Hakimi na Ghizlane ni bo bakinyi beza kuruta abandi b'uyu mwaka muri Afurika

Achraf Hakimi na Ghizlane Chebbak batoranyijwe kandi bashikirizwa udushimwe nk'abakinyi barushije abandi bose muri Afurika muri uyu mwaka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Achraf Hakimi na Ghizlane Chebbak batoranyijwe kandi bashikirizwa udushimwe nk'abakinyi barushije abandi bose muri Afurika muri uyu mwaka

Mu ijoro ryo kuwa gatatu, igihugu ca Maroc carakiriye ijoro ry'amateka mu birori vya CAF Awards 2025 vyabereye i Rabat, aho Abanye-Maroc Achraf Hakimi ku ruhande rw'abagabo na Ghizlane Chebbak ku ruhande rw'abagore baronse agashimwe k'abakinyi beza b'Abanyafurika.

Ivyo birori vyabaye intambwe ikomeye igihugu cateye, vyerekana ko umupira w'amaguru w'abagabo n'abagore umaze gutera imbere, ndetse n'ingene umugabane w'Afurika usigaye uha agaciro impano z'abakinnyi bose..

Achraf Hakimi yaronse agashimwe k'Umukinnyi mwiza w'umwaka wa CAF inyuma y'imyaka ibiri aguma ashika ku mahiganwa ya nyuma ariko kakamucika.

Umwaka wa 2025 muri Paris Saint-Germain wabaye umwe mu myaka myiza cane mu buzima bwiwe: yafashije PSG gutwara UEFA Champions League, Ligue 1, Coupe de France ndetse na Super Coupe de l'UEFA.

Yageze kandi mu rukino rwa nyuma rwa FIFA Club World Cup, kandi afasha Maroc kubona itike ya mbere y'Igikombe c'Isi ca 2026 hakiri kare.

Intsinzi ya Hakimi w'imyaka 27 ni amateka ku mupira w'amaguru wa Maroc kuko Umunya-Maroc wa nyuma yaheruka kuronka ako gashimwe yari Mustapha Hadji mu 1998.

Ibi bisigura ko ici gihugu cari kimaze imyaka 27 kitararonka umukinyi w'umugabo aronka ako gashimwe.

N'aho afise imvune mu kuguru yamusaba kwambara ikirato co kumukingira, Hakimi yaje kwakira agashimwe anezerewe kandi afise amarira y'ibitwenge.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yashimiye Abanyafurika bamushigikiye, anavuga ko Maroc izokora ibishoboka vyose ngo itahukane igikombe ca Africa, giheruka mu 1976.

Uko Maroc yitegurira kwakira AFCON 2025, intsinzi ya Hakimi yahaye abakunzi b'umupira icizere gishasha.

Ku ruhande rw'abagore, Ghizlane Chebbak yanditse urupapuro rukomeye mu mateka.

Yabaye umugore wa mbere w'Umunya-Maroc atwaye agashimwe ka CAF Women's Player of the Year kuva gatangura gutangwa mu 2001.

Umwaka wiwe wari w'ubudahangarwa, aho yabaye umukinyi watsinze ibitsindo vyinshi muri WAFCON 2024, Maroc ikaba yarashitse ku mukino wa nyuma, kandi yongera kwitwara neza mu murwi wiwe wa Al-Hilal muri Arabia Saudite.

Ivyo vyerekana iterambere ihambaye umupira w'abakenyezi muri Maroc umaze gushikako. Kera umurwi w'abakenyezi muri Maroc ntiwanavurwa ariko ubu uri mu mirwi ikomeye cane ku mugabane wa Africa.

Chebbak yakiriye ako gashimwe yicishije bugufi, avuga ko ari umusaruro w'imyaka myinshi, inguvu, n'akazi gakomeye.

Intsinzi yiwe, cokimwe n'iya Hakimi, yerekana intango ikomeye mu mupira w'amaguru wa Maroc, aho abakinyi b'abagabo n'abagore bariko baratera imbere kandi bose bagashimirwa ku rwego rungana.

Ghizlane Chebbak w'imyaka 35 ni kizigenza w'umugwi nserukiragihugu wa Maroc amaze gutsindira uwo mugwi ibitsindo birenga 30

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ghizlane Chebbak w'imyaka 35 ni kizigenza w'umugwi nserukiragihugu wa Maroc amaze gutsindira uwo mugwi ibitsindo birenga 30

Ubwo bushimwe bwa CAF Awards bwerekanye iterambere ry'umupira w'Afurika muri rusangi.

Abanya-Maroc nka Yassine Bounou, Othmane Maamma na Doha El Madani bashimiwe, mu gihe Nigeria yabandanije kwerekana ubukomezi biciye kuri Chiamaka Nnadozie n'umurwi nserukira gihugu wabo wa Super Falcons.

Muri ubwo bushimwe, vyerekanywe ko umupira w'abagabo n'abagore usigaye uhabwa agaciro kumwe kandi umugabane uri mu rugendo rwo gutera imbere.

Intsinzi za Hakimi na Chebbak ni ikimenyetso c'iterambere n'ubukomezi bw'ingene ugukora cane n'ukwitanga bishobora kuzana amateka mu buzima.

Ku ruhande rwa Maroc, ubwo bushimwe bwahejeje ikiringo yari imazemwo itekanye atabushimwe ironka.

Ku mugabane w'Afurika, ubwo bushimye bwerekanye kandi ko Africa ifise abahiganwa biteguye guhindura kazoza k'umupira w'amaguru.