Barcelona: Kizigenza Sergio Busquets agiye gusezera inyuma y’imyaka 18

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kizigenza Sergio Busquets yemeje ko azova muri Barcelona mu mpera z’uno mwaka w’inkino inyuma y’imyaka 18 akinira uno murwi.
Sergio Busquets w’imyaka 34 amaze gukinira Barcelona inkino 718 – umukinyi agira gatatu amaze gukina inkino nyinshi muri kahise k’uyu murwi.
Ku rutonde rw’ivyo yashoboye gukorera uno murwi harimwo incuro umunani yatsindiye ihiganwa rya Espagne La Liga, ibikombe indwi vya Copa del Rey, ibikombe indwi vya Super Cup ya Espagne, hamwe n’ibikombe bitatu vya Ligue des champions/Champions League.
Busquets ati: "N’aho ari ingingo igoye gufata, nibaza ko igihe cashitse".
Yongerako ati: "Ni urugendo ntazokwigera nibagira. Indoto zanje zamye ari ugukinana uno mwambaro kandi kuri kino kibuga. Ukuri kurarenze indoto zanje zose.
"Ryabaye iteka, indoto, isoko ry’umunezero, kandi vyambereye vyose kurwanira no guserukira uyu murwi imyaka myinshi.
"Ariko ibintu vyose bifise intango n’iherezo. Nshaka gushimira abantu bose bitanze kugira ngo ibi vyose bibe, kuva ku musi wa mbere gushika ku wa nyuma".
Busquets yinjiye muri uno murwi mu 2005 nk’umukinyi wo ku ruhande rw’imiyabaga, arabandanya gushika aje mu murwi B wa Barcelona, imbere y’uko atangura gukina mu murwi mukuru ku mumenyereza Pep Guardiola mu rukino na Racing Santander mu 2008.
Uyu mukinyi wo hagati ari mu nzira yo kurangiza akazi kiwe muri Barcelona n’igikombe kigira icenda c’ihiganwa, akaba agiye atsindiye ibikombe bitatu vya Super Cup vya Bulaya, hamwe na bitatu vy’ihiganwa mpuzamirwi ry’isi yose Club World Cup.
Uno murwi wa Xavi Hernandez ufise ikibanza ca mbere muri La Liga, ukaba usumvya uwuwukurikira amanota 13 yose mu gihe hasigaye inkino zitanu.
Mu myaka 15 amaze akina mu murwi mukuru yinjije ibitsindo 18 yongera atanga n’imipira 40 yavuyemwo ibitsindo.
Igihe yatangaza ingingo ya Busquets yo gusezera muri Camp Nou, Barcelona yavuze ko ari “umwe mu bakinyi beza cane bahagarariye umurwi”.
Uyu yahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Espagne yatanze imihoho mu mahiganwa mpuzamakungu muri Kigarama (12) umwaka uheze, inyuma yo gutsindira igikombe c’isi yose mu 2010, hamwe n’igikombe ca Bulaya mu 2012 ari kumwe n’umurwi nserukiragihugu w’igihugu ciwe.










