Uwagirije Biden ko yamukoreye ihohotera rifatiye ku gitsina ariko arondera ubwenegihugu bw’Uburusiya

Tara Reade

Ahavuye isanamu, Max Whittaker/New York Times/Redux/eyevine

Insiguro y'isanamu, Tara Reade ni umwe mu bagore bagirije Biden mu 2019 na 2020 ko yabakorakoye, akabahobera canke kubasoma mu buryo butabereye
    • Umwanditsi, Fiona Nimoni
    • Igikorwa, BBC News

Umunyamerikakazi yagirije Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko yigeze kumukorera ihohotera rishingiye ku gitsina yarahungiye i Moscou akaba ariko ararondera ubwenegihugu.

Avugana n’ikinyamakuru cegamiye reta y’Uburusiya, Tara Reade w’imyaka 59 avuga ko yumva atekaniwe muri iki gihugu kandi ko yipfuza kwigumirayo.

Reade avuga ko Biden yamukoreye ihohotera rishingiye ku gitsina igihe yakora mu biro vyiwe nk’umushingamateka mu 1993.

Biden arahakana yivuye inyuma ibi birego. Ati: "Nta gushidikana, nta na rimwe ibi vyigeze biba”.

Reade yakoze nk’umufasha wa Biden igihe yari umukenguzamateka wa w'intara ya Delaware.

Reade yaravuzwe cane mu 2020 igihe c’imyiyamamazo y’umukuru w’igihugu, aho yavuga ko Biden yamufatiye muri corridor mu ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol Hill) igihe yari afise imyaka 29.

Avuga ko yamufyondeye ku ruhome akinjiza ibiganza vyiwe mw’ishati n’ijipo.

Ikinyamakuru The Guardian gisubiramwo amajambo umupfasoni Reade yabwiye ikinyamakuru Sputnik ati: "Igihe nururuka indege i Moscou, ku ncuro ya mbere inyuma y’igihe kinini numvise mfise umutekano kandi nubashwe”.

Avuga ko yavuye muri Amerika inyuma y’aho umunyaporitike w’Umurepubulikani amubwiriye ko umutekano wiwe ubangamiwe.

"Nipfuza gusaba ubwenegihugu, nkabusaba umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin... ndiyemeje kuzoba umwenegihugu mwiza”, niko Reade avuga, akongerako y’uko yizeye ko azogumana ubwenegihugu bwa Amerika.

Umupfasoni Reade yari umwe mu bagore batari bake bahagurutse mu 2019 na 2020 bagiriza Biden ko yabakorakoye, akabahobera canke kubasoma mu buryo butabereye.

Avuga ko yari yaramwitwariye, n’aho ata na hamwe ibi biboneka kandi bikaba bitazwi nimba hari amatohoza yakozwe.

Umuvugizi wa Biden avuga ko yemeza y’uko abagore “bafise uburenganzira bwo kwumvirizwa” ariko ko ibi bintu bimuvugwako “bitigeze biba na rimwe”.