Indege y'umukuru w'inama ya EU Ursula von der Leyen bikekwa ko yaburagijwe n'Uburusiya

Umukuru w'inama y'Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen ariko aravugira imbere ya mikoro (Microphone). Afise umushatsi mugufi, yambaye ikoti y' ubururu n'agashati k'ubururu bw'ijuru rikeye, inyuma yiwe hari idarapo y'Ubumwe bwa Bulaya izinze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Von der Leyen yari mu rugendo mu bihugu vy'ubuseruko biri mu Bumwe bwa Bulaya, yariko yerekeza muri Bulgaria
    • Umwanditsi, Maia Davies
    • Igikorwa, BBC News

Inama y'Ubumwe bwa Bulaya imenyesha ko uburyo bwo gutora inzira mu kirere bw'indege yari ireruye Ursula Von der Leyen bwahungabanijwe n'ibikekwa ko ari kuvogerwa n'Uburusiya.

Umuvugizi w'uwo muryango avuga ko, uko guhakwa kubura inzira, biturutse kukuzibira uburyo busanzwe bukoreshwa mu kubona aho indege yerekeza bifashishije ubuhinga bwa none bw'itumanako 'canke GPS jamming', kwabaye igihe yari ashitse hafi y'ikibuga c'indege muri Bulgaria ejo ku munsi w'Imana, ariko yarashoboye kwururuka neza.

Bongera ko bati: "Twaronse amakuru aturutse mu bategetsi ba Bulgaria avuga ko bakeka ko ivyo vyatumwe n'ukuvogera kudaseswa Uburusiya bwakoze kuri iyo ndege."

Ikinyamakuru The Financial Times, gisubiramwo amajambo y'abategetsi, kivuga ko indege ya Von der Leyen vyabaye ngombwa ko igwa ku kibuga ca Plovdiv yifashishije igicapo c'amakarata ndondabihugu.

Inama y'Ubumwe bwa Bulaya imenyesha ko "gukangira no gutera impungenge ari bimwe mu birwanisho Uburusiya bukunze gukoresha igihe cose" kandi ko ivyo vyabaye bizotuma Ubumwe bwa Bulaya bukomeza ahubwo uburyo bwo kwikingira no gushigikira Ukraine."

Leta ya Bulgaria iremeza ko mu gihe iyo ndege yari mu nzira "icuma ca satllite gitanga amakuru y'aho indege igeze mu kirere -GPS- cari caburijwemwo kitashobora gukora."

Itangazo rya leta ribandanya rivuga ko: kugirango indege ishobore gushika hasi neza, abajejwe kugenzura ikirere baciye bayereka iyindi nzira bifashishije ivyuma vyo hasi."

Umuvugizi w'Ubutegetsi bw'Uburusiya Dmitry Pestov, yabwiye ikinyamakuru FT ko ayo makuru atari ayo ukuri.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abakuru bajejwe kugenzura ivy'indege muri Bulgaria babwiye ico kinyamakuru ko ivyo kuzibira uburyo bw'itumatumanako butuma indege zibona inzira -GPS jamming- bwagiye bwiyongera kuva muri Nzero 2022.

Abahinga bari bamaze kugabisha ko Uburusiya bumaze kuja buraburagiza uburyo bw'itumanako bwa satellite, ivyo bikagira ingaruka ku bihumbi vy'ingendo z'indege za gisivile.

Cyrille Rosay, umukuru mu bahinga bajejwe umutekano kuri internet (cybersecurity) mu gisata c'ingendo z'indege co mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya (European Union Aviation Safety Agency -EASA) yabwiye BBC ko ibintu vyagiye kuyangara kuva aho Uburusiya butanguriye intambara yeruye muri Ukraine.

Ubutegetsi bwa Moscow bwakomeje guhakana ko bwakorakoje ubwo buhinga bwa satellite, bukoreshwa mu kumenya aho indege ya Von der Leyen yari igeze, mu gihe yariko yerekeza muri Bulgaria mu rugendo rwo mu bihugu vyo mu buseruko bw' Ubumwe bwa Bulaya, aho yari agiye mu biganiro vyerekeye kumenya aho bagejeje kwitegura mu buryo bwo kurinda umutekano.

Umuvugizi w'iyo nama y'Ubumwe bwa Bulaya yavuze ko "yiboneye ubwiwe ibikorwa vy'Uburusiya nka ben'ivyo vyo kudurumbanya ababanyi bayo" muri ico gihe c'urugendo rwiwe.