Biden yishimira OTAN nk’urutare ntamenwa, mu gihe Putin yagiriza Uburengero ku ntambara y’Uburusiya

Vladimir Putin yakomeje amajambo yiwe akaze yo kunegura Uburengero mu gihe Perezida Joe Biden, akiva mu rugendo i Kyiv, yashimagije ibihugu vy’uburengero ku kuntu bihanganye n’igitero c’Uburusiya.
Mu ndwi iriko iberamwo ibintu bitari bike imbere y’isabukuru ry’umwaka umwe kuva Uburusiya butanguje intambara muri Ukraine, Putin ni we yashikirije ijambo ubwa mbere.
Yavuze ko Uburengero bwahaye inguvu Ubudagi bw’intwaro y’Abanazi, hanyuma buhindura Ukraine iba igihugu kigendera ku vyiyumviro vy’Abanazi “barwanya Uburusiya”
Haciye amasaha makeya, Biden na we yaciye afata ijambo, avuba ko abategetsi bwatwaza umukazo batahura ijambo rimwe rudende: “Oya, oya, oya!”
"Putin yagumye yibaza ko amakungu azobirenzako uruho rw’amazi, yarihenze”, niko yavuze, yishimira ko OTAN/NATO ishize hamwe gusumba ibindi bihe vyose.
Yongerako y’uko Kyiv yihagazeko, mu kwiyemera kandi mu bwigenge, kandi y’uko Uburengero butazokwigera buhengeshanya mu gufasha Ukraine.
Igihe amwakira ku kirimba ca Varsovie/ Warsaw (umugwa mukuru wa Pologne) avuye mu rugendo rwiwe, Perezida Andrzej Duda wa Pologne yavuze ko mu kugendera Kyiv, Biden yerekanye ko isi irangwa n’ubwigenge idatinya ikintu na kimwe. Uruhara rwa OTAN ni ugukingira no gufasha isi irangwa n’ubwigenge kandi Ukraine “itegerezwa gutsinda iyi ntambara”.
Perezida Biden yagendeye Varsovie umusi umwe inyuma y’urugendo yagize muri Kyiv aho yabonanye na Perezida Zelensky.
Umukuru w’igihugu ca Pologne yavuze ko uru rugendo rwarungitse “ubutumwa bukomeye cane bwa poritike, cane cane kuri Ukraine”, ariko kandi ko cari ikimenyetso ko amakungu be n’umukuru w’igihugu ca Amerika ari kumwe nabo kandi ko atabibagira.
Biden yakeje cane Perezida Zelensky hamwe n’abanya-Ukraine bashoboye kubohoza ubutaka bwabo bwari bwigaruriwe mu ndwi za mbere z’iyi ntambara.
Ijambo rya Putin ntiryavuze vyinshi ku bijanye n’ingene igisirikare c’Uburusia gihagaze muri Ukraine kandi nta kintu na kimwe carimwo cerekana ingene iyi ntambara ishobora kurangira. Inkuru nyamukuru irimwo ivy’igisirikare c’Uburusiya muri Ukraine ni iyavuye ku mukuru wa wa muhari Wagner w’abacangero Yevgeny Prigozhin, yagiriza umukuru w’ibiro vya gisirikare ko ariko aragerageza gusambura umurwi wiwe no kuwima ibirwanisho.
Umukuru w’igihugu c’Uburusiya yatangaje ko ahagaritse amasezerano ya New Start yo gucungera ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara yari yateyeko igikumu mu 2010 na Amerika.
Mw’ijambo ryiwe rirerire mu ngoro itari kure cane ya Kremlin, ukuri ni kwo kwatanguye guhura n’akaga.
"Ni bo batanguye iyi ntambara…turiko turakoresha inguvu kugira tuyihagarike”.
Nta ngabo z’Uburengero ziri ku rubuga muri Ukraine, ariko ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Uburusiya busa n’ubwongereje akariro mu kwagiriza ibihugu vy’Uburengero, aho ku wa kabiri bwarengukishije umuserukizi wa Amerika Lynne Tracy, bukavuga ko Washington ikwiye gufata ingingo yo gukura “ibikoresho vya gisirikare vya OTAN na Amerika” muri Ukraine.

Ahavuye isanamu, AFP
Ku ncuro zidaharurwa, Putin yamye yagiriza Uburengero na OTAN ko ari bwo ntandaro y'indyane, mbere n’igihe ashikiriza ijambo ku mboneshakure ku musi atanguza intambara haraciye umwaka, yarabisubiyemwo.
Yibukije Abarusiya intambara yo muri Irak n’ibitero vya bombe i Belgrade, ariko aca yiyibagiza uruhara rw’Uburusiya mu ntambara rutikizabantu yo muri Syria, igitero cabwo muri Georgia hamwe n’ivyo kwigarurira akarere ka Crimea.
Mu gihe yariko arashikiriza ijambo, ingabo z’Uburusiya zacucagiye ibibombe ku gisagara ca Kherson cabohojwe n’ingabo za Ukraine muri Munyonyo (11) umwaka uheze, abantu batandatu bakaba barahasize ubuzima abandi benshi barakomereka.
Igituro c’amamodoka yunguruza abantu, iduka ry’imiti hamwe n’uturere tubamwo abantu vyaragmmwe, ibinyamakuru vyo muri iri ico gihugu navyo bikavuga ko ishure ry’imicuko (maternelle) riri mu mazu yatewe.
Mw’ijambo ryiwe rya nijoro ku wa kabiri, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ibi bitero vy’Uburusiya “ata ntumbero kandi ko bidashobora kugira intumbero ya gisirikare”, ko ahubwo bifise intumbero yo “gutera ubwoba”.
Yongeyeko ko ingabo za Ukraine zihagaze neza ku birindiro vyazo mu buseruko bwa Ukraine – ahariko harabera intambara z’urutavanako muri kino gihe – n’aho ziterwa bikomeye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Biden yiteze kubonana n’abakuru b’ibihugu icenda vya OTAN biri ku ruhande rw’ubuseruko kuri uno wa gatatu, kandi akaba yasubiye kwemeza ko Amerika ishigikiye imwe mu ntego nyamukuru uru runani rwiyemeje.
Mu ngingo yarwo ya gatanu, ibihugu bihurikiye muri OTAN vyiyemeje gukingira igihugu kindi ico ari co cose coterwa. Perezida Biden avuga ko Amerika itarota idohoka ku vyo yiyemeje muri uru runani no kuri ino ngingo ya gatanu.
"Buri munywanyi wa OTAN arabizi kandi n’Uburusiya nyene burabizi - igitero ku gihugu kimwe ni igitero ku bihugu vyose”.
Amasezeran ya New Start ni iki?
Aya masezerano ya New Start yari ayo kuzibira intambara ruhonyanganda y’ubumara, akaba yateweko igikumu mu 2010 n’abari abaperezida babiri ico gihe - Barack Obama na Dmitry Medvedev.
Agena igitigiri ntarengwa c’ibisasu vy’ubumara impande zompi zishobora kurungika, agaha kandi uburenganzira bw’igihugu kimwe kimwe kugenzura ikindi.
Aya masezerano yatanguye gushirwa mu ngiro mu 2011 akaba yarabandanije mu myaka cumi yakurikiye – n’aho ivy’igenzura ry’ibirwanisho vyaciwemwo n’ikiza ca Covid.
Ibi bihugu vyonyene vyahoze ari ibikeba muri ca gihe c’intambara yo kwikekana ni vyo bitunze hafi ibirwanisho vyose ruhonyanganda vy’ubumara birangwa kw’isi yose.










