Ihiganwa ry'agashimwe BBC Komla Dumor Award 2022 ryatanguye

Komla Dumor

BBC iriko irarondera indanga iriko iratera imbere mw'imenyeshamakuru ryo muri Afrika kugira ahabwe agashimwe ka BBC kitiriwe Komla Dumor (BBC World News Komla Dumor Award) ubu kageze mu mwaka wako ugira ndwi.

Abamenyeshamakuru b'irya n'ino muri Afrika bahamagariwe kwiyandikisha kugira bahiganirwe ako gashimwe, kagenewe gushira ahabona no guteza imbere impano zo guteza imbere umwuga muri Afrika.

Uwuzogatsindira azomara amezi atatu ari ku cicaro gikuru ca BBC i Londres, yongererezwa ubumenyi kandi araba ingene ahandi bigenda.

Ukwiyandikisha bizorangira itariki 16 Ruhuhuma/Gashyantare (ukwezi kwa kabiri) 2022 isaha 23:59 GMT (isaha zine/sayine z'ijoro zibura umunota umwe mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda).

Ako gashimwe kashinzwe kugira hibukwe Komla Dumor, umumenyeshamakuru w'impano zidasanzwe yaturuka muri Ghana yashikiriza amakuru kuri BBC World News, yapfuye giturumbuka mu 2014 afise imyaka 41.

Umupfakazi wa Dumor, Kwansema Dumor, yabwiye uwuheruka gutwara ako gashimwe, Victoria Rubadiri, ko ''yishimira'' uruhara umugabo wiwe yagize kuri BBC, kandi ko umuryango wiwe "ushimira BBC kuba umwibuka" biciye kuri ako gashimwe.

BBC irahimiriza abamenyeshamakuru muri Afrika kwiyandikisha kugira bahiganirwe ako gashimwe, karondera guteza imbere no gukeza umuntu afise impano zidasazwe zo kumenyesha amakuru, aba kandi akorera muri Afrika.

V Rubadiri
Aka karyo katumye nshobora kubona uruganda rw'amakuru ku rwego rw'umugabane ndanahungukira ubwenge bwo gutangaza inkuru za Afrika ukundi.
Victoria Rubadiri
Yatsindiye agashimwe BBC World News Komla Dumor Award 2020
1px transparent line

Uretse kwigishwa, uwuzoba yatsindiye agashimwe azoronka akaryo ko gutembera muri kimwe mu bihugu vyo muri Afrika gukora inkuru azoba yakoreye ubushakashatsi, iyo nkuru ikazoca kuri BBC mu bisata vyayo vy'isi.

Komla Dumor yari umumenyeshamakuru yari azwi mu gushira imbere no kwitaho gukora inkuru za Afrika mu buryo bwuzuye kandi bufatiye ku nkuru uko iri. Gutyo akaba yarasize iragi kuri Afrika no kw'isi yose.

BBC yiyemeje gukomeza iragi ryiwe biciye muri ako gashimwe mu gufasha abamenyeshamakuru bo muri Afrika gutanga inkuru zihariye kandi zifatiye ku mpande nyinshi kugira zishikire abantu benshi bashoboka kw'isi.

Kubera ikiza ca coronavirus, Rubadiri ntiyashoboye kuja mw'ikarishabwenge ryiwe mu 2020, rica ryimkurirwa mu 2021.

Muri ico gihe, yaragiye Kinshasa, umurwa mukuru wa Republika ya Demokrasi ya Congo, gukora inkuru ku buhinga bwa none bwo guteza imbere umutekano mu kwunguruza abantu.

Rubadiri yashikirijwe ako gashimwe n'umuyobozi mukuru wa BBC Tim Davie.

Yavuze ati: "Uretse agateka gakomeye ko kwibuka izina ry'umuhisi Komla Dumor, hamwe n'uburemere bifise kugira BBC ibe yahaye agaciro igikorwa canje c'ubumenyeshamakuru, numvise muri jewe nateye imbere muri ayo mezi atatu namaranye na BBC i Londres."

"Ukwiga hamwe no kubona ingene BBC ikora vyatumye ubumenyi bwanje buja ku rundi rugero. Ako karyo katumye mbona ibintu ku rugero rwagutse rwa Afrika binyugurura amaso mu kubona inzira nshasha z'ingene noshikiriza inkuru za Afrika."

Lilane Landor, umuyobozi wa BBC World Service yavuze ati: "Ndanezerewe no kubona agashimwe BBC World Service Komla Dumor Award kagatutse ku mwaka wako ugira indwi."

"Abamaze gutsindira ako gashimwe barabaye vy'ukuri akarorero k'ingene Komla yitangira ugushikiriza inkuru za Afrika mu buryo bwimbitse, burimwo n'ubumenyi. Turindiranye igishika kuronka no guha ikaze uwuzotsindira ako gashimwe uwu mwaka hanyuma iragi rya Komla rikomeze."

Dumor yashikiriza amakuru kuri Focus on Africa, ikiganiro ca mbere ca television ca buri munsi cihariye kuri Afrika mu congereza kuri BBC World News. Yari kandi umwe mu bashikiriza amakuru yo mu gitondo ku gisata ca Buraya ca BBC World News.

Yinjiye muri BBC mu 2007 inyuma y'imyaka hafi 10 akora umwuga wo kumenyesha amakuru mu gihugu c'amavukiro yiwe, Ghana, aho yaronkeye agashimwe ka Ghana Journalist of the Year.

Hagati ya 2007 na 2009 yashikiriza ikiganiro Network Africa ca BBC World Service, imbere y'uko aja mu kindi citwa World Today Programme.

Mu 2009, Dumor yabaye uwa mbere yashikirije ikiganiro c'amakuru y'ubugwizatunga muri Afrika kuri BBC World News, Africa Business Report. Yaratembereye muri Afrika, ahura n'abagwizatunga b'abanya-Afrika bakomeye anashikiriza amakuru kw'iterambere ry'ubugwizatunga kuri uwo mugabane.

Mu 2013 Dumor yabaye mu bantu 100 bagiye ku rutonde rw'ikinyamakuru New Africa nk'abanya-Afrika ba mbere bafise ico borabirwako.

Presentational grey line

Abamaze gutsindira ako gashimwe:

  • 2015: Nancy Kacungira wo muri Uganda
  • 2016: Didi Akinyelure wo muri Nigeria
  • 2017: Amina Yuguda wo muri Nigeria
  • 2019: Solomon Serwanjja wo muri Uganda
  • 2020: Victoria Rubadiri wo muri Kenya
Presentational grey line

Wifuza kwiyandikisha ngo uhiganirwe agashimwe BBC World News Komla Dumor Award 2022 fyonda/kanda ngaha (Insiguro y'ingene ubikora iri mu congereza).