Ica kabiri c'ababa kw'isi bashobora kuzoba bafise ibiro vy'umurengera gushika 2035

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Alys Davies
- Igikorwa, BBC News
Ihuriro ry’abafise ubuvyibuhe burenze urugero kw’isi rigabisha ko abarenga ica kabiri c’abantu bose kw’isi bazoba bari mu rwego rw’abafise ubuvyibuhe burenze urugero canke bafise ibiro vy’umurengera mu gihe atacokorwa.
Abarenga imiriyaridi zine bazoba bafise iyo ngorane, mu gihe ibitigiri bigenda vyiyongera mu bana, nk’uko biri mu cegeranyo c’iri huriro rizwi nka Fédération Mondiale de l'Obésité/World Obesity Federation.
Ibihugu bifise ubutunzi buri hasi canke buciriritse muri Afrika na Aziya vyitezwe kubona ibiharuro biri hejuru gusumba ibindi.
Iki cegeranyo kibona ko ikiguzi c’ubuvyibuhe burenze kizorenga imiriyaridi ibihumbi bine vy’amadorari y’abanyamerika ku mwaka gushika 2035.
Umukuru w’iri huriro, Prof Louise Baur, avuga ko ibiri muri iki cegeranyo ari igabisha ryeruye ku bihugu ko bikwiye kugira ico bikoze canke naho bizobone ingaruka mbi muri kazoza.
Iki cegeranyo gishira ahagaragara cane cane ibitigiri vy’ubuvyibuhe burenze biriko biraduga mu bana no mu miyabaga, aho ibitigiri vyari vyitezwe kwiyongera incuro zibiri kuva mu 2020 mu bahungu n’abakobwa.
Prof Baur avuga ko ibiharuro vyitezwe muri kazoza “biteye ubwoba bwinshi”, akongerako y’uko “amareta n’abajejwe gufata ingingo kw’isi bakwiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo ntibazorage urwaruka ingorane z’amagara, z’imibereho n’iz’ubutunzi”.
Ingaruka z’ubuvyibuhe burenze ku bihugu bifise amikoro make nazo nyene ziragaragara muri iki cegeranyo. Icenda mu bihugu cumi vyitezwe kugira ubwiyongere bunini bw’ubuvyibuhe burenze kw’isi ni ibihugu bifise amikoro make canke aciriritse muri Afrika na Aziya.
Bimwe mu bibituma harimwo ko abantu bagenda birukira imfungurwa zihinguwe cane, bagakunda inyifato zo kudakoresha inguvu, poritike zigoyagoya zidashoboye kugenzura imfungurwa zigurishwa n’izigurwa, hamwe rero n’ubushobozi buke bw’ibisata bijejwe amagara y’abantu bwo gucungera ubwiyongere bw’ibiro hamwe no gutanga inyigisho ntungamagara.
Ibihugu bifise amikoro make “akenshi nta buryo bifise bwo guhangana n’ubuvyibuhe burenze n’ingaruka zabwo”, nkuko iki cegeranyo kibivuga.
Ibiri muri iki cegeranyo vyerekana ko ukwiyongera kw’abantu bafise ubuvyibuhe burenze urugero kw’isi kuzogira ingaruka ku butunzi bw’isi, ku rugero rwa 3% rw’umwimbu rusangi kw’isi yose.
Iki cegeranyo gishimangira ko kuba cemeza ko ubuvyibuhe burenze urugero bufise ingaruka mbi ku butunzi bidasigura “na gato ko ari uguta amakosa ku bantu bafise ubuvyibuhe burenze urugero”.
Ibiri muri kino cegeranyo bizoshikirizwa ishirahamwe ONU ku wa mbere.
Ubuvyibuhe burenze urugero, ikizwi mu gifaransa nka obésité canke obesity mu congereza, ni amajambo akoreshwa mu vyo ubuganga mu kuvuga umuntu afise ibinure birenze urugero mu mubiri.
Mu myihwezo yaco, iki cegeranyo gikoresha igipimo c’urugero rw’ubunini bw’umubiri w’umuntu, ikizwi mu gifaranga nka indice de masse corporelle (IMC) canke body mass index (BMI) mu congereza. Mu gutora IMC/BMI, bafata uburemere bw’umuntu akuze bakagabura n’uburebure bwirwijije na kabiri (au carré/squared) .










