Intambara ya Ukraine: Zelensky yirukanye umukuru w’igendereza n’umushikirizamanza mukuru

Ivan Bakanov (i bubamfu) na Iryna Venediktova gushika ubu ntaco barashikiriza ku vyerekeye iyi ngingo yo kubirukana

Ahavuye isanamu, Future Publishing via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivan Bakanov (i bubamfu) na Iryna Venediktova gushika ubu ntaco barashikiriza ku vyerekeye iyi ngingo yo kubirukana

Perezida Volodymyr Zelensky yirukanye umukuru w’igisata ca Ukraine kijejwe igendereza (SBU) be n’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, abagiriza ivyaha vyinshi vy’ubuhemu muri bino bisata bibiri bikomeye vy’igihugu.

Avuga ko abahoze ari abakozi barenga 60 ubu bakora nk’abakeba ba Ukraine mu turere Uburusiya bwigaruriye.

Yongerako y’uko imanza zirenga 651 z’abagirizwa ubuhemu no gukorana n’umwansi zugurujwe ku bategetsi b’inyamiramabi.

Aba bategetsi birukanywe, Ivan Bakanov na Iryna Venediktova, ntaco barashikiriza.

Mu butumwa yaraye atanze akoresheje videwo mu masaha yitereye ya nijoro ku wa Mungu mw’ijoro, Perezida Zelensky avuga ati: "Ivyaha nk’ibi vyiziziye inkingi z’umutekano w’igihugu …bitera ibibazo bikomeye cane ku bakuru [b’ibi bisata bibiri].

"Kimwe kimwe cose muri ibi bibazo kizotegerezwa kuronkerwa inyishu nyayo", niko uyu mukuru w’igihugu ca Ukraine avuga.

Uyu mukuru wa SBU Ivan Bakanov, umugenzi wa Zelensky bakuranye kuva mu bwana, yirukanywe inyuma y’ihagarikwa ry’uwahoze ari umukuru w’iki gisata nyene ca SBU muri ya ntara ya Crimée /Crimea yigaruriwe n’Uburusiya mu 2014. Oleh Kulinych yikekwako ubuhemu.

Mu yandi makuru ku ntambara ya Ukraine ejo ku wa Mungu:

  • Ukraine ivuga ko igitigiri c’amato y’intambara y’Uburusiya atari make mu Nyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) yakuwe muri Crimée akimurirwa kure amaja mu buseruko ku kivuko ca Novorossiysk. Ibi bibaye mu gihe Kyiv iherutse kuronka inkoho zirasa kure ibisasu vya misire yahawe n’incuti zayo zo mu Burengero.
  • Dmitry Medvedev yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburusiya, ubu akaba ari icegera c’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano, yagabishije Ukraine ko uzoba ari “Umusi w’Urubanza” mu gihe yoramuka iteye akarere ka Crimée.