Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Starlink ya Elon Musk ishobora guhindura ite Afrika?
Starlink ya Elon Musk ishobora guhindura ite Afrika?
Muri Afrika, internet ntiboneka hose, ahandi iyo ibonetse iracikagurika ntiragama, kandi henshi irazinvye, cane cane mu bice vya kure y’imiji mu bihugu hagati.
Ikigo Starlink c'umugwizatunga Elon Musk, gitanga internet gikoresheje ibigendajuru, cemeza ko gishobora gutanga internet inyaruka cane ‘aho ari ho hose kw’isi’.
Starlink imaze gutangura mu bihugu bitandukanye nka Nigeria na Kenya, ariko none ivyo ni inyishu irama ku bibazo vy'ubukene bwa internet muri Afrika?