Nord Stream 1: Russia yugaye umuringoti munini ujana gaz i Buraya

Nord Stream 1

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uburusiya bwahagaritse rwose kurungika gaz i Buraya iciye mu muringoti munini, buvuga ko ukeneye gusanurwa.

Kompanyi rutura y’Uburusiya ishinzwe amasoko ntanganguvu, Gazprom, yavuze ko guhagarika kurungika gaz iciye mu muringoti Nord Stream 1 bizomara iminsi itatu.

Uburusiya bwari busanzwe bumaze kugabanya cane gaz burungika i Buraya iciye muri uwo muringoti.

Ariko burahakana ivyo bwagirizwa ko buriko burakoresha gaz busanzwe bugurisha nk’inzira yo guhana ibihugu vya Buraya kubera ibihano vyabufatiye kuva aho butereye Ukraine.

Umuringoti Nord Stream 1 ureha na 1.200km ugaca munsi y’ikiyaga ca Baltic kuva ku nkengera z’Uburusiya hafi ya St Petersburg gushika mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubudagi.

Wuguruwe mu 2011, kandi ushobora kurungika metero kibe (m3 ) miriyoni 17 za gaz ku munsi kuva mu Burusiya gushika mu Budagi.

Uwo muringoti wari wugawe mu kiringo c’iminsi 10 mu kwezi kwa Mukakaro (70)- naho nyene kubera ibikorwa vyo kuwusanura- muri iyi minsi wari wasubiye gukora kuri 20% y’ubushibozi bwawo ku mvo Uburusiya buvuga ko ari ivyuma bidakora neza.

 Umukuru w’urwego rugenzura uruhererkane [rw’inguvu] mu Budagi yavuze ko igihugu kizoshobora kuvyifatamwo neza- hamwe Uburusiya bwoca busubira kurungika iyo gaz mu minsi iza.

Klaus Mueller yabwiye Reuters ati: “Ndazi ko tuzoshobora kuvyitwaramwo.

“Nizeye ko Uburusiya buzosubira kurungika 20% ku wa gatandatu, ariko nta n’umwe yoshobora kuvyemeza.”

 Abategetsi ba Buraya bafise ubwoba ko Uburusiya bushobora kwongereza igihe co kutarungika gaz mu kugerageza gutuma ibiciro vya gaz biduga, mu gihe bisanzwe vyaraduze cane muri uyu mwaka uheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iryo duga rikabije rishobora gutuma ubuzima buzimba cane mu gihe c’imbeho nyinshi (hiver), ama reta aakaba yoca ategerezwa gusohora za miriyaridi z’amafaranga kugira zunganire abanyagihugu.

Ku wa kabiri, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwijukira ayandi masoko ntanganguvu, Agnes Pannier-Runacher, yagirije Uburusiya “gukoresha gaz nk’ikigwanisho co mu ntambara”.

Yavuze inyuma y’aho Gazprom ivugiye ko izohagarika kurungikira gaz kompanyi y’Ubufaransa Engie.

Ariko umuvugizi wa prezida w’Uburusiya Vladmir Putin yiyamirije ivyo bagirizwa – ashimangira ko ibihano vy’ibihugu vya Buraya arivyo vyateye izo ngorane mu gutuma ibikorwa remezo vy’Uburusiya vyononekera.

Yashimitse avuga ko “ingirane z’ubuhinga” zatewe n’ibihano nico kintu conyene zibuza Uburusiya kurungika gaz iciye muri uwo muringoti, ariko ntasobanura izo ngorane izo arizo.

Kimwe mu vyateye impari cane ni turbine yashitse mu Budagi ivuye gusanurwa muri Canada ariko Uburusiya buranka gusubira kuyakira, buvuga ko nayo yafashwe n’ibihano vy’abanyaburaya.

Ubudagi ariko ivyo Ubudagi burabihakana.

Muri uku kwezi, umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe rya Buraya, Ursula von der Leyen, yemeye kugira uruhara mu masoko ntanganguvu, avugira mu kiganiro muri Slovenia ko amasoko ahasanzwe atagihuye n’ivyo bakeneye.

Yavuze ati : “ Dukeneye isoko ry’umuyagankuba ritunganijwe ukundi rikora vy’ukuri kandi rituma dusubira kuja hagati na hagati”.

Imbere y’intambara, Ubudagi bwari bwemeje miriyaridi 10 z’ama euro zo kwubka umuringoti Nord Stream 2, ugenda ubangabanganwa n’uwo vyitiranwa- ariko buca buhagarika ibikorwa inyuma y’aho Uburusiya burungikiye ingabo muri Ukraine mu kwezi kwa Ruhuhuma(2).

Ku ndwi iheze, BBC yerekanye ko Uburusiya bwariko buraturira gaz igereranywa ku gaciro ka miriyaridi 10 z’ama dorari mu ruganda ruri hafi y’urubiba na Finlande.

Nord Stream1 na Nord Stream 2
Insiguro y'isanamu, Umuringoti uva mu Burusiya utwara gaz mu Budagi