Inga- Umugambi wa mbere munini kw'isi w'urugomero rw'umuyagankuba mu mayirabiri

Amashusho yafatiwe mu kirere y’uruzi Congo n’aya Inga I. Haboneka kandi kubona ivyatsi bitotahaye.

Ahavuye isanamu, Mbelechi Msochi

Insiguro y'isanamu, Inga I na II zubatswe mu myaka ya 1970 na 1980, mu gihe kubaka Inga III vyari vyitezwe gutangura mu 2020
    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi i London na Emery Makumeno i Kinshasa
    • Igikorwa, BBC News

Ubunini bw'urwo ruzi bujana n'imbonakazoza nini.

Hari imigambi yo kwubaka urugomero runini cane, ruzotwara amamiliyaridi menshi y'amadolari ku ruzi Congo - rwoshobora gutanga umuyagankuba ukwiye mu bice vyinshi vyo muri Afrika.

Urwo rugomero rwari kwitwa Grand Inga. Rwari rutegekanijwe kwubakwa muri Republika ya Demokrasi ya Congo, aho rwotanze umuyagankuba ungana incuro zibiri uwutangwa n'urugomero rwo mu Bushinwa rwitwa China's Three Gorges, ivyari gutuma ruba urugomero rw'umuyagankuba rwa mbere runini kw'isi.

Urugomero rwa Grand Inga rwari rwahurumbiwe n'abanyamitahe n'abahinga mu kwubaka ariko imyaka mirongo iraheze ata ntambwe itewe mu kurwubaka, naco ikibanza carugenewe n'ubu kirahangamye.

Mu gihe reta ya Congo ishimika kuvuga ko uwo mugambi ubandanya, awunegura berekana ingene watevye cane, ingene Congo izwi nabi mu bijanye n'intwaro ibereye n'ingaruka mbi zikomeye zishobora kuba ku bidukikije.

Hari kandi n'impungenge ku bijanye n'abafatanyabikorwa mpuzamakungu b'uwo mugambi. Mu ndwi iheze gusa, ishirahamwe ry'Abashinwa rya Three Gorges Corporation, ryarikuye muri uwo mugambi, nk'uko amakuru ava mu begereye uwo mugambi yabibwiye BBC.

Hari kandi rero n'amafaranga menshi, mamiriyari 80 y'amadolari, azotangwa muri uwo mugambi na Congo, kimwe mu bihugu vya mbere bikenye cane kw'isi.

Ariko bamwe bibaza ko abanka uwo mugambi bashira Grand Inga ku rugero rutandukanye n'iyindi migambi minini minini y'ibikorwa remezo. Naho ibikorwa vyo kurwubaka bitaratangura, harabaye mu mwaka uheze amanama n'ibiganiro vyinshi hagati y'abashaka kugira uruhara muri uwo mugambi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nta nkeka ko Grand Inga ari ikenewe. Abantu bashika miliyoni 600 bo muri Afirika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara ntibaronka umuyagankuba, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivyo amasoko ntanganguvu (International Energy Agency), ari na ryo rijejwe gucungera umuyagankuba kw'isi yose. Ni ikibazo gikomeye cane - abakuru b'ibihugu vya Afrika, abahinga, abikorera ku giti cabo n'abafatanyabikorwa mu bijanye n'iterambere muri iyi ndwi baraganiriye kuri ico kibazo mu nama y'amasoko ntanganguvu ya Afrika yabereye muri Tanzania.

Ivy'ukugerageza gutorera umuti iyo ngorane bimae imyaka mirongo biba. Mu ntango z'imyaka ya 2000, RD Congo n'ibihugu bibanyi- Afrika y'Epfo, Angola, Namibia na Botswana - baripfuza ko hojaho intsinga z'umuyagankuba zifasha guahanahana umuriro.

Bararavye ubunini bw'uruzi rwa Congo, barabona ko inguvu z'umukuba w'amazi yarwo zishobora kuvamwo urugomero rw'umuyagankuba runini cane.

Ihuriro mpuzamakungu ryitwa Westcor ryarondera kwongereza ingomero zibiri zari zisanzwe kuri urwo ruzi - Inga 1 na Inga 2.

Umukuru w'igihugu ca RD Congo yamaze igihe kirekire ku butegetsi, Mobutu Sese Seko, ni we yarongoye ibikorwa vyo kuzubaka mu myaka ya 1970 na 1980, ariko mu mpera z'ikinjana, izo ngomero zarabaye imisaka kubera ukubura uburyo bwo kuzibungabunga.

