Ukraine ivuga ko yakoroye ibisasu vya misire vy’Uburusiya vyari bitewe kuri Kyiv

Ibi bisasu vya misire bivugwa ko vyarashwe n'iyi ndege y'intambara yo mu bwoko bwa Tu-95MS (ifoto yo mu bubiko)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibi bisasu vya misire bivugwa ko vyarashwe n'iyi ndege y'intambara yo mu bwoko bwa Tu-95MS (ifoto yo mu bubiko)

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko igisirikare kirwanira mu kirere cakoroye ibisasu vya misire15 vyarashwe mw’ijoro ryakeye ku mugwa mukuru Kyiv.

Umutegetsi mukuru wa gisirikare i Kyiv, Serhiy Popko, avuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke.

Avuga ko ibi bisasu vyarashwe n’indege zine z’intambara zo mu bwoko bwa Tu-95MS zari zivuye mu karere ka Mer Caspienne.

Popko avuga ati: "Ibisasu vyababa cumi vy’umwansi vyabonywe bica birasamburwa mu kirere co mu micungararo ya Kyiv.

"Nta gisasu na kimwe caduciye mu ryahumye, kandi nta n’umwe yakomeretse canke ngo apfe, eka nta n’ibintu vyinshi vyononekaye kubera ibisigazwa vyakorotse."

Imbere y’aha, yari yavuze ko mu karere ka Goloseevsky, ibisigazwa vy’ibisasu vyakorokeye mu kigo c’inzu y’umuntu vyateye umuriro, nayo mu karere ka Shevchenkovsky, ibirombora vy’amaroketi vyatowe mw’ibarabara. Nta muntu vyahitanye canke ngo bikomeretse.

Haravugwa n’ibindi bisasu vyaraye birashwe mu gisagara ca Kharkiv ariko bikarenga bikaza kugwa hirya.

Abategetsi b’intara ya Sumy bavuga ko ku musi umwe gusa habaye ibitero 12 aho ibibombe 70 vyaturitse.

Ubutegetsi buvuga ko iki kibaye igitero kigize gatanu kuva ukwezi kwa gatanu gutanguye.

Ibitero vya nijoro vyakurikiye urundi rukurikirane rw’ibitero vyakozwe na drone mw’ijoro ryo ku wa Mungu, Ukraine ikavuga ko ari igitero ca mbere kinini Uburusiya bukoze na drone. Vyahitanye nibura umuntu umwe bikomeretsa n’abandi batanu.

Muri ico gitero, abategetsi ba Ukraine bavuga ko bakoroye igisasu ca misire kinyaruka gusumba ijwi (hypersonic missile) kizwi nka Kinzhal cari gitewe kuri Kyiv.

Ibi bitero bishasha vya misire vyaje hasigaye amasaha make imbere y’ibirori vy’Umusi w’Intzinzi (Victory Day), mu kwibuka intsinzi y’Uburusiya ku ba Nazi b’Ubudagi mu 1945.

Mu gihe Uburusiya bwitegurira ibirori vy’agakura kuri uno musi - idefire y’igisirikare – umunezero si ikirenga i Moscou.

Urukurikirane rw’ibibombe, ibitero vya drone n’ibitero vyo gutoba vyaribonekeje mu ndwi iheze, harimwo n’igitero ca drone kivugwa ko cakozwe kuri Kremlin.

Moscou yacegetse ku ma drone ya Ukraine ariko Kyiv ivyamirira kure.

Imiriyaridi 1.2$ y’igihe kirekire kuri Ukraine

Ni mu gihe Reta Zunze Ubumwe ziteze gutangaza imfashanyo igiye guha Ukraine mu bijanye n’umutekano ifise agaciro k’imiriyaridi 1.2 z’amadorari y’Abanyamerika, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.

Nk’uko bitangazwa n’imboneshakure CNN, muri iyi mfashanyo harimwo indege zitagira abadereva, ibisasu vya muzinga na za misire zo gucungera ikirere, hamwe n’ibindi birwanisho.

Iyi mfashanyo ifise intumbero yo gufasha Ukraine kwitunganya mu vyo umutekano mu gihe kirekire.

Bivugwa ko ibi birwanisho bizogurwa mu nganda zibihingura, hakuva mu bubiko bwa Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika).