Amerika igiye kwongereza amatagisi ku bihugu vya Canada, Mexico n'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Peter Hoskins
- Igikorwa, Business reporter
Kuri uyu wa gatandatu, prezida Donald Trump wa Amerika araza kwongereza amatagisi ku gihugu ca Mexique gushika ku 25%, Canada 25%, Ubushinwa 10%, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.
Ariko ku musi wa gatanu, Trump yavuze ko igitoro ca Canada kizoshirwako ikori riri hasi gushika 10%, bishobora kuja mu bokorwa itariki 18 z'ukwezi kwa Ruhuhuma(2).
Prezida yavuze kandi ko ategekanya kuduza amatagisi ku bihugu bigize ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya mu ri kazoza, avuga ko iryo shirahamwe ridafata neza Amerika.
Uwujejwe itangazamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, Kaoline Leavitt yavuze ko Canada na Mexique bizize "ikiyayuramutwe ca fentanyl baretse kigakwiragizwa mu gihugu cacu, cahitanye imiriyoni n'imiriyoni z'abanyamerika".
Trump kandi yagumye asubiramwo ko iyo ngingo ari yo gutorera inyishu igitigiri kinini c'abimukira batagira ivya ngombwa binjiye muri Amerika baciye ku mbibe co kimwe n'amatagisi make atangwa n'ibihugu bibanyi.
Ku musi wa gatanu, Leavitt yabwiye abamenyeshamakuru: "Ibi n'ivyo yari yaremeye, rero prezida ntiyivuguruje."
Mu gihe co kwiyamamaza, Trump yaragabishije kuduza amatagisi ku bintu biva mu Bushinwa gushika ku 60%, ariko ntiyagira ico abivugako kuva ku musi wa mbere agarutse ku butegetsi, ahubwo asaba ubutegetsi bwiwe kuvyigako.
Ibintu Amerika igurira mu bushinwa ntivyiyongereye kuva mu 2018, ivyo abahinga muvyo ubutunzi bavuga ko vyavuye kw'iduzwa ry'amatagisi Trump yashizeho mu gihe c'ikiringo ciwe ca mbere.
Avugira muna ya Davos muri Buswisse, Ding Xuexiang, icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, yavuze ko igihugu ciwe kiriko cihweza inyushu kwunguka kumwe mu ntambara y'urudandaza, kandi ko bashakakwongereza ivyo bakura hanze.
Ubushinwa, Canada na Mexique bisangiye urudandaza na Amerika, aho ivyo vyakuye muri ico gihugu mu mwaka uheze bigera ku 40%, hakaba hari ubwoba ko ayo matagisi mashasha ashobora gutuma haba intambara ikomeye y'ubudandaji hamwe no gutuma ibiciro biduga muri Amerika.
Ku musi wa gatanu, umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau yagize ati:"Si vyo twipfuza, ariko abibandanije, natwe tuzofata ingingo."
Ibihugu vya Canada na Mexico biza vyaramaze kuvuga ko bizishura kuri ayo matagisi mu gufata ingingo ku ruhande rwavyo, mu gihe ariko bigerageza guhumuriza Amerika ko biriko birafata ingingo zo gutorera inyishu ibazo birangwa ku mbibe zavyo.
BBC yaravuganye n'ubuserukizi bw'Ubushinwa muri Amerika kugira bagire ico babivuzeko.
Mu gihe igitoro kiva muri Canada na Maxique cokongerezwako amatagisi, bishobora kugira ingaruka kuvyo Trump yari yiyemeje vyo kugabanya ibiciro.
Ayo matagisi n'ayo ku bidandazwa vyakorewe hanze.
Mu majambo make, kwongereza amatagisi ku bintu biza mu gihugu bisigura ko abantu batazobigura kuko bizoba bizimvye.
Intumbero n'iyo uko abantu bagura ibintu vyo mu gihugu bizimbutse - bagateza imbere ubutunzi bw'igihugu.
Ariko amatagisi ku bitoro ashobora kugira ingaruka ku badandaza n'abaguzi, ibishobora kwongereza ibiciro ku intu cose kuva kubiro gushika ku bintu bitobito.
Ibice 40% vy'igitoro gica muri Amerika kitarahingurwa kiba kivuye hanze, kandi cinshi kiba kivuye muri Canada.
Ku musi wa gatanu, Trump yaremanze ko ukwiyongera kw'amatagisi rimwe rimwe kugira ingaruka ku baguzi kandi ko imigambi yiwe ishobora gutera ikibazo mu kiringo c'umwanya muto.
Mark Carney, yahoze arongoye banke nkuru za Canada n'Ubwongereza yabwiye BBC Newsnight ku musi wa gatanu ko ayo matagisi azogira ingaruka ku kwiyongera k'ubutunzi n'ibintu biduge agaciro cane.
"Bizokwonona isure ya Amerika hirya no hino kw'isi;" uko ni ko Carney asanzwe ariko aritoreza gusubirira umushikiranganji wa mbere Trudeau mu mabanga yo kurongora umugambwe Liberal Party yavuze.