Westcor yahavuye itandukana ariko indoto zabo za Grand Inga ziracahari. Inga 1 na 2 ubu zikora ku bice nka 80% vy'ubushobozi bwazo kandi RD Congo yarateguye imigambi yo kugwiza ubwo bushobozi mu kwongerako izindi ngomero zitandatu kuri urwo ruzi.

Izo ngomero zindi zitegekanijwe gutanga umuyagankuba ushika kuri Megawatts 40.000 umwanya wose - umuyagankuba uhagije ku gisagara ca New York cose mu gihe kitari ic'imbeho.

Biciye muri Inga, RD Congo izogira uruhara rwayo nk'imbarutso ya Afrika... izotuma itera imbere nk'uko ikigo c'ico gihugu kijejwe iterambere n'uguteza imbere umugambi wa Grand Inga kibivuga.

BBC yararondeye ico kigo ku bijanye n'iyi nkuru ariko nticagize ico kibivugako.

Naho hari harategekanijwe ko Inga 3 izoba yahejeje kubakwa mu mwaka wa 2018, n'ubu ibikorwa ntibiratangura.

Kubera ko ata ntambwe iboneka, bigaragaza ko uwo mugambi wadindiye, ariko ubutumwa buherutse gusohorwa na Banki y'Isi yose - ishirahamwe riza imbere mw'iterambere ry'isi yose - buvuga ukundi.

Igishusho cerekana aho Inga 1 na 2 ziri kandi ko urugomero rwa 3 gushika kurwa 8 bizoba biri mu burengero bw’izo zihasanzwe. Irerekana kandi ko ubutaka bwo mu buraruko bw’ingomero nshasha buzorengerwa n'amazi kugira ngo habe ikiyaga.

Mu mpera z'umwaka uheze, iyo banki yatangaje ko isubiye mu biganiro na reta ya Congo, inyuma yo gusubiza inyuma amafaranga yari yageneye Inga 3 mu 2016.

Banki y'isi yose yari yavuze ko hariho "ukutabona ibintu kumwe" ariko inyuma y'imyaka umunani - na Félix Tshisekedi amaze gusubirira Joseph Kabila ku burongozi bwa DR Congo - yaciye yisubirako.

Mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze, Demetrios Papathanasiou, umuyobozi mukuru w'igisata c'amasoko-ntanguvu n'ivy'amabuye y'agaciro muri Banki y'Isi, yabwiye abagize umurwi wo muri Afrika y'Epfo ati: "Ndibaza ko ari ubwa mbere numva ko hari ikintu ciza kigiye gushika. Ndizera ko dushobora kubishikako".

Ico cizere casa n'igifiswe n'abandi. Ihuriro ry'ibigo vy'imari vyo muri Afrika yose - harimwo na Banki ya y'Iterambere - riherutse gukorana kugira ngo rifashe mu kuzana abikorera ku giti cabo muri uwo mugambi.

José Ángel González Tausz, umuyobozi wa AEE Power, ishirahamwe ry'Abanya-Espagne akaba n'umufatanyabikorwa muri uwo mugambi, yabwiye BBC ko Grand Inga imeze nk'inzoka - iri hejuru, iri hasi, iraboneka, ntiboneke".

Mu kwezi kwa Munyonyo (11), Fabrice Lusinde, umuyobozi wa Snel, ishirahamwe rya reta ritanga umuyagankuba muri RD Congo, yavuze ko iyaba ibikorwa vyo kwubaka Inga 3 vyotanguye mu 2026, imoteri zibiri muri zoshobora kuba zatanguye gukora mu 2032.

Inga 3 ubwayo, yitezwe gutanga umuyagankuba ungana na Megawatt 4.800. Afrika y'Epfo, igihugu gihangayikishijwe n'ugucikagurika kw'amatara, yasinye amasezerano y'umwumvikano avuga ko izogura ica kabiri c'uwo muyagankuba.

Abategetsi ba Afrika y'Epfo bavuga ko Inga izokwama itanga umuyagankuba igihe cose kandi wizewe, ariko ababinegura muri ico gihugu bavuga ko umuyagankuba kandi uzimbutse gusumba ushobora kuronderwa ahandi.

Ishirahamwe ryo muri Nigeria Natural Oilfield Services naryo nyene rivuga ko ryasinye ngo ribe umuguzi. Co kimwe na Afrika y'Epfo, Nigeria nayo irafise ubukene bukomeye bw'umuyagankuba.

Biravugwa ko Guinee na Angola navyo birahanze ijisho Grand Inga.

None ni kuki - inyuma y'imyaka mirongo y'ibiganiro - ata ngomero nshasha zirubakwa?

Tausz avuga atarya umunwa ati: ''Ni umugambi wo muri Republika ya Demokarasi ya Congo. Naho uwo mugambi woba ari umwe muri myiza kw'isi yose - ntabwo ufitiwe icizere''.

Haciye imyaka mirongo, RD Congo yaramunzwe n'ibiturire, ubukene bw'ibikorwa remezo n'iterambere rigoyagoya. Intambara zo mu buseruko bw'igihugu na zo nyene zivugwa mu binyamakuru mpuzamakungu - naho Inga iri ku bilometero ibihumbi n'ibihumbi uvuye aho intambara ziri.

Abashoramari na bo nyene "baratinya" kuko Grand Inga izomara imyaka myinshi itarantangura kuzana inyungu. Tausz yongerako ati "ni nde azi ibizoba muri Congo mu myaka 30 iri imbere".

Se wa Tausz yarakoze nk'umuhinga muri Inga 1 mu 1972 - na we nyene avuga kuba reta ya Congo itiyemeza gutanga amafaranga navyo vyatumye umugambi uteba.

Kandi rero hariho n'ikibazo c'abazana imitahe muri uwo mugambi. Mu kwezi kwa mbere mu 2023, umukuru w'igihugu ca RC Congo yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu "kigifise ingorane zo kwegeranya imitahe yo gushora muri urwo rugomero.

Ukwikura mu mugambi kw'ishirahamwe ry'Ubushinwa ryaThree Gorges Corporation kwatumye izo ngorane zirushiriza gukomera. Three Gorges yari umufatanyabikorwa akomeye haba mu bijanye n'uburyo haba n'ibijanye n'ubuhinga muri uwo mugambi utoroshe.

Nk'uko bivugwa n'uwahaye amakuru BBC, atashatse ko amazina yiwe amenyekana, Three Gorges yikuyemwo kuko yari yababajwe n'ingene umukuru w'igihugu ca RD Congo, Tshisekedi, yariko ararongora uwo mugambi.

Nta n'umwe yemeje ku mugaragaro icatumye yikuramwo.

Abakozi bahagaze mu cumba co gucungera ingomero za Inga zari zihasanzwe

Ahavuye isanamu, Mbelechi Msochi

Insiguro y'isanamu, Inga I na II zimaze imyaka myinshi zidakora ku bushobozi bwazo bwose

Pr George Aggidis, umuhinga mu vy'amazi wo muri kaminuza ya Lancaster yo mu Bwongereza avuga ati: "Ariko none, izo ngorane zoba ziri ku rugomero rwa Grand Inga gusa? Oya.''

Avuga ko imyaka myinshi yo guceregwa no guhindura abafatanyabikorwa incuro nyinshi ari "ibisanzwe" ku mugambi munini wo kwubaka urugomero nk'urwa Inga.

Yatanze akarorero k'umugambi w'Ubwongereza witwa Mersey Tidal Project - mu gihe wokorwa neza woba ariwo woba uruzitiro runini kuruta izindi zo kw'isi mu kuzibira amazi y'ibiyaga n'inzuzi. Ico ciyumviro catanguye ubwa mbere mu 1984, hanyuma kirahebwa, mu nyuma kirasubira kiragaruka mu myaka mirongo kuva ico gihe.

Bwana Agidis arabaza ati: "Ivyo bisigura ko hano mu Bwongereza ibintu bitifashe neza?". Avuga ko umugambi wa Inga ushoboka.

Ivyo bibonwa gutyo kandi na Alexander Schwab, umuyobozi w'ishirahamwe rya Andritz ryo muri Autriche ryasinye amasezerano yo gutanga ibikoresho vya Inga 3.

Bwana Schwab avuga ko Andritz yasinye amasezerano n'ubutegetsi bwa Congo ariko ko ata jambo na rimwe arumva kuri uwo mugambi kuva mu 2021.

Asa n'uwutababajwe na gato n'ukutaronka amakuru, avuga ko umwe mu migambi itatu y'ibikorwa renezo wama hari ahantu ''udindirira''.

Ku bwa Schwab, Grand Inga ni "umwe mu migambi minini myiza kw'isi".

Ariko naho nyene ushora kuba umugambi w'akamaro, hariho impungenge zikomeye ku bijanye n'ingaruka uwo mugambi uzogira ku bidukikije no ku mibano.

Ico abantu benshi banegura ni uko urugomero ruzogirira akamaro abaguzi bo muri Afrika y'Epfo n'amashirahamwe ya Congo yimba ubutare, ariko ntiruzogirire akamaro abanye-Congo ubwabo. Nk'abanyagihugu 80 kw'ijana ntibagira umuyagankuba.

Emmanuel Musuyu, umukuru w'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike muri Congo, Corap, avuga ati: ''Inga ntizoha abantu umuyagankuba'' Akeka ko umuyagankuba mwinshi wamaze kwemererwa guhabwa igihugu ca Afrika y'Epfo n'amakompanyi yo kwimba ubutare n'amabuye y'agaciro.

Mu cegeranyo baherutse gusohoka ku bijanye na Inga 3, abategetsi ba RD Congo bemeye ko urugomero "rwonyene rudahagije kugira ngo rushobore gutorera umuti ingorane z'amasoko-ntanganguvu n'iterambere muri RDC", ariko bavuga ko rushobora gukora nk'"igikoresho co gutuma igihugu gihinduka".

Banki y'isi yose yavuze ko iriko irarondera ingene yofasha reta kugira ngo Inga "itange inyungu nyinshi ku bijanye no kuronka amasoko-ntanganguvu".

Imigwi iharanira ibidukikije n'uburenganzira bw'abantu na yo nyene irahangayikishijwe n'uko abantu bashika 37.000 baba mu karere ka Inga bazokwimurwa ata muzibukiro bahawe. Nk'uko bivugwa n'amashirahamwe nka International Rivers be n'aya Observatori del Deute en la Globalització, abantu ibihumbi n'ibihumbi barakuwe mu mihana yabo ku nguvu kandi ntibararonswa umuzibukiro igihe Inga I na II zubakwa.

Bavuga kandi ko izo ngomero zibiri za mbere zononye ibinyabuzima vyo muri ako karere, kandi ko n'izindi ngomero na zo nyene zishobora gukora nk'ukwo nyene.

Musuyu avuga ati: "Bizogira ingaruka zidasanzwe ku mafi no ku bindi bikoko vyose vyo mu mazi... iyo uhinduye uko amazi yahora atemba mu nzuzi, turashobora kubona ubwoko bumwe bumwe bw'amafi buzimangana".

Icigwa cakozwe mu 2018 cerekanye ko imigambi myinshi y'ingomero z'umuyagankuba i Buraya no muri Amerika yateje akaga ibidukikije.

Abategetsi ba RD Congo baremeye ko abantu bazokwimurwa na Inga III, ariko bavuga ko abahaba bazokwimurirwa mu bice bifise ivya nkenerwa, bemera ko "umuzibukiro ubereye" uzotangwa.

Barazi kandi ingorane zishobora kuba ku bidukikije vyo mu karere, bavuga ko isuzuma rigamije kugabanya izo ngaruka rizohera mu myaka ibiri yimirije. Ariko nk'uko bivugwa n'uwahaye amakuru BBC yegereye uwo mugambi, abategetsi ntibararonka uburyo bukwiye bwo gushigikira ivyo vyigwa.

Nimba Grand Inga ata kindi iri muri zuguru zuguru zisanzwe ziranga imigambi ikomeye y'ibikorwa remezo, Banki y'Isi irashobora kuba igifise imvo yo kwizigira.

Ariko urugomero ni umugambi w'ubuhinga utoroshe - usaba ko abafatanyabikorwa bawo benshi gukorana bahuza.

Kuba Banki y'isi yagarutse, igasanga Three Gorges nayo iragiye, vyonyene, vyerekana ko RD Congo ifise ingorane yo gukomeza ubwo bumwe.

Kandi naho RD Congo ifise iryo shaka, kwubaka ntibishobora gutangura kiretse habonetse uburyo.

Gushika ubu, bisa n'uko uwo mugambi w'ubushobozi bwo guhindura ubuzima bw'abantu amamiliyoni muri Afrika, ukiri uko watanguye umeze, imbonakazoza nini.