Ihiganwa ry'agashimwe kitiriwe Dumor Award 2023 ryatangujwe

BBC iriko irahiga umumenyeshamakuru akiri muto w'umunye Afrika izoha agashimwe kitiriwe Komla Dumor, ku ncuro y'umunani.
Abamenyeshamakuru bo hirya no hino muri Afrika bahamagariwe guhiganirwa ako gashimwe, gafise intumbero yo gushira ahabona no guteza imbere abafise impano bashasha bo kuri uwo mugabane.
Uwuzotsindira ako gashimwe azomara amezi atatu ku cicaro gikuru ca BBC i Londres, ahabwe ubumenyi n'izindi nyigisho.
Ikiringo co gusaba kuja muri iryo higanwa kizorangirana n'itariki 14 z'ukwezi kwa kabiri 2023 isaha 23:59 GMT.
Ako gashimwe kashinzwe mu guha icubahiro Komla Dumor, umumenyeshamakuru w'umunye Ghana atari asanzwe yakorera BBC World News, yapfuye giturumbuka afise imyaka 41 mu 2014.
Umupfakazi wa Dumor, Kwansema Dumor yavuze ko "ashimishwa" n'ivyo umugabo wiwe yaranguye kuri BBC, kandi ko umuryango wiwe "ushimira BBC kuba imwibuka" ibicishije kuri ako gashimwe.
BBC iratera intege abamenyeshamakuru bo hirya no hino muri Afrika ngo bahiganirwe ako gashimwe, gafise intumbero yo guteza imbere no kwishimira abamenyeshamakuru bafise impano baba kandi bakora kuri uwo mugabane.
Uretse gukarihirizwa ubwenge, uwuzotahukana ako gashimwe kandi azoronka akaryo ko kuja mu gihugu kimwe ca Afrika gukora inkuru izoba yagizweko amatohoza, ikazoshikirizwa abumviriza BBC bose kw'isi.
Umumenyeshamakuru akomeye kandi w'inkerebutsi mu gukora inkuru zo muri Afrika mu buryo bwumvikana kandi ata ho zegamiye, Dumor yaragize ico amarira Afrika hamwe n'isi.
BBC yariyemeje gukurikiza iragi ryiwe ibicishije kuri ako gashimwe mu guha akaryo abamenyeshamakuru b'abanye Afrika gutanga inkuru zo kw'itsitso mu ntumbero yo gushikira abakunzi ba BBC kw'isi yose.
Umumenyeshamakuru wo kumboneshakure wo muri Zambia Dingindaba Jonah Buyoya ni we yatsindiye agashimwe ko mu mwaka uheze - agashimwe ka mbere katsindiwe n'uwu mu bumanuko bwa Afrika.
Igihe yari mu nyigisho nkarishabwenge, yaragiye mu mazinga ya Seychelles gukora inkuru ku kuntu ivyatsi vyo mw'ibahari vyoshobora gufasha mw'ihindagurika ry'ibihe.
Buyoya yagize ati:"Komla Dumor yabaye intangarugero kuri jewe, gutwara ako gashimwe rero, no kubandanya iragi ryiwe, n'agateka.
"Ndateye akamo abamenyeshamakuru b'abanye Afrika ngo bahiganirwe ako gashimwe, n'akaryo kadasanzwe ko kwiga no guteza imbere ubumenyi bukenewe mu kumenyesha inkuru zo muri Afrika."
Liliane Landor, umugenduzi mukuru wa BBC News International Services yagize ati:"Aka gashimwe co kimwe n'abagatsindiye imbere vyerekana ishaka rya Komla ryo gushikiriza inkuru za Afrika zikora ku mutima."
Dumor yari umumenyeshamakuru wa Focus on Africa, ikiganiro ca mbere gishikiriza amakuru ku mboneshakure buri musi kuri BBC mu congereza, agenewe abanye Afrika. Yakorera kuri BBC World News, igiye kuzokorera hamwe mu mpera z'uyu mwaka na BBC News Channel mu kugira igisata kimwe ca 24-hour TV news.
Yari kandi umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye bavuga amakuru mu gitondo kuri BBC World News yerekeye Uburaya.
Yari yagiye gukorera kuri BBC mu 2007 inyuma y'imyaka irenga cumi amenyesha amakuru mu gihugu ciwe c'amavukiro ca Ghana, aho yatsindiye agashimwe k'umumenyeshamakuru mwiza w'umwaka.
Hagati ya 2007 na 2009, yavuga amakuru kuri Network Africa kuri BBC World Service, imbere yo kuja muri The World Today.
Mu 2009, Dumor yabaye uwambere avuze amakuru yerekeye ubutunzi muri Afrika kuri BBC World News, Africa Business Report. Yaragize ingendo hirya no hino muri Afrika, arabonana n'abagwizatunga bakomeye bo muri Afrika yongera aranavuga n'uko ubutunzi bwifashe kuri uwo mugabane.
Mu 2013, Dumor yashizwe ku rutonde rw'abanye Afrika 100 bakomeye cane mu kinyamakuru ca New African.











