Uruhongore rw'ibikoko rwo mu Misiri rwagirizwa gusiga irangi indogonbwe mu kuzihindura imparage

Uruhongore rw'ibikoko rw'i Kayiro rwahakanye ko rwasize irangi ryirabura iyi Ndogobwe

Ahavuye isanamu, Mahmoud A Sarhan

Insiguro y'isanamu, Uruhongore rw'ibikoko rw'i Kayiro rwahakanye ko rwasize irangi ryirabura iyi Ndogobwe

Uruhongore rw'ibikoko rwo mu gisagara ca Kayiro rwarahakanye rurarengwa ko rutasize irangi ryirabura indogobwe kugira ise n'imparage inyuma y'aho ifoto y'ico gikoko igaragariye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Umunyeshure Mahmoud Sarhan yashize izo foto ku rubuga rwa facebook inyuma yo gutemberera urwo ruhongore kama rw'i Kayiro - International Garden municipal park.

Uretse ko ico gikoko cari gito, amatwi yaco ni maremare kandi arashinze, kandi cari gifise n'irangi mu maso.

Izo foto zarakwiragiye vyihuta ari na ko abahinga babandanya bavugana ivyerekeye ico gikoko.

Umuganga w'ibikoko yabajijwe n'imboneshakure yo muri ako karere yavuze ko umunwa w'imparage wirabura, imirongo yayo na yo ikaba ikurikirana kandi isa.

Sarhan yabwiye Extranews ko yasanzeho ibikoko bibiri gusa muri ico kibanza kandi vyose vyari bisinzwe irangi.

Izuru ry'imparage ririrabura, amatwi na yo ni magufi gusumba ayo indogobwa.
Insiguro y'isanamu, Izuru ry'imparage ririrabura, amatwi na yo ni magufi gusumba ayo indogobwa.

Uwurongoye urwo ruhongore yavuze ashimitse ko ico gikoko kitahinduwe aho yavugana na radiyo Nogoum FM.

Si ubwa mbere abarongoye imbuga kama bagirizwa gushaka guhenda abantu,

Inyuma yo kunanirwa kurenga ku mategeko ya Israel, uruhongore kama rwo mu karere ka Gaza rwarasize indogombwe zibiri kugira zise n'imparage mu 2009.