Umuririmvyi w'indirimbo zihayagiza Imana aragirizwa kwicisha umukunzi wiwe muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
- Igikorwa, BBC News
Sentare yabwiwe ko umuririmvyi w'indirimbo zo guhayagiza Imana Kelly Khumalo yategetse iyicwa ry'uwari umukunzi wiwe, rurangiranwa mu mupira w'amaguru, Senzo Meyiwa.
Meyiwa yararashwe mu gihe yariko aragerageza gutabara Khumalo atewe n'abasuma bitwaje inkoho mu 2014. Abantu batanu bakekwako ico caha barahagaritswe mu 2020.
Ku musi wa gatatu, umukuru w'abagira amatohoza Bongani Gininda yabwiye sentare nkuru ya Gauteng, ko Khumalo ari we "yagize amasezerano yo kumwicisha".
Umuvugizi wa Khumalo yabwiye BBC ko "bafise icizere ku kungene urubanza ruriko ruragenda."
Yongeyeko ko Khumalo adashobora kugira ico avuze ariko ko "abamuburanira bariko barakurikirana uko ibintu vyifashe."
Urubanza rw'abagirizwa iyicwa rya Meyiwa, yahoze ari kizigenza w'umugwi nserukiragihugu n'umunyegori wa Orlando Pirates, ruriko rurakurikiranwa n'igihugu cose.
Khumalo yatanguye kwikekwa ubwa mbere ko afise uruhara muri urwo rupfu inyuma y'aho habonekeye impapuro z'ibanga z'igipolisi mu 2020 inyuma y'ihagarikwa ry'abo bagabo.
Ico gihe, uwumuburanira yabwiye ibinyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo ko uwo muririmvyi w'indirimbo zihayagiza Imana "atazi na gato" abo bagabo batanu.
Gininda yabwiye sentare ko umwe mu bagirizwa yavuze, mu vyo yiyemereye we nyene, ko Khumalo yabahaye itegeko ryo kwica Meyiwa.
Uwurongoye amatohoza kandi yavuze ko Khumalo yagumye avugana n'abo bakekwa gukora iryo bara aciye "kuri terefone".
Mu mwaka uheze, Colonel Lambertus Steyn wo mu gisata kigira amatohoza ku manza zitarangiye (National Cold Case Investigation Unit/Unité nationale d'enquête sur les affaires non résolues) yavuze ko Khumalo yavuganye n'umwe mu bagirizwa urwo rupfu incuro zibiri imbere y'uko Meyiwa yicwa.
Hambavu y'ivyo, Khumalo yari afise kandi mw'iterefone yiwe ifoto y'amafaranga ari mu gafuko kabonerana - ifoto yasanzwe kandi muri terefone y'umwe mu bagirizwa icaha.
Sentare rero ubu iriko irihweza nimba ivyo abaregwa bemeye vyokwisungwa mu guca urubanza. Babiri mu bagirizwa bavuga ko ivyo bemeye, bavyemejwe ku nguvu.
Khumalo na Meyina bari bafitaniye umwana umwe.
Ariko Gininda avuga ko bari baratandukanye.
Yavuze ko Khumalo "yamwanka urunuka ko yashaka kumwikurako."
Yongeyeko ko "ubutumwa bwahererekanywe" hagati ya Khumalo na mwenewabo bwo kuva mu 2013 bwerekana ko yashaka kumuheba.










