Korea ya Ruguru yagerageje misire incuro zitandatu mu ndwi zibiri

Abanyagihugu ba Korea y'Epfo bavyukiye ku makuru avuga ko Korea ya Ruguru yarashe ibindi bisasu vya misire za hafi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu ba Korea y'Epfo bavyukiye ku makuru avuga ko Korea ya Ruguru yarashe ibindi bisasu vya misire za hafi

Na Jean Mackenzie & Frances Mao

Abanyamakuru ba BBC Seoul

Korea ya Ruguru yarashe ibindi bisasu vya misire bibiri kuri uno wa kane - ikaba ibaye incuro/inshuro ya gatandatu igerageza ibi bisasu bibujijwe mu kiringo kiri musi y’indwi zibiri.

Ejo ku wa gatatu, Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yavuze ko kurekura ibi bisasu ari “ingingo zo kwihora” imyimenyerezo rusangi ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea y’Epfo.

Ku wa kabiri, Pyongyang yarashe igisasu ca misire hejuru y’Ubuyapani, ivyatumye Amerika isaba inama yihuta y’Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano.

Muri iyi nama, Amerika yagirije Uburusiya n’Ubushinwa ko bukingira Korea ya Ruguru kugira ntifatirwe ibihano ruhasha.

Uwuserukira Amerika muri ONU avuga ko mu kwanka ibindi bihano, Uburusiya n’Ubushinwa “biyaye impigi” Pyongyang.

Abaserukira ibi bihugu bibiri ntayegayezwa mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano bavuga ko gukomeza ibiganiro ari yo nzira nziza gusumba ibihano.

Mu mezi abiri aheze, Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani vyakoreye hamwe imyimenyerezo rusangi mu ntumbero yo kwimenyereza gutsinda no gutesha igitero cova muri Korea ya Ruguru.

Iyi myimenyerezo yashavuje indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un, ayibonamwo nk’icemezo ko abansi biwe bariko bitegurira intambara.

Mw’itangazo, Korea ya Ruguru yagiriza Amerika gutuma “icuka kibi kirangwa kuri ico kigwa ca Korea mu rwego rwa gisirikare cunyuka”.

Ejo ku wa gatatu, Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani vyarabandanije imyimenyerezo, bivuga ko yari iyo kwihora Korea ya Ruguru ku gisasu yari yateye ku wa kabiri.

Amerika kandi yasubiye kurungika ubwato butwara indege z’intambara USS Ronald Reagan hafi y’ikigwa ca Korea.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Korea y’Epfo n’Ubuyapani bivuga ko igisasu ca mbere ca misire zarashwe kuri uno wa kane cashitse ku birometero 350, congera kigera ku burebure bw’ibirometero 100 uja hejuru, mu gihe ica kabiri cari kuguruka gushika ku birometero 800 be no ku birmetero vyababa 50 uja hejuru.

Uru rukurikirane rw’ibisasu biherutse kuraswa rwibutsa igihe c’imbere y’igerageza rya nyuma ry’ikirwanisho c’ubumara mu 2017.

Ico gihe, nk’uko biriko biragenda ubu, Korea ya Ruguru yagerageje ibisasu vya misire, nta biganiro na Amerika vyari bwabe, hanyuma Pyongyang itera ibisasu bibiri vya misire hejuru y’Ubuyapani.

Amasanamu y’ibigendajuru yerekana ko Korea ya Ruguru iriko irasanura imyobo yayo yo ku kigo c’igeragerezo ry’ibirwanisho vya nikleyeriyari yavuga ko yasambuye mu 2018 igihe haba ibiganiro vy’akanya gato na Amerika ku ntwaro ya Perezida Trump.

Mu kwezi guheze, Korea ya Ruguru yasubiyemwo amategeko yayo ajanye na nikleyeri, aho indongozi yayo Kim Jong Un yatangaje ko igihugu ciwe kigiye ku rutonde rw’ibihugu bitunze ibirwanisho vy’ubumara “ubutagisubira inyuma”.

Mu gihe ubu ibintu vyose bitunganye, Kim asa n’uwurindiriye akanya keza ka poritike kugira ngo agerageza ikindi gisasu ca nikleyeri ku ncuro igira indwi.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko igikorwa co kugerageza iki gisasu gishobora kuba mu kadirisha k’indwi zitatu hagati y’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe wa Gikomunista w’Ubushinwa mu mpera za kuno kwezi hamwe n’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka muri Amerika mu ntango za Munyonyo (11).

Ibisasu biherutse guterwa na Korea ya Ruguru

  • Ku wa Mungu 25 z’ukw’icenda: Misire ya hafi yaratewe umusi umwe inyuma y’aho ubwato bw’intambara bwa Amerika bushikiye mu mazi yo mu micungararo y’ikigwa ca Korea. Cageze ku ntera y’ibirometero 600 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 60 uja hejuru.
  • Ku wa gatatu 28 z’ukw’icenda: Misire zibiri za hafi zaratewe buca icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris agendera Seoul na ka karere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) kagabura Korea y’Epfo na Korea ya Ruguru. Cageze ku ntera y’ibirometero 360 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 30 uja hejuru.
  • Ku wa kane 29 z’ukw’icenda: Ibisasu bibiri vya misire za hafi vyararashwe inyuma y’aho Harris aviriye muri Korea y’Epfo. Cageze ku ntera y’ibirometero 300 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru.
  • Ku wa gatandatu 01 z’ukw’icumi: Ibisasu bibiri vya misire vya hafi vyararashwe mu gihe hariko habandanya imyimenyerezo rusangi ya Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani. Vyageze ku ntera y’ibirometero 400 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru.
  • Ku wa kabiri 04 z’ukw’icumi: Igisasu co ku ntera yo hagati na hagati cararashwe hejuru y’Ubuyapani. Cageze ku ntera y’ibirometero 4500 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 2800 uja hejuru.
  • Uno musi ku wa kane 06 Gitugutu: Ibindi bisasu bibiri vya hafi vyarashwe. Vyageze ku ntera y’ibirometero 800 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru.