Nyamugigima ya Turukiya: Christian Atsu n’ubu nta gakuru kiwe

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency
Wa mukinyi w’umupira w’amaguru Christian Atsu wo muri Ghana ntarashobora kuboneka inyuma ya nyamugigima ya Turukiya iherutse kwiha inkumbi ku wa 06 Ruhuhuma, nk’uko bivugwa n’umuserukizi wiwe.
Atsu ntarashobora kuboneka kuva iyi nyamugigima yatumye inzu yabamwo mu gisagara ca Hatay ibomoka.
Mu ntango, umurwi wiwe Hatayspor wari wavuze ko yarokowe “yakomeretse”, ariko haciye umusi amakuru yaciye ahinduka.
Nana Sechere asanzwe ari Hatay, yavuze ko bashoboye kubona icumba Atsu yarimwo kandi ko batoye ibirato vyiwe.
Uyu muserukizi wiwe avuga kandi ko camera zifata amashusho yo mu bushuhe zerekana ibimenyetso “vy’abantu bashika batanu bakiri bazima” musi y’ibihomoka, ariko ko zidashobora kwerekana neza ibi bimenyetso.
Avuga kandi ko “ibintu bigenda bukebuke cane” kandi ko bakeneye “n’ubundi bufasha, harimwo no kuronswa umusiguzi [traducteur]”.
Avuga kandi ko “bibabaje” kubona umurwi wa Turukiya Atsu akinira “utari kumwe natwe hano mu rugamba rwo kurondera Christian”.
Ati: "Igihagararo cabo n’ijambo bafise, bifatanije n’uko basanzwe bazi akarere, vyofasha cane”.
Mu ndwi iheze, umugore wa Atsu, Claire Rupio, yasavye ko horungikwa ibikoresho ku nzu yabamwo yabomotse.
Ejo ku wa kabiri, Sechere yanditse kuri Twitter ati: "Haraciye imisi umunani inyuma y’iyi nyamugigima kandi ntiturashobora gutora Christian.
"Ndi aho iyi nyamugigima yabereye i Hatay kumwe n’umuryango wa Christian. Ivyo tubona biteye ubwoba kandi birateye intuntu ku bantu bose bashikiwe n’ivyago”.
Atsu yaba muri iyo nzu kumwe n’abandi bakinyi bakinana hamwe na bamwe mu bakozi b'umurwi wa Hatayspor.
Umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi muri uyo murwi, Taner Savut, na we nyene ntarashobora kuboneka.
Bamwe mu bacitse kw’icumu baracatabarwa inyuma y’izi nyamugigima zateye ubumanuko bwa Turukiya hamwe n’uburaruko bwa Syria, zikaba zivugwa ko zahitanye abantu barenga 40.000.










