Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Akajagari muri Espagne na Portugal kubera umuyagankuba
- Umwanditsi, Gabriela Pomeroy
- Igikorwa, BBC News
Umuyagankuba wacitse mu bice binini vy'ibihugu vya Espagne na Portugal, bitera akajagari bihungabanya ibikorwa.
Gucika kw'umuyagankuba kwatumye henshi babura amatara, internet na za terefone birakwama.
Ingendo z'indege zahagaritswe izindi ziracegwa, zijana bamwe mu ntara zo hagati, nayo amatara yo kw'ibarabara afasha mu kuringaniza ibisikanya ry'imodokari aracika.
Mu gihe amaduka, amazu n'amaresitora vyasigaye mu kizime – abantu bamwe bagahera mu nzira mu vyuma bibaduza mu magorofa, muri Espagne inyuma y'umutaga bavuga ko bishobora gufata amasaha menshi kugirango umuyagankuba ushobore kugaruka.
Muri Espagne abategetsi ba politike bavuga ko icateye kubura umuyagankuba kitari bwamenyekane ariko nta gukeka ko vyoba bifitanye isano n'ibitero vyo kuri internet.
Ikibazo catanguye ryari?
Vyatanguye kuvugwa ko hari aho umuyagankuba wacitse nk'igihe c'isaha zine kw'isaha mpuzamakungu kuri uno wa mbere, hanyuma bikomeza gutandukira.
Bimaze kugaragara ko habaye akajagari, abanyagihugu muri Espagne bahawe amabwiriza yo kuguma hamwe, ntibaje mw'ibarabara canke ngo bahagamare inzego zo gutabara kiretse vyihutirwa "cane vy'ukuri".
Abajejwe gusubiza ibintu mu buryo muri Espagne bavuze ko bishobora gutwara amasaha icumi kugirango bashobore kubitunganya, nayo muri Portugal bakavuga ko gusubizaho umuyagankuba hose bizoshobora no gutwara indwi yose.
Ibinyamakuru muri Espagne vyatangaza ko ibitaro vyari vyagabanije ibikorwa bigakora ivyihutirwa gusumba.
Mu masaha ya kare bugorovye, inyuma y'igihe kitari gito umuyagankuba ucitse, abanyagihugu hamwe hamwe batanguye kuvuga ko amatara yagarutse.
Abategetsi muri Espagne na Portugal baracagerageza kumenya icoba cateye umuyagankuba gucika.
Perezida w'inama y'Ubumwe bwa Bulaya, Antonio Costa, yagize ati: "Nta kimenyetso cerekana ko coba ari igitero co kuri internet, muri uno mwanya".
Abantu bari batanguye gutekerwa n'akoba kare ku murango.
Muri video yaciye ku mbuga hwaniro, umukuru w'igisagara ca Madrid, José Luis Martínez-Almeida, yabwiye abahaba kudafata ingendo za kure kandi, bishoboka, bakaguma aho bari. Ati: "Dushaka ko amabarabara aguma abona."
"Abantu bohamagara abajejwe gutabara mu gihe bikenewe cane gusa. Mubonye mutishuwe, mwoja ku kigo c'igipolisi kibegereye, aho bogerageza gufasha mu vyihutirwa vyose."
Ingaruka zabaye izihe?
Ikigo c'inguvu za nuclaire caciye gihagarara igihe umuyagankuba wacika, muri Espagne ikigo ca peterori ca Moeve camenyesheje ko caciye gihagarika ibikorwa vyo kuyungurura ibitoro.
N'ingendo z'indege zashikiriwe, ku bibuga bimwe bimwe zacerewe izindi zirasiba. EasyJet, ikompanyi itunganiriza ingenzi mu ngendo z'indege, yamenyesheje ko yagize ibibazo ku bibuga vya Lisbon na Madrid.
Yavuze ko ibintu biguma bihinduka, isaba abakiriya bayo kuja barumviriza aho ibintu bigeze bagakurikira n'impanuro z'aho baherereye.
Ikigo gitanga ibiharuro bijanye n'ingendo z'indege Cirium camenyesheje ko indege 96 zasibijwe zari kuva muri Portugal – nayo muri Espagne hasibijwe 45.
Ibikorwa vy'urudandazwa navyo nyene vyagizweko ingaruka, amashami amwe amwe ya IKEA yaciye akoresha amamashini mu gukomeza kuronka umuyagankuba, abuza abakiriya kwinjira mu mangazini.
Abatunganije ihiganwa rya Madrid Open Tennis bafashe ingingo yo kurisivya kuri uno mugoroba.
N'ahandi, Andorra no mu bice vy'Ubufaransa, hashikiriwe, ariko Balearic na Canary Islands ntihashikiwe.