CAN 2023: Urugendo mu masanamu kuri kahise k'igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru

CAN
Insiguro y'isanamu, Kuva inkino z'igikombe ca Afrika zitanguye mu 1957, haba umunezero mwinshi ku kibuga no hanze yaco

Abakunzi b'umupira w'amaguru, abakinyi n'ibimenyeshamakuru kw'isi yose, berekeje amaso mu gihugu ca Côte d'Ivoire mu nkino z'igikombe ca Afrika kigira ica 34 (CAN) zitangura kuri uno wa 13 Nzero (1). Iryo higanwa riratanga akazi ku bafata amasanamu nka Gavin Barker, yakurikiranye urukino rwa nyuma ubwa mbere mu 1996.

Mu gihe ubu ari muri Afrika y'uburengero gukurikirana ihiganwa rigira 15, uwo munya Afrika y'Epfo arerekana amwe mu mafoto meza mu yo yabitse mu myaka mirongo itatu iheze.

1996 -Igihugu cakiriye inkino: Afrika y'Epfo. Abatsinze: Afrika y'Epfo

Inkino za mbere za CAN naravye ntizabereye gusa muhira, zanatanguranye n'akazi kanje. Inyuma yo gukurikirana inkino zimwe zimwe, nararorereye n'urukino rwa nyuma ndi mu bwugamo.

Ikibuga FNB cari cuzuye umunezero. Ariko, si imwe mu mafoto yanje, n'iyo umugenzi wanje Matthew Ashton, yafotoye neza abantu bari mu munezero urukino rwaheze, anerekana ikibanza c'umupira w'amaguru nk'ikintu gifasha abantu kuja hamwe.

Abategetsi bakomeye nka Nelson Mandela, FW de Klerk n'umwami Goodwill Zwelithini bagiye hamwe n'abakinyi mu kwifotoza.

Ku giti canje, yari intsinzi kuri data wanje yari yarapfuye, Clive, yahoze ari umumenyereza, yari yafashije umugwi wari ufise ibibazo mu 1994, gutwara igikombe inyuma y'amezi cumi n'umunani. Ariko ntiturasubira gushika kuri urwo rugero rw'umupira w'amaguru.

Nelson Mandela akiri prezida wa Afrika y'Epfo yarifotoje ari inyuma y'igikombe, yambaye 'maillot' z'umugwi nserukiragihugu wa Afrika y'Epfo.
Insiguro y'isanamu, Nelson Mandela akiri prezida wa Afrika y'Epfo yarifotoje ari inyuma y'igikombe, yambaye 'maillot' z'umugwi nserukiragihugu wa Afrika y'Epfo.

1998 - Igihugu cakiriye inkino: Burkina Faso. Abatsinze: Misiri

Bari kumwe n'umumenyereza mushasha, abakinyi banje ba Bafana Bafana nkunda cane, baragiye mu rukino rwa nyuma, ariko baratsindwa n'umugwi wa Misiri, ahagaragaye cane umukinyi Hany Ramzy.

Narakunze cane uko Ramzy yavyifashemwo kuri iyo ntsinzi, n'ingene abakinyi ba Misiri bateruye igikombe bambaye 'maillot' za Afrika y'Epfo - ivyo tudakunze kubona ubu kubera amakenga ahagaze ku masezerano imigwi iba ifitaniye n'abayiha amahera.

Izo nkino zateguwe na Burkina Faso zarerekanye ingorane ibihugu bikenye bigira igihe vyakiriye inkino nk'izo, ariko kandi zamfashije mu gutera imbere mu mwuga, kuko nari umwe mu bamenyeshamakuru bake bakurikiranye urwo rukino rwa nyuma.

Hany Ramzy ateruye igikombe ca CAN 1998, inyuma y'aho Misri itsindiye Afrika y'Epfo igatwara ico gikombe ku ncuro ya kane.
Insiguro y'isanamu, Hany Ramzy ateruye igikombe ca CAN 1998, inyuma y'aho Misiri itsindiye Afrika y'Epfo igatwara ico gikombe ku ncuro ya kane.

2000 - Ibihugu vyakiriye ihiganwa: Ghana na Nigeria. Abatsinze: Cameroun

Imbere y'uko haza ivyuma vyo gufotora vya none - mbere rimwe na rimwe ndabitwenga iyo ubu abafata amafoto bariko baridogera 'internet' iruhande y'ikibuga - ni ryo higanwa rya nyuma twakoresheje uburyo bwa kera.

Kera, twagenda tunyaruka mw'ihoteri gushusha imiti twakoresha mu kwoza amafoto - rimwe na rimwe ku muriro usanzwe mu gihe umuyagankuba wagiye - kugira twogereze ayo mafoto mu cumba kitabona.

