Joe Biden: "Ivyiyumviro vya Trump birageramiye demokrasi ya Amerika"

Joe Biden i Philadelphia ku wa 01/09/2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Abashigikiye umugambi wa Trump “Make America Great Again” (Maga) barageramiye demokrasi, vyaraye bivuzwe n’umukuru wa Amerika Joe Biden.

“Abashigikiye Maga bashaka gusubiza iki gihugu inyuma,” niko Biden yavuze mw’ijambo yashikirije mu gihe tevelivison iba iriko irarabwa n’abantu benshi cane, akaba yari muri Pennsylvania.

Umukuru w’aba-Republicain (umugambwe wa Trump) Kevin McCarthy, nawe yarashikirije ijambo ryiwe, avuga ko Biden “yakomerekeje cane umushaha wa Amerika”.

Ayo majambo abiri abangabanganwa yavuzwe mu gihe hasigaye amezi abiri ngo habe amatora yo hagati mu kiringo (mid-term canke mi-mandat) , amatora avamwo kubona ingene ubwiganze bumeze mu butegetsi bwa Washington.

Prezida wa Amerika ijambo ryiwe yarishikirije ku wa kane mw’ijoro ari ahitwa Independence Hall muri Philadelphia, ahashiriwe umukono kw’itangazo ry’ukwikukira kwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yagarutse ku civuga ciwe co mu matora yo mu 2020 co kugarukana ”umushasha wa Amerika”.

Yavuze ko atiyamiriza Abanyamerika bose bashika miriyoni 74 batoye Trump haraheze imyaka ibiri.

Yavuze ati: “Umu-Republicain wese si umu-Maga, mbere n’ubwiganze bw’aba-Republicain si aba-Maga”.

 Yabandanije ati: “Ariko si ivyo kubaza, ubu umuganbwe w’aba-Republicain wifatiwe kandi ugoswe na Trump n’aba-Maga, ivyo rero birageramiye igihugu.”

Biden yavuze ko abashigikiye Trump bibaza bibaza ko abateye Capitol mu mwaka uheze ari abakunda igihugu aho gufata ko ari abagumutsi.

Yabandanije ati: “Mu gihe kitari gito, twagumye twibaza ko demokrasi ya Amerika ataho ikija. Ivyo si vyo. Dutegerezwa kuyirwanira. Kuyikingira. Tukayihagararira. Umwe umwe wese muri twebwe.”

Yishura, Trump yashigikiye icivugo ciwe ca Maga hanyuma avuga ko umukeba wiwe ari we “ageramiye Amerika”.

Mu gihe cose Biden yariko arashikiriza ijambo, hari umuntu yagumye avuza inzamba, nk’uko bivugwa n’umunayamakuru wa BBC yari ahari.

Prezida Biden yagize ico abivugako kabiri, irya kabiri avuga ati :” Bafise uburenganzira bwo kurakara. Iyi ni demokrasi.”

Biden yashitse ku butegetsi avuga ko aje kwunga igihugu, agize igihe yakajije imvugo yiwe ku bashigikiye Trump.

Ku ndwi iheze, Biden yagereranije ico yise aba-Republicain bakaze no kuba begeranye na “faschism”.

Aba-Republicain bashaka ko Biden asaba imbabazi

McCarthy, arongoye aba-Republicain ubu badafise ubwiganze mu nama nshingamateka, yari yavuze imbere, ari mu gisagara c’amavukiro ca Biden ca Scranton muri Pennsylvania.

Uwo mushingamateka wo muri California yavuze ko umukuru w’igihugu “yahisemwo gucanishamwo, gutesha agaciro benewewabo b’abanyamerika”.

“Kubera iki? Ni ukubera batemera imigambi yiwe. Ubwo si uburongozi.”

Yasavye Biden “gusaba imbabazi ku kwambika ibara miriyoni z’abanyamrika mu kubita aba-faschist”.

Umukuru w’aba-Republicain yavuze ko ubutegetsi bwa Biden bwatumye abanyamerika bugarizwa n’iduga ry’ibiciro, imbibe zuguruye, amashure yugawe mu gihe ca Covid aguhangabanya ivyigwa vy’abana, ukuva muri Afghanistan kwabaye mu kajagari , hamwe n’ubwicanyi mu gihugu kuruta ikindi gice cose mu myaka 20.

Kevin McCarthy

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umu-Republican Kevin McCarthy avugana n'abamenyeshamakuru mu kwezi giheze

Yabandanije ati: “Mu myaka ibiri iheze, Joe Biden yarabbaje umushasha wa Amerika, abanyagihugu bayo, amategeko yayo, n’ingengagaciro za mbere ntakorwako. Yarababaje, imigambi yiwe yarakomerekeje cane umushasha wa Amerika, isubiza hasi agatima ka Amerika kandi arahemukira icizere ca Amerika.

Trump nawe yongereje ikineguro kw’ijambo rya Biden mu butumwa yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe.

Yanditse ati: “Niba adashaka gusubiza Amerika kuba igihangange, ivyo navyo mu majambo, mu bikorwa, mu vyiyumviro akaba atabishaka, aho rero nta nkeka ntakwiye kuva ahagarariye Reta Zunze za Amerika.”

Uko abatora babibona

Ariko abitaba amatora bavuganye na BBC mu gisagara gitoya ca Newfoundland ku 190km mu buraruko bw’aho Joe Biden yavugiye ijambo, nta mpungenege berekanye zo kuba demokrasi igeramiwe nk’uko yabivuze.

Igiciro c’ibitoto niwo wari umwitwarariko w’abanyamerika aho bari mw’ihayanishwa muri iyo ntara. Abanyamerika benshi berekanye ubudasa bw’ubutunzi mu gihe ca Trump n’ubu.

Ariko hari umuntu yavuze ko yabaye umu-Republicain ubuzima bwiwe bwose yavuze ko atazokwigera atora Trump canke abo bose azoba ashigikiye.

Izina rya Trump nta na hamwe rizoba ryanditse ku mpapuro zo gutora, ariko kuba ahari ntibizohara.

Mu mpera z’iyi ndwi niwe azoba arongoye ikoraniro rya poritike mu karere ka Scranton.

Benshi mu ba-Republicain bitoza muri iyi ntara baronse amajwi yo kwitoza kubera bashigikiwe n’uwo yahora ari umukuru w’igihugu.