Ivyigwa vya Kruger National Park: Ibikoko biratinya amajwi y'abantu gusumba ayo intare

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivyigwa vyakozwe mu gihugu ca Afrika y'Epfo vyasanze amajwi y'abantu atera ubwoba cane ibikoko gusumba amajwi y'intare.
Abahinga baravugije amajwi bafashe y'abantu bariko baravuga bisanzwe aciye mu ndangururamajwi zinyegeje mu binogo vy'amazi mu ruhongore kama rwa Kruger.
Ibikoko bishika 95% vyaragize ubwoba cane ubwo nyene bica birahunga vyihuta.
Bitandukanye, amajwi y'afashwe y'intare iriko iraroha yabiteye ubwoba buke.
Amajwi y'abantu batoranije kuvuza harimwo indimi zisanzwe zivugwa muri ico gihugu.
Zimwe mu nzovu, zumvise amajwi y'intare, ziranagerageza gucunga cane aho ayo majwi aturuka.
Ivyo ivyo vyigwa vyatoye vyerekana ko ibikoko, harimwo impongo, inzovu, umusumbarenge, ingwe, ingurube y'ishamba/ isatura, bitahura ko kwegera abantu vyobibangamirwa cane kubera uruhigi, ikoreshwa ry'inkoho n'imbwa kugira babifate.
Ubwoba bwagaragaye buri n'ahandi atari mu ruhongore kama rwa Kruger gusa, aho vyerekana ko, uko ibintu vyifashe kw'isi, ibikoko vyo mw'ishamba bisa n'ibitinya abantu gusumba ibindi bikoko vyose nk'uko vyerekanwa n'ivyo vyigwa.
Abakoze ivyo vyigwa basanze ivyo bitera ikibazo mu turere tubayeho kubera abakerarugendo baza kuraba ibikoko, kuko abo baje kuratira ijisho baca batera ubwoba ivyo bikoko baba baje kuraba.
Ariko ivyo batoye vyuguruye inzira yo gukingira ibikoko bigeramiwe.
Amajwi y'abantu, akoreshejwe mu buryo bwiza, ashobora gufasha mu kugwanya uruhigi rudakurikije amategeko.