Tumaze kuyanikira, twayasohorera mu mashini ngendanwa, haba hasigaye gusaba Imana ko vyokunda ko turungika amafoto i Johannesburg kugira akwiragizwe.

Umunye Nigeria Taribo West yari umuntu agaragara cane haba mu kwigina intsinzi canke ababaye amaze gutsindwa mu rukino rwa nyuma rwabahuje n'umukeba wabo Cameroun.

Taribo West
Insiguro y'isanamu, Abantu benshi barakunda kuraba Taribo West kubera uko yasokoza, ariko uwo mukinyi w'inyuma wa Nigeria yaruhiye gutahukana umudari w'ifeza inyuma yo gutsindwa na ku mapenalite 4-3

2002 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Mali. Abatahukanye intsinzi: Cameroun

Cameroun ni yo yasubiye gutahukana intsinzi ikuyemwo umugwi ukomeye wa Sénégal wanageze mu gice ca kane gishira ica nyuma c'igikombe c'isi, inyuma y'amezi make.

Imayo zitagira amaboko z'umugwi nserukiragihugu wa Cameroun na zo zatangariwe na benshi.

Inyuma gato y'aho baronkeye intsinzi, umukinyi w'imbere rurangiranwa Samuel Eto'o, ntiyari yambaye gusa umupira utagira amaboko, ahubwo yasa n'uwuri gusa.

Inyuma y'imyaka mirongo ibiri, sindamenya nimba yabikoze kubera umunezero canke ari abakunzi ba Cameroun bamukuye iyo mayo - nibaza ko ari ico ca kabiri!

Samuel Eto'o
Insiguro y'isanamu, Samuel Eto'o umukinyi wa mbere afise ibitego vyinshi muri CAN, vyose hamwe 18, ariko arigina intsinzi igira kabiri yo mu 2002 mu gihugu ca Mali

2004 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Tunisie. Abatsinze: Tunisie

Mu gihe abakinyi ba Afrika bari benshi mu mahiganwa ya Buraya, Tunisia yafashe ingingo yo guha ubwenegihugu abanye Brezili Jose Clayton na Francileudo Santos mu gusubiriza abagiye i Buraya.

Nimba amasanamu agaragara neza, nko mu gihe hariko haratangwa igikombe no mu kukigina, ayo mafoto kandi arerekana uwatsinze ico gihe.

Ndakunda iyi foto, kuko ni gake ushobora gufata neza umuntu azibiye umupira gutya - nk'uku kwa Clayton ku munye Maroc Mustapha Hadji - yaciye ataruka ukuraho atabigambiriye.

Jose Clayton yarafashije kuzibira Mustapha Hadji, umukinyi wa mbere w'umwaka wa 1988, aho Tunisia yatsinda Maroc 2-1 mu rukino rwa nyuma rwa CAN 2004
Insiguro y'isanamu, Jose Clayton yarafashije kuzibira Mustapha Hadji, umukinyi wa mbere w'umwaka wa 1988, aho Tunisia yatsinda Maroc 2-1 mu rukino rwa nyuma rwa CAN 2004

2006 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Misiri. Abatsinze: Misiri

Mfata ko ari rumwe mu nkino z'igikombe ca CAN nakurikiranye kuko carimwo ata nkeka benshi mu bakinyi beza, harimwo umunya Misiri Mohamed Aboutrika, umunye Côte d'Ivoire Didier Drogba, umunye Ghana Michael Essien n'umunye Cameroun Eto'o.

Drogba na Eto'o bahuriye mu gice ca kane gishira ica nyuma muri rumwe mu nkino zitazokwibagirwa muri Afrika, abo bakinyi babiri b'imbere batera inkuru imbere y'uko batera penaliti, imbere y'uko abakinyi bose binjiza izo penaliti harimwo n'abanyegori.

Mu gihe banganya 11 kuri 11, Eto'o yarahushije bituma umugwi wa Drogba ubandanya ihiganwa.

Ariko Inzovu zo muri Côte d'Ivoire zaratsinzwe mu rukino rwanyuma ku mapenaliti, aho Aboutika yatsinze penaliti y'intsinzi inyuma y'aho umunyegori Essam El-Hadary akuriyemwo imipira ibiri. Uwo munyegori rurangiranwa yerekaye umunezero mu buryo butangaje, ndakunda n'ingene asa n'uko ariko arabwira abarorerezi 70.000 "nari nababariye" ko tuzotsinda.

Umunyegori Eaam El-Hadary yigina intsinzi ya Misri kubanye Cote d'Ivoire
Insiguro y'isanamu, Umunyegori Eaam El-Hadary yigina intsinzi ya Misri kubanye Cote d'Ivoire

2008 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Ghana. Abatsinze: Misiri

Umukinyi rurangiranwa wa Misiri, Aboutrika yarasubiye kwigaragaza mu kwinjiza igitsindo kimwe rukumbi mu rukino rwa nyuma na Cameroun. Birababaje kuba atigeze akina ku mugabane wa Buraya. Sinibaza ko hari umukinyi wo muri Afrika yavyifatamwo neza mu nkino zikomeye nka we.

Ifoto nacaguye ngaha ni iya Essien.

Ishobora kuba ari ifoto nziza y'umunezero, ariko yerekana ukunebagurwa kwabaye ku bakinyi ba Ghana muri iryo higanwa. Bavuga ko ari we ahetse bagenzi we ku mugongo.

Ghana ntirashobora gutwara igikombe ca CAN kuva itsindiye ica kane 1982
Insiguro y'isanamu, Ghana ntirashobora gutwara igikombe ca CAN kuva itsindiye ica kane 1982

2010 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Angola. Abatsinze: Misiri

Mu gihe abanye Misiri bari basubiye gutsinda, nari nzi ko ari ngombwa gufata ifoto ya Hassan Shehata na Ahmed Hassan, bari bahejeje gutwara ibikombe bitatu bikurikiranya nk'umumenyereza na kizigenza.

Naratangajwe no kubona ingene Shehata umunezero wamurenze, mu gihe bitari vyagenze gutyo ku ntsinzi za mbere zo mu 2006 na 2008.

Hassan ni we yari kizigenza w'umugwi. Inyuma y'aho igitsindo ca Misiri cinjiriye mu minota ya nyuma gica inkokora abakinyi ba Ghana, kwari nko kubona umuvyeyi n'umwana wiwe bishimira ivyo bagezeko ata n'umwe arashikira.

Hassan Shehata ariko aragwa mu nda umukinyi wiwe wo hagati, inyuma yo kuba umumenyereza wa mbere atwaye ibikombe bitatu yikurikiranya
Insiguro y'isanamu, Hassan Shehata ariko aragwa mu nda umukinyi wiwe wo hagati, inyuma yo kuba umumenyereza wa mbere atwaye ibikombe bitatu yikurikiranya

2012 - Ibihugu vyakiriye ihiganwa: Gabon na Guinée Équatoriale . Abatsinze: Zambie

Hariho ibintu bitegerezwa gushika.

Mu 1993 indege yari itwaye umugwi nserukiragihugu wa Zambia mu nkino zo gukuranamwo z'igikombe c'isi muri Sénégal yarakorokeye mu nkengera y'igihugu ca Gabon, ihitana ubuzima bw'abari muri yo bose.

Inyuma y'imyaka idashika 20, umugwi nserukiragihugu w'ico gihugu warabateye iteka ku buryo bushimishije, mu gutahukana igikombe ca Afrika mw'ihiganwa ryabereye mu gihugu ca Gabon.

Batsinze bafise abakinyi rurangiranwa bake, ariko bari kumwe n'umumenyereza akomeye Hervé Renard. Iyo foto yiwe yafashwe na Sydney Mahlangu irerekana ingene akunda urwo rukino, akabirya gatuma aguma arondera intsinzi.

Yambaye ishati yiwe amanyerewe ko idahara ku mubiri, umufaransa Hervé Renard yerekana agashavu imbere yo gushikana ku ntsinzi Zambia itari yitezwe
Insiguro y'isanamu, Yambaye ishati yiwe amanyerewe ko idahara ku mubiri, umufaransa Hervé Renard yerekana agashavu imbere yo gushikana ku ntsinzi Zambia itari yitezwe

2013 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Afrika y'epfo. Abatsinze: Nigeria

Vyama bigoye kuronka ifoto nziza y'umumenyereza ariko arigina intsinzi havuze ifirimbi ya nyuma, kubera abakinyi n'abamufasha kumenyereza baca bisuka mu kibuga bigatuma udashobora gufata ifoto nziza.

Kubwo igihamana, umunye Nigeria Stephen Keshi yari mu kibuga igihe havuzwa ifirimbi ya nyuma, bikaba vyaramfashije gufata ifoto yiwe ariko aramwenyura.

Kuri jewe, ni we yakoze igikorwa kinini gusumba umugwi, kuko uwo muhisi yaramenyereje uwo mugwi neza utagiramwo abakinyi bazwi rwose bahora bakina gushika atware igikombe ku buryo butari bwitezwe.

Stephen yapfuye afise imyaka 54, yabaye umumenyereza agira kabiri atwaye igikombe ca CAN nk'umukinyi n'umumenyereza, inyuma y'aho Nigeria itsindiye Burkina Faso 1-0 mu rukino rwa nyuma
Insiguro y'isanamu, Stephen yapfuye afise imyaka 54, yabaye umumenyereza agira kabiri atwaye igikombe ca CAN nk'umukinyi n'umumenyereza, inyuma y'aho Nigeria itsindiye Burkina Faso 1-0 mu rukino rwa nyuma

2015 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Guinée Équatoriale. Abatsinze: Côte d'Ivoire

Iyi foto ya Afriyie Acquah wo mu mugwi nserukiragihugu wa Ghana ahejeje gutsindwa, irerekana akababaro ata guhisha.

Narakoze uko nshoboye kugira uwo mukinyi yari yatowe nka mwiza muri urwo rukino ngo yerekane akamwemwe ariko aratora agashimwe kiwe, ariko yaguma araba hasi, azunguza umutwe.

Mu nyuma vyaranse rwose, atangura kurira yipfutse umupira mu maso.

Afriyie Acquah n'umwe mu bakinyi batatu b'abanye Ghana bahushije panalite. Ghana yatsinzwe kuri penalite 9-8 inyuma yo kunganya 0-0.
Insiguro y'isanamu, Afriyie Acquah n'umwe mu bakinyi batatu b'abanye Ghana bahushije panaliti. Ghana yatsinzwe kuri penalite 9-8 inyuma yo kunganya 0-0.

2017 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Gabon. Abatsinze: Cameroun

Inyuma y'aho Libiya ikuriyemwo akarenge ko itari kwakira ihiganwa, Gabon yaciye isubira kwakira inkino za CAN.

Imbere y'uko hatangura gukoreshwa VAR, iyi foto yari gushobora gukoreshwa mu gufata ingingo, aho Pierre-Emerick Aubameyang yagurutse mu kirere, bituma umuhagarikizi yemeza ko yakorewe ikosa n'umunyegori wa Burkina Faso, Hervé Koffi.

Ariko n'aho baronse ico gitsindo, igihugu ca Gabon cavuyemwo mu ntango z'ihiganwa, umugwi wa Cameroun ugizwe n'abakinyi bataramenyera ihiganwa ukaba ari wo waciye utwara igikombe kigira gatanu.

Kizigenza w'umugwi wa Gabon Pierre-Emerick Aubameyang yararonse penalite bariko bakina na Burkina Faso, ariko ico gihugu cari cakiriye iryo higanwa nticatsinze urukino na rumwe rwa CAN 2017.
Insiguro y'isanamu, Kizigenza w'umugwi wa Gabon Pierre-Emerick Aubameyang yararonse penaliti bariko bakina na Burkina Faso, ariko ico gihugu cari cakiriye iryo higanwa nticatsinze urukino na rumwe rwa CAN 2017.

2019 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Misiri. Abatsinze: Algérie

Ibibazo vy'umutekano vyatumye mu 2019, mu Misiri hataba umunezero nk'uwabaye ku rukino rwa nyuma rwa 2006 rwabere muri ico gihugu nyene.

Ku rukino rwa mbere, abafotora baratswe ivyo bari bazanye banywa, ibisigura ko abo twari kumwe bane na jewe nyene tutashoboe kuronka ico tunywa mu bushuhe burenza ibipimo 40C.

Imisi ibiri imbere y'aho, nari mu Bwongereza gukurikirana inkino z'igikombe c'isi ca Cricket, aho nibaza ko nari gushobora gufata ikawa mu gitondo ivanze n'amata asanzwe, ivyerekana ingene umuntu afata amafoto y'inkino agenda arahindagura ahantu akorera.

Aha hari haheze umwanya muremure ndondera ifoto nk'iyi, ingene abakinyi bifata ifirimbi ya nyuma ivuze, aho abanye Algeria bariko barigina intsinzi mu gihe umunye Sénégal yaciye yubika umutwe hasi.

Algeria yatsinze Sénégal 1-0, igitego cinjijwe na Baghdad Bounedjah ku munota ugira kabiri
Insiguro y'isanamu, Algeria yatsinze Sénégal 1-0, igitego cinjijwe na Baghdad Bounedjah ku munota ugira kabiri

2021 - Igihugu cakiriye ihiganwa: Cameroun. Abatsinze: Sénégal

Mu gihe nari natakaje 'disque' mu nkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma, abakozi banje bakiri bato bafata amafoto barirutse ku mpande y'ikibuga gufata amafoto. Naciye nguma ahakorera ibinyamakuru, mfise camera ifotora kure.

Ifoto nafashe ndi mu bwugamo zasa ukundi, nk'igihe Sadio Mane yariko arigina igitsindo yari ahejeje gutsinda mu mapenaliti, cahaye akaryo Sénégal gutwara igikombe ca mbere ca CAN.

Sadio Mane yatsinze mugenzi we bakinana Mo Salah mu mugwi wa Liverpool.

Ubu ndibaza abakinyi tuzobona itