Basaba ko Emmanuel Nkunduwinye ahabwa igihano ruhasha

Emmanuel Nkunduwimye

Ahavuye isanamu, ALAIN MAGESTE BARENGA

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles

Mu Bubiligi, urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaba vya genoside, rugeze ku musozo.

Mu ntahe yo ku wa mbere sentare y’abanyagihugu ica imanza zikomeye z’ivyaha (cour d’assises), yatanguye indwi ya nyuma yo gusozera urwo rubanza iha ijambo rya nyuma abaserukira abacikacumu n’abasaba indishi. Bose basavye ko uwuregwa ivyaha yohabwa ibihano bikomeye vy'akarorero kugira haranduranwe n’imizi ivyaha vya jenoside kw’isi.

Abunganira abacikacumu n’abasaba indishi uko ari 3, mu kiringo c’amasaha atanu bose basavye sentare kwitaza mu guha ibihano ruhasha uwuregwa. Naho batabidomyeko urutoke basavye abashashe muri urwo rubanza guca urwohoza amarira imiryango yabuze.

Umubiligi Maître Alexis Deswaef niwe yatanguriye abaserukira abasaba indishi n’ababuze ababo muri jenoside .

Mu kiringo c’isaha n’inusu Deswaef yinginze abazoca urwo rubanza ico yise ingingo y’ubugabo yo guhana bivuye inyuma Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko

Deswaef yagize ati: ''Imyaka 30 iraheze jenoside ibaye mu Rwanda, abiciwe mwarabumvise, abafashwe ku nguvu n'uyu mugabo Bomboko mwarababonye imbere yanyu.

''Nta kindi gikenewe atari ukumucira urubanza rumukwiye ku vyo yakoze kuko ndemeza ko yakoze jenoside na mwebwe ubwanyu mwaravyiboneye. Fata ingingo ya kigabo muhoze imiryango yabacikacumu.''

Hakurikiye umushingwamanza w'umurundi Maitre Méthode Ndikumasabo nawe nyene aserukira abacikacumu. Mu kiringo c’amasaha abiri yamaze asoma umuganda w’impapuro yari yitwaje yasavye abazoca urubanza ico yise kwiha iteka. Yagize ati: ''Jenoside si icaha gisanzwe ni icaha gisumba vyose... uyu mugabo Bomboko ni umwe mu bahekuye abanyarwanda.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Ikibanza ciwe murakizi si muri twebwe akwiye guhanwa vy’akarorero kuko yafashe iya mbere mu kwica, kwiba no gufata abakenyezi ku nguvu mu ''mezi atatu jenoside yamaze mu Rwanda. Ntacotuma adahanwa''.

Hahereje umunyarwanda Maître André Martin Karongozi nawe nyene yabaye nka bagenziwe. Mw’ijwi riri hasi, yasavye abazoca urubanza guhoza abanyarwanda n’isi mu guhana bivuye inyuma Emmanuel Nkunduwimye kugira bahe akarorero abandi bakoze jenoside bacinyegeje ko atawuhunga icaha.

Bitegekanijwe ko ku munsi w’ejo umushikirizamanza azohabwa ijambo rya nyuma, hakurikire abunganira abaregwa imbere y’uko uwagirizwa icaha ahabwa ijambo rya nyuma gutyo urubanza ruje mu mwiherero. Ibizoruvamwo bizomenyekana inyuma y’amasaha 24.

Uwagirizwa icaha yari muri Sentare aherekejwe b’abamwunganira. N’abo mu muryango wiwe bari baje kumushigikira. Abandi bitavye n’imiryango y’abacikacumu na bamwe mu bahinga b’akarere k’ibiyaga binini.

Nkunduwimye yagirizwa ivyaha yoba yakoreye i Kigali aho yari umugenzi w'abakuru b'Interahamwe nka Georges Rutaganda. Uwo mu 1999 yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwose na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yashiriweho Urwanda (TPIR) yakorera Arusha ari naho yapfiriye mw'ibohero mu 2010.

Nkunduwimye aburana ahakana ivyaha vyose.