US: Memphis yasambuye ishami ry'igipolisi inyuma y'iyicwa ry'umwirabure

Ahavuye isanamu, MPD
Na Chelsea Bailey & George Wright
BBC News i Memphis na Londres
Igipolisi ca Memphis mu ntara ya Tennessee casambuye igisata caco kidasanzwe kizwi nka SCORPION, inyuma y’aho bamwe mu bapolisi bagize iki gisata bagirijwe ko bagandaguye umwirabure Tyre Nichols.
Scorpion (ijambo umuntu yohava afata ko risigura inkara mu Kirundi) mu majambo yose ni "Street Crimes Operation to Restore Peace in Our Neighborhoods" (mu Kirundi twogereranya na ‘Ibikorwa vyo Kurwanya Ubukozi bw’Ikibi mu Mabarabara mu Kugarukana Amahoro mu Makaritiye Yacu’).
Iki gisata kigizwe n’abapolisi 50 bafise igikorwa co gutuza ubukozi bw’ikibi mu burere kanaka.
Ariko ubu iki gisata cafuswe inyuma y’aho abakigize babonetse bariko barakubita umwirabue Nichols w’imyaka 29, hari mu ma videwo yahanahanywe kuva ku wa 07 z’uku kwa mbere.
Mw’itangazo, igipolisi ca Memphis cavuze ko ari “ku neza ya bose gufuta” iki gisata.
Ryongerako riti: "Mu gihe ibikorwa bibi vy’abantu bake bicafuza izina rya Scorpion, ni ngombwa ko twebwe, ishami ry’igipolisi rya Memphis, dufata ingingo zikomeye mu ntumbero yo guhoza abantu bose bagizweko ingaruka”.
Umuryango wa Nichols urashimishwa n’iyi ngingo mw’itangazo ryasohowe n’abashingwamanza bawo, aho bavuga ko ari “ingingo irashe kandi ijanye n’urupfu rw’agashinyaguro rwa Tyre Nichols, kandi ni ingingo nziza ibereye ku banyagihugu bose ba Memphis".
Iki gisata cari catangujwe muri Gitugutu (10) 2021 gifise igikorwa co guhangana n’ubugizi bwa nabi bugira ingaruka mbi cane, nk’ubusuma bw’imodoka n’ubwononyi bukorwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi.
Abapolisi batanu bagirizwa iki caha co kugandagura Nichols – ari bo Tadarrius Bean, Demetrius Haley, Desmond Mills Jr, Emmitt Martin III na Justin Smith – bose barirukanywe mu gipolisi mu ndwi iheze.
Batawe muri yompi ku wa kane umwe umwe wese akagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi vyo ku rwego rwa kabiri, gukomeretsa bikomeye, kunyuruza, inyifato mbi hamwe n’ikubagurwa.
Bane muri aba batanu basavye kurekurwa batanze ingwati, bakaba bararekuwe ku wa gatanu mu gitondo, nk’uko biri mu nyandiko z’ako gasho.
Abashingwamanza ba Martin na Mills bavuga ko abakiriya babo bazohakana ivyo bagirizwa.
Mu myiyerekano yandurutse kw’igandagurwa rya Nichols, umwe mu bari muri yo yatereye ijwi hejuru akomerwa amashi menshi, avuga ati: "Iki gisata cagandaguye Tyre cafuswe burundu".
N’aho hari mu mvura, aba bantu badashika ijana bari mu myiyerekano biyegeranirije mu kibanza kiri imbere y’ibiro vy’igipolisi ca Memphis basaba ko amategeko ajanye n’igipolisi ahindurwa, bakavuga ko ikubagurwa ry’abirabure i Memphis no mu gihugu cose ryabaye nk’umugenzo.
Casio Montez , umwe mu bateguye iyi myiyerekano yavuze ati: "Memphis yahagurutse. Ibi bisigura ko turi mu kuri”.
Montez yiyemeje ko we n’abandi barongoye abanda bazobandanya batera igitsure umukuru w’igipolisi ca Memphis CJ Davis hamwe n’abarongoye igisagara gushika "ibisabwa n’abanyagihugu bigiye mu ngiro", harimwo no gusubiramwo igisata kijejwe kurwanya ubukozi bw’ikibi.

Mu kiganiro na BBC ku wa gatanu, umukuru w’igipolisi ca Memphis Davis yavuze ko igisata ca Scorpion cari cashinzwe kugira ngo kirwanye ubukozi bw’ikibi bukorwa n’abitwaje inkoho mu gisagara. Ariko uyu mupfasoni yemeye ko aba bapolisi bakubise buhongo Tyre Nichols “bafashe ingingo yo kwitwara bunyamaswa”.
Ati: "Turiko turihweza igisata kiwe kimwe cose. Iyi ni ingingo nkenerwa. Dukeneye gukorera mu muco imbere y’abanyagihugu”.
Ariko kuri bamwe, ikibazo c’ikubagurwa rikorwa n’igipolisi caramaze gushinga imizi ku buryo ata mpinduka iyo ari yo yose ishobora kugitorera umuti.
Mu myiyerekano yabaye ejo ku wa gatandatu, imvukira ya Memphis Allie Watkins yari afise icapa canditseko ngo, "Abapolisi bose bahagarariye ubwibone bw’Abazungu "
Avuga ko iki kimenyetso kivuga vyo kubera uravye kahise, ivy’amarondo muri Amerika vyatanguranye n’amarondo y’abacakara.
Ati: “Iki si ikibazo c’igiturire muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni ikibazo c’uko intwaro yubakiye ku kurwanya ikiremwa-mwirabure”. Mu ntango, igipolisi cavuze ko Nichols yari yahagaritswe yiketswe ko yariko agendesha imodoka nabi, iki kikaba carabuze ivyemezo. Yagiye gupfira mu bitaro haciye imisi itatu, ku wa 10 Nzero (1).
Nichols yari umwirabure, co kimwe n’abo bapolisi bose batanu bagirizwa urupfu rwiwe.
Ku wa gatanu, igipolisi ca Memphis casohoye amavidewo ane yerekana ingene vyagenze igihe ahagarikwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Haradutse imyiyerekano y’amahoro i Memphis mw’ijoro ryo ku wa gatanu inyuma y’aho aya mavidewo asohorewe, aho abari muri yo bazibiye ibarabara rikuru muri ico gisagara, mbere no mu bindi bice vy’igihugu hakaba harabaye imyiyerekano mito mito.
Abenshi muri bayirimwo bari bafise ivyapa bisaba ubutungane kuri Nichols kandi ko n’”ubugome bw’igipolisi” buhagarara.
Hari haciye umwaka umukuru w’igisagara ca Memphis Jim Strickland ashikirije ijambo ashimagiza ibikorwa vya Scorpion.
Kuva muri Gitugutu (10) 2021 gushika muri Nzero (1) 2022, iki gisata cahagaritse abantu 566, nk’uko yabivuze. Bafashe kandi amafaranga arenga $100,000, imodoka 270 hamwe n’ibirwanisho 253.
Inyuma y’urupfu rwa Nichols, umwe mu baba muri ako karere, Cornell McKinney, yabwiye imboneshakure yo muri Memphis ko yashamiranye n’abapolisi b’iki gisata ku wa 03 Nzero, imisi mikeya imbere y’ivyashikiye Nichols.
McKinney avuga ko aba bapolisi bari mu modoka idafise ikimenyetso cabo, bamuteye ubwoba ko “bomumena umutwe”, bamurabisha inkoho ku mutwe bamwagiriza ko yari atwaye ibiyayuramutwe.
Yaritwaye mu gipolisi ca Memphis inyuma y’ivyo vyari bihejeje kumubako, ariko akavuga ko atigeze aronka inyishu.










