwa rya Gerd ryarateye icuka kibi hagati ya Ethiopia na Misiri - igihugu gicuditse n'ubutegetsi bwa Trump - na Sudan.

Mu gihe mu ntango vyari bitegekanijwe ko rwari kwubakwa mu myaka itandatu ku miriyaridi 4 z'ama dorari, Gerd rwarahurumbiwe cane n'abanya-Ethiopia.

Abategetsi baciye bafatira ngaho mu kwegeranya amafaranga - impapuro z'ingwati zaragurishijwe ku makompanyi, abakozi bemera gutanga amwe ku mishahara yabo, hanyuma abanya-Ethiopia baba hanze kandi basanzwe ari benshi baraterera.

N'ubwo uwo mugambi wacerewe ku gihe wari utegekanijwe kurangukirako, bigatuma urenza n'amafaranga yari ategekanijwe, ntiwahengeshanije kuguma utererwa.

Mu mwaka wo gushika itariki 7 z'ukwezi kw'indwi, hegeranijwe miriyoni 12,3 z'ama dorari avuye mu banyagihugu, nk'uko ibiro mpuzabikorwa vyavuze.