Ingene Icegera c’umukuru wa Hamas yishwe mu gitero ca drone ari i Beirut muri Libani

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Raffi Berg & Graeme Baker
- Igikorwa, BBC News
Israel ishimangira ko igandagurwa ry’uno mutegetsi wa Hamas i Beirut atari igitero kuri Libani, mu gihe abansi bayo bagabisha ko “izohanwa” kubera uru rupfu.
Umuvugizi wa Israel avuga ko Saleh al-Arouri yapfuye mu “gitero categuwe neza kigakorwa ku burungozi bwa Hamas gusa”.
Hamas iriyamiriza igandagurwa ryiwe, mu gihe incuti yayo umutwe wa Hezbollah ivuga ko ari igitero gihonyanga ubusugire bwa Libani.
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Libani yagirije Israel kugerageza “gukwegera Libani mu ...mishamirano”.
Ibinyamakuru vya Libani bivuga ko Arouri, icegera c’umukuru wa Hamas ajejwe ivya poritike, yagandaguriwe mu gitero c’indege itagira umudereva (drone) mu bumanuko bwa Libani kumwe n’abandi batandatu – intwazangabo zibiri za gisirikare za Hamas hamwe n’abandi bategetsi bane.
Yari umutegetsi mukuru muri Qassam Brigades, ishami rya gisirikare rya Hamas, akaba yari incuti ya hafi cane ya Ismail Haniyeh, umukuru wa Hamas. Yari muri Libani nk’umuhuza hagati y’umuhari wiwe na Hezbollah.
Nk’uko bisanzwe ku bategetsi ba Israel, umuvugizi wa Israel Mark Regev yanse kwemeza ko ari Israel yagandaguye uno mutegetsi, ariko akaba yabwiye imboneshakure MSNBC yo muri Amerika ati: "Uwo ari we wese yabikoze, ni ngombwa ko abantu batahura ko iki atari igitero kuri Libani.
"Nticari mbere n’igitero kuri Hezbollah, umuhari w’iterabwoba.
"Uwo ari we wese yakoze ibi yakoze igitero categuwe neza ku burongozi bwa Hamas gusa. Uwo ari we wese yakoze ibi afise ico apfa na Hamas. Ibi biratomoye".
Arouri w’imyaka 57 ni we mutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru wa Hamas yishwe kuva Israel yinjiye mu ntambara n’uno muhari inyuma y’igitero co ku wa 7 Gitugutu 2023.
Kuri uwo musi, igifyo c’abarwanyi ba Hamas barashwaye Israel batera abanyagihugu mu micungararo y’urubibe, bica abababa 1.200, benshi muri bo bakaba bari abasivire, bongera banyururiza muri Gaza abandi bababa 240.
Israel yaciye itangura igitero ca gisirikare co kwihora, ifise intumbero yo gusambura Hamas.
Kuva ico gihe, abanya-Palestina barenga 22.000 – abenshi muri bo bakaba ari abagore n’abana – baramaze kwicirwa mu bitero vya Israel kuri Gaza, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza.
Hezbollah imaze kurekurira kuri Israel ibisasu vya muzinga bitari bike yongera inahangana n’ingabo za Israel muri ino ntambara yo muri Gaza.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Libani rivuga ko Arouri yishwe n’igitero ca drone ya Israel ku biro vya Hamas mu nkengera z’akarere ka Dahiyeh mu bumanuko bwa Beirut.
Uwabibonye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko yabonye abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka n’abajejwe ubuvuzi biyegeraniriza hafi y’inzu y’igorofa ndende yabonekamwo ikinogo kinini mu vyaboneka ko hari kw’igorofa ya gatatu.
Amashusho yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana imodoka iriko irasha n’amazu yononekaye cane mu karere kaboneka ko gatuwemwo n’abanyagihugu.
Akarere ka Dahiyeh kazwi ko ari ingome ya Hezbollah.
Haniyeh, umukuru w’ishami rya poritike rya Hamas, yavuze ko iki gitero ari “igikorwa c’iterabwoba kandi c’ubuhemu...ihonyangwa ry’ubusugire bwa Libani, n’igikorwa co kwagura ingendo y’ubugizi bwa nabi”.
Hezbollah ivuga ko ifata ko urupfu rwa Arouri ari "igitero gikomeye kuri Libani, ku banyagihugu bayo, ku mutekano wayo, ku busugire bwayo n’ukwirwanako kwayo, kandi kikaba kirimwo ubutumwa bwa poritike n’umutekano bukomeye".
Ivuga ko iki gitero ari “ikintu giteye akaga gakomeye muri kino gihe c’intambara...kandi natwe muri Hezbollah turemeza ko iki caha kidashobora kwijana kidahanywe.
"Urutoke ruri ku mbarutso, kandi inguvu zayo zose zirateguye ku rugero rwo hejuru cane”.
Irani, igihugu gifashe mu mugongo bikomeye iyi mihari yompi, ivuga ko igandagurwa rya Arouri “rizokwongereza ata gushidikanya iyindi ntera mu kwirwanako”.
Inama nshikiranganji y’umutekano wa Israel yari itegekanijwe ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri kugira ngo bige ku nteguro y’inyuma y’intambara muri Gaza yarasibijwe.
Umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire, Abdallah Bou Habib, yabwiye BBC Radio 4 ko reta yiwe iriko iravugana na Hezbollah kugira ngo "tubumvishe ko badategerezwa kwihora bonyene ubwabo”.
Mu masaha 24 ari imbere, bizoba bizwi nimba “bazokwihora canke batazokwihora”, nk’uko abivuga, akongerako ati: "Biraduteye impungenge, Abanyalibani, eka mbere na Hezbollah, ntibashaka gukwegerwa mu ntambara y’akarere”.
Yongeye atera akamo ibihugu vy’Uburengero “gutera igitsure Israel kugira ngo ihagarike ibitero vyayo hamwe n’ibikorwa vyayo, atari kuri Libani gusa, atari kuri Beirut gusa, ariko kandi no muri Gaza".
Umushikirangaji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yariyemeje kurimbura abategetsi bose ba Hamas, aho bazoba bari hose.
Arouri yafatwa kandi nk’umukuru w’ishami rya gisirikare rya Hamas muri Cisjordanie/West Bank, aho ari we yahagararira ibitero biberayo, nk’uko ibinyamakuru vya Israel bibivuga.
Azwi ko yagize uruhara mw’inyuruzwa n’igandagurwa ry’imiyabaga itatu ya Israel mu karere ka Cisjordanie kigaruriwe na Israel mu 2014, nk’uko amakuru abivuga, kandi ko yigeze no gupfungirwa mu mabohero ya Israel kubera ibindi bitero.
Ikinyamakuru The Times of Israel kivuga ko yari kandi umwe mu bategetsi ba Hamas bafitaniye ubucuti bwa hafi cane na Irani hamwe na Hezbollah.










