Uwaregwa kugaburira ingurube ibiziga vy'abiraburekazi muri Afrika y'Epfo aridegemvya.

Adrian De Wet avuga ko yagaburiye ingurube abantu atabigomba

Ahavuye isanamu, Nomsa Maseko/BBC

Umushikirizamanza wa leta ya Africa y'Epfo yakuye ku mugaragaro ibirego ku muntu umwe w'umworozi ari mu bakozi bagirizwa kwica abagore b'abirabure babiri imirambo yabo akayigaburira ingurube.

Adrian de Wet yari umwe mu bagabo batatu bagirizwa icaha co kwica inyuma y'uko Maria Makgato w'imyaka 45 na Lucia Ndlovu w'imyaka 34 bicwa mu gihe bivugwa ko bariko bararondera ibifungurwa mu rwuri rw'ingurube hafi ya Polokwane mu ntara yo mu buraruko ya Limpopo muri Afrika y'Epfo mu mwaka uheze.

Imibiri yabo bivugwa ko yahawe ibikoko mu bisa n'ukugerageza gufuta ivyemezo.

Bwana De Wet w'imyaka 20 yabaye icabona c'ubushikirizamanza igihe urubanza rwatangura ku musi wa mbere akavuga ko nyene urwo rwuri Zachariah Johannes Olivier, yarashe akica abo bagore babiri.

Bwana De Wet, acungera urwo rwuri azotanga ubuhamya avuga ko yabikoze atabigomba igihe yategekwa kujugunya imibiri yabo mu rwuri rw'ingurube rwugaye , nkuko bivugwa n'impande zose arizo ubushikirizamanza n'umushingwamanza wiwe.

William Musora w'imyaka 50, uwundi mukozi w'umworozi niwe yagrijwe ubugira gatatu. We na Olivier w'imyaka 60 ntibaraburana kandi baracafunzwe.

Abashingwamanza ba Bwana De Wet bavugako yashikirije mukuri ivyabaye mw'ijoro mu gihe abagore Makgato na Ndlovu bapfa mu kw'umunani mu 2024.

Mu kanya gato urubanza ruhejeje kwungururizwa ku musi wa gatatu, yasohotse sentare yidegemvya ajanwa n'abashingwamanza biwe mu gihe musaza w'umuhisi Makgato, Walter Makgato yaririra hanze y'inyubako ya Sentare.

Yabariye bbc ko kurekura umwe mu bakekwako kugira uruhara mu rupfu rwa mushikiwe bisigura ko batazoronka ubutungane.

Bwana De Wet azoshirwa mw'ibohero akingirwamwo gushika urubanza ruhere.

Urwo rubanza rwakuruye umubabaro muri Africa y'Epfo rushira imishamirano ihagaze ku rukoba hagati y'abazungu n'abirabure ku yindi ntera.

Ibi bikomeye cane cane mu banyagihugu ba Africa y'Epfo baba mu misozi naho haheze imyaka 30 intwaro karyanishamiryango yaraheze.

Menshi mu matongo ari mu minwe y'inkehwa z'abazungu, mugihe benshi mu bakozi bo muri ayo matongo ari abirabure kandi bahembwa nabi, bigakurura ishavu mu bantu babirabure, mu gihe benshi mu borozi b'abazungu bidogera urugero runini rw'ubwicanyi.

Urubanza bitegekanijwe ko ruzosubira gusasa italiki 6 z'ukwa cumi.