'Ni igitangaro': umwana wa mbere avutse mu Bwongereza ku mugore yahawe igitereko

Ahavuye isanamu, WTUK
Uruyoya rw'umukobwa ''rw'igitangaro'' rwabaye umwana wa mbere mu Bwongereza avutse ku mugore afise igitereko c'igiterano.
Nyina w'uwo mwana, Grace Davidson w'imyaka 36, yavutse afise igitereko kidakora neza, uwo bavukana aca amuha igitereko ciwe mu 2023 - ico gihe bukaba bwari bwo bwa mbere igitereko gitewe umuntu bikagenda neza mu Bwongereza.
Imyaka ibiri kuva bibaye, Grace yavyaye umwana wiwe wa mbere mu kwezi kwa kabiri. We n'umugabo wiwe, Angus w'imyaka 37, uwo mwana wabo w'umukobwa Amy, bamwitiriye uwo bavukana na Grace, ari nawe yamuhaye ico gitereko.
''Twararengewe kuko ntitwigeze twibaza uko vyari kugenda kugirango abe ari ngaha", niko Grace avuga. ''Cari igitangaza koko''.
Grace na Angus baba i Londres ariko bamuka muri Scotland, bizeye kuronka umwana agira kabiri bakoresheje ico gitereko Grace yatewe.
Abo bavyeyi mu ntango bari bahisemwo kuguma binumiye, ariko aho baboneye ko umwana Amy avutse ata ngorane, ubu babwiye BBC ivyerekeye ''igitangaro cabo''.
Umugwi w'abaganga bamuteyemwo ico gitereko babwiye BBC ko inyuma ya Grace hari abandi batatu bateye ibitereko bakoresheje ivy'abasize bemeye kugaba ibihimba vy'imibiri yabo imbere yo gupfa. Bafise ihangiro ryo kubikorera abandi 15 muri iyo ntambwe y'igerageza ry'ubwo buhinga.

Ahavuye isanamu, WTUK
Grace yavukanye indwara ifata abantu bake cane izwi nka syndrome ya Mayer-Rokitansky-Küster-Hauser (MRKH), aho usanga adafise aho igitereko (uterus) gikurira canke kikaba kidakura, ariko akaba yari abafise udusaho tw'amagi (ovaires) dukora neza. Igihe BBC yamuvugisha ubwa mbere mu 2018, yari yizeye ko nyina azomuha igitereko ciwe kugira nawe avyare abana - ariko basanze bidashoboka.
BBC yongeye kuja kuraba Grace n'umugabo wiwe Angus mu 2019 igihe umwe mu bakobwa bavukana na Grace, Amy Purdie, yariko arasuzumwa ngo barabe ko yari gushobora guha igitereko ciwe Grace. Amy n'umugabo bari bafise abana babiri kandi bavuga ko ata wundi bakeneye kwongera kwibaruka.
Imbere y'uko bakorwa (babagwa) abo bagore bavukana bompi barahawe impanuro zo kwa muganga. Grace n'umugabo na bo nyene barakurikiranywe ku bijanye no gushobora kuvyara, ubu bakaba bafise insoro (embryons) nyinshi zibitswe. Grace avuga ko hari abari bamwemereye kumutwarira inda, ariko gutwara inda y'umwana wiwe ubwiwe yumva ari ibintu ''bihambaye cane''.
''Namye niyumvamwo kuba umuvyeyi,'' niko avuga, ''ariko imyaka yaraheze nguma ndavyikuramwo kuko vyari biteye ubwoba gufata iyo nzira.''
Umwana wa mbere ku mugore atewe igitereko yavukiye muri Suede mu 2014. Kuva ico gihe abagore 135 baramaze guterwa ibitereko mu bihugu birenga 10 birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Ubuhindi na Turkiya. Abana hafi 65 baramaze kuvuka.
Igihe Grace yaterwa igitereko mu 2023, hakoze umugwi w'abaganga n'abaforoma 30 mu kiringo c'amasaha 17 kugira bagikure muri Amy bagishire muri Grace.
Isabel Quiroga, umukuru w'uwo mugwi ku bitaro vya Churchill i Oxford, avuga ko n'ubwo gukora abo bantu vyashobora kubatera ingorane, kwari ''ukwongereza n'ugutanga ubuzima - kandi nta kiza kiruta ico woronka.''
Amy avuga ko atumvise ko hari ico yatakaje nk'uko bishikira abagore bamwe bamwe iyo bakuwemwo igitereko, kuko yaciye abona akunguko uwo bavukana aronse. Grace yatanguye kuja mu butinyanka haciye indwi zibiri aronse ico gitereko aca asama inda kw'igerageza rya mbere hakoreshejwe ubuhinga bwo kumushiramwo urusoro, rwabanje kubikirwa muri laboratoire -IVF.
''Ntiyavyumva'' igihe yumva ubwa mbere umwana yikomye mu nda, nk'uko avuga, yongerako ko igihe cose yamaze atwaye iyo nda cari ''ikidasanzwe vy'ukuri''.
Amy yavyaye ku buryo bwa cesarienne (bwo kubagwa) ku bitaro Queen Charlotte's mu burengero bwa Londres ku wa 27 Ruhuhuma. Grace na Angus bizigiye kuronka umwana agira kabiri - umwanya wose abaganga bazovugira ko ari igihe ciza.
Ico gitereko yahawe azoca agikurwamwo niyo yavyara umwana wa kabiri. Ivyo bizotuma Grace ahagarika gufata imiti ya buri munsi ariko ubu kugira umubiri wiwe ntiwanke ico gitereko c'uwo bavukana. Gufata iyo miti bishobora kwongereza ivyago vyo kurwara kanseri zimwe zimwe, cane cane iyo miti ifashwe ku kiringo c'imyaka myinshi - ariko umuganga abaga Isabel Quiroga avuga ko ivyo vyago bica bija ku rugero rusanzwe igitereko kimaze kuvanwayo.

Ahavuye isanamu, WTUK
Umwigisha wa kaminuza Prof Richard Smith, umuganga w'umuhinga mu bijanye n'ivyo kuvyara no kubaga amaze imyaka akora ubushakashatsi ku buhinga bwo gutera igitereko avuga ko ivuka rya Amy rizoha icizere abagore 15.000 mu Bwongereza bafise imyaka yo kuvyara ariko batagira igitereko gikora neza, muri abo 5.000 bakaba bavutse batagira igitereko.
Se wa Amy, Angus, avuga ko we na Grace batabona ingene boshimira uwuvukana n'umugore wiwe yatumye baba abavyeyi. Ni naco gituma bamwitiriye uwo mwana.
Kuri Grace, kuronka Amy vyatumye yiyumvamwo uwo bavukana gusumba.
''Vyari ibintu bitoroshe na gato kumureka ngo ankorere ivyo bintu,'' niko avuga, ''ni igikorwa kirenze c'urukundo rw'abavukana.''













