Christian Malanga: Menya uno yashatse gusenyura ubutegetsi bwa RD Congo

Umurwi w'abagabo bitwaje ibirwanisho Christian Malanga barateye inyubakwa za reta

Ahavuye isanamu, Christian Malanga/Reuters

Insiguro y'isanamu, Umurwi w'abagabo bitwaje ibirwanisho Christian Malanga barateye inyubakwa za reta
    • Umwanditsi, Khadidiatou Cissé
    • Igikorwa, BBC News

Igikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu misi iheze cateje icuka kibi muri iki gihugu co mu karere k’ibiyaga binini.

Umuvugizi w’igisirikare ca DR Congo, Jenerali de Brigade Sylvain Ekenge, yatangaje ko ku wa 19 Rusama (5), abantu benshi bitwaje ibirwanisho bateye ibiro vy’umukuru w’igihugu no ku muhana wa Vital Kamerhe yahoze arongoye ibiro vy’umukuru w’igihugu akaba kandi ari incuti ya hafi ya Perezida Félix Tshisekedi.

Inyuma y’ibi bitero, abantu 50 barimwo abenegihugu batatu ba Amerika, barahagaritswe.

Mu ntango, abatari bake bibajije ko aba bashatse gusenyura ubutegetsi bari umurwi w’abasirikare ba Congo bacungera umukuru w’igihugu.

Hagati aho, vyahavuye vyemezwa ko iki cari igitero cakozwe n’uwitwa Christian Malanga, umukeba wa Perezida Tshisekedi kuva kera.

Mu 2012, yari yahungiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho yaronkeye ubwenegihugu bwa Amerika.

Igisirikare cahavuye gitangaza ko Malanga yiciwe ku kirimba c’umukuru w’igihugu inyuma y’aho yankiye kumanika amaboko imbere y’abajejwe umutekano barondera kumufata.

Aheruka kuboneka ari muzima ku wa Mungu mu gatondo igihe yariko yerekana ikibiriraho kuri Facebook ivyo yariko arakora, ari kumwe n’abandi bantu bari bafise ibirwanisho bikomakomeye bambaye umwambaro wa gisirikare.

"Felix, uridegemvya. Tuje kugufata", niko Malanga yavuga, mu kwemeza intego yiwe yo gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Tshisekedi.

Ahagaze iruhande y’umuhungu wiwe Marcel – na we nyene yahagaritswe n’inzego z’umutekano - Malanga yabwiye abariko bamukurikira ku mbuga hwaniro mu gifaransa, mu congereza no mw’ilingala, ko abasirikare bari "barushe" kandi ko batari "bagishoboye gukorana" na Kamerhe be na Tshisekedi.

Malanga yarasiwe ku kirimba c'umukuru w'igihugu inyuma yo kwanka kumanika amaboko imbere y'abajejwe umutekano barondera kumufata

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Malanga yarasiwe ku kirimba c'umukuru w'igihugu inyuma yo kwanka kumanika amaboko imbere y'abajejwe umutekano barondera kumufata, nk'uko babivuga
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku myaka 41, Christian Malanga yari azwi nk’umunyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi mu Banyecongo baba hanze.

Yavukiye i Kinshasa, umuryango wiwe ukaba wavuye mu gihugu akiri umwana uhungira muri Swaziland, imbere yo kwimukira ahitwa Salt Lake City, mu ntara ya Utah, muri Amerika mu 1998.

Ahejeje amashure yisumbuye muri Amerika, yatanguje ibikorwa vy’ubudangaji bitobito yongera ashinga n’ishirahamwe ridaharanira inyungu z’amafaranga yise Africa Helpline Society, mu ntumbero yo gushigikira uburezi bw’abana ku mugabane.

Mu 2006, niho yasubira muri Congo kugira ngo yinjire igisirikare. Mu nyuma, yashinze ishirahamwe yise Malanga Congo, ryagize uruhara mu bikorwa rusangi.

Mu 2011, yinjiye muri poritike yiyamamariza ubushingamateka, ariko yahavuye ahagarikwa imbere gato y’amatora, aho yamaze amayinga atari make apfunzwe.

Amaze kurekurwa, reta yaramusavye kurongora urwaruka ku rwego rw’igihugu ariko yoba yaranse, ahitamwo inzira yiwe mu gushinga umugambwe wiwe.

Malanga yasubiye muri Amerika umwaka wakurikiye aca ashinga Parti congolais Unifié (UCP), umugambwe muto wiyemeje guhuza Abanyecongo baba hanze kw’isi yose. Yararongoye kandi umuhari "Nouveau Zaïre" (Zaire nshasha) ufise icicaro i Buruseri/Bruxelles mu Bubirigi.

Uno munyaporitike yaragize uruhara rukomeye mu bijanye n’idini. Mu 2017, yahawe umudari Grand-Croix (Umusaraba Mukuru) w’iteka w’Ubwami bwa Petero na Paulo Mweranda i Vaticano.

Yarashoboye kwiha ikibanza ca poritike gikomeye mu banye-Congo baba hanze kandi yari azwi nk’umuntu atahengeshanya kunegura intwaro ya Tshisekedi ku mbuga hwaniro.

Félix Tshisekedi arongoye DR Congo kuva mu 2019

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Félix Tshisekedi arongoye DR Congo kuva mu 2019

Mu butumwa yacishije kuri X (yahoze yitwa Twitter), uwuserukira Amerika muri DR Congo, Lucy Tamlyn, yavuze ko ababajwe n’amakuru yavuga ko hari Abanyamerika boba baragize uruhara mu kugerageza gusenyura ubutegetsi.

Ati : "Turabijeje ko tuzokwifatanya n’abategetsi ba Congo mu buryo bwose bushoboka mu matohoza kuri ibi bikorwa vy’ubukozi bw’ikibi no kumenya uruhara rwa buri Munyamerika wese azoba yavyivanzemwo".

Perezida Tshisekedi ntaco arashikiriza ku mugaragaro kuri ibi bitero.

Yatorewe ikiringo kigira kabiri muri Kigarama (12) mu mwaka uheze mu matora atabonywe kumwe, amatora yaranzwemwo imigumuko yahitanye abantu bashika 20.

Mu kwa kane guheze, Judith Tuluka Suminwa, umuhinga mu vyo ubutunzi, yaragenywe nk’Umushikiranganji wa mbere, maze aba umugore wa mbere agenywe muri iki kibanza. Hagati aho, umupfasoni Tuluka ntarashobora gushinga reta gushika ubu.

Repubulika ya Demokarasi ya Congo ni igihugu gifise amatungo kama menshi n’abanyagihugu barenga imiriyoni 100. Ariko ihanzwe n’indyane zidahera mu buseruko bwayo, ibibazo vy’ubutunzi n’imibano, hamwe n’ukwinubana kudahera hagati ya reta n’abatavuga rumwe nayo.

Iki gikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi cateje impungenge kuri uno mugabane umaze guhungabanywa n’itembagazwa ry’ubutegetsi incuro zitandatu kuva mu 2020 : zibiri muri Mali, zibiri muri Burkina Faso hamwe n’imw’imwe muri Guinée no muri Niger.