'Emmanuel Nkunduwimye nahanwe nk'uwakoze ivyaha vya jenoside' - Umushikirizamanza

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles
Emmanuel Nkunduwimye batazira bomboko, umunyarawanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda ngo ikibanza ciwe ntikiri mu bantu yidegemvya ahubwo ni mu munyororo.
Ayo n'amajambo y’umushikirizamanza kizigenza muri sentare ica imanza zikomeye z’ivyaha (cour d’assise) mu Bubiligi, mu gihe yarahawe ijambo rya nyuma.
Mu kiringo c'amasaha atanu, Arnaud D'Oultremont yagirije Emmanuel Nkunduwimye batazira bomboko ivyaha vyo mu ntamabara n’ivyaha vya jenoside biri mu bwoko burenga 10.
Mu mvugo ishimitse D’oultremont yavuze "Bomboko yifadikanije kumara abantu na Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’interahamwe, yaciriwe umunyororo wo guherayo mu 2010 yagirizwa ivyaha vya genocide, na Jean Marie Mudahinduka batazira Zuzu yari mu bakuriye interahamwe ku rwego rw’igihugu, uno munsi ari mu munyororo mu Rwanda aho yaciriwe imyaka 19 yo gupfungwa azira ivyaha vya jenoside."
D’oultremont yavuze kandi ko Bomboko yakoranye n'abo bakuru b’interahamwe mu kwica, gusahura, kwica abatutsi mu kivunga babiteguye, gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu, gucukura no guhamba abantu mu binogo rusangi, gutanga ibirwanisho vyo kwica mu nterahamwe hamwe no gukoresha amajambo ahamagarira kumara abatutsi mu Ruhame.
Uwu mushikirizamanza yemeje ko ivyo vyaha babikoreye ahari inyubakwa Amgar muri segiteri ya Cyahafi mu gisagara ca Kigali, ari na ho hari habaye ibiro bikuru vy’interahamwe kandi akemeza ko na nyene kwagirizwa ivyaha adahakana ko ico kibanza ca Amgar ariho yama mu gihe ca jenoside ari kumwe n’abarongoye interahamwe.
Mu rurimi rw’igifaransa Arnaud D’oultremont yavuze amajambo asigurwa ngo
« ntawuhitamwo abavyeyi biwe ariko umuntu arahitamwo abagenzi biwe. Mu gihe ca jenoside, Emmanurerl Nkunduwimye yahisemwo abakuru b’interahamwe, abo ntibavana. Bari abagenzi mpfapfe ntibavana mu kwica, kwiba no gufata ku nguvu abigeme n’abakenyezi barabikorana. Rero uwo muntu mwumva adakwiye guhanwa vy’akarorero kugira ducire i moso ivyaha vya jenoside ? »
Uwo mushikirizamanza yavuze kandi ko uretse ikibanza Amgar cari cabaye amacuniro y’abatutsi, Nkunduwimye Emmanuel ngo yari incuti ya hafi ya Robert Kajuga yari arongoye interahamwe mu gihe ca jenoside, kandi yama iwe ahari hazwi nka Photo Musa kuraba kajuga.
Ico gihe cose ngo abamubonye yaba yambaye impuzu za gisirikare, afise n'inkoho aherekejwe n’interahamwe nyinshi.
Asubiramwo ijambo ku rindi ivyavuzwe n’ivyabona vyababa 70 vyagirije Nkunduwimye Emmanuel, Arnaud D’Oultremont yasavye inyankamugayo ico yise 'gushira mu kibanza gikwiriye' uwo yagirizwa ivyaha vya jenoside.
Yagize ati:"« Ni mwebwe muzohitamwo ko yagira icaha canke yezwa. Ni na mwebwe muzomuha igihano mu gihe yokwagira icaha. Ndabasabe umuntu nkuyo yagira bigaragara ivyaha vya jenoside n’ivyo mu ntamabara, ko yohabwa igihano kiringaniye n’ivyo yakoze, kuko ntawushidikanya ko ivyo yagirizwa yabikoze nkuko mwavyiyumviye. Muramucire urubanza rukwiriye abishe abantu babahora ubwoko, abasahuye ivy’abantu, bafashe abagore ku nguvu, muri make mumuhane nk’uwakoze jenoside n’ivyaha vyo mu ntamabara.»
Bitegekanijwe ko ku munsi w’ejo, abunganira uwurerwa bazohabwa ijambo rya nyuma. Hanyuma Emmanuel Nkunduwimye azohabwa ijambo rya nyuma, urubanza ruce ruja mu mwiherero, ruheze rucibwe inyuma y’amasaha 24.
Uwagirizwa wewe aburana ahakana ivyaha kuva mu ntango y’urubanza, aho avuga ko ari irementanya ariko arakorerwa, ata muntu yigeze yica n’abamwagiriza ari amasura y’ibinyoma.
Emmanuel Nkunduwimye asanzwe afise ubwenegihugu bugira kabiri bw’ububiligi, aburana yidegemvya.
Kuva urubanza rutangura akaba atarasiba na rimwe, aho yitaba iminsi yose aherekejwe n’abamwunganira mu mategeko n’abo mu muryango wiwe baguma bakuranwa kuza kumushigikira.













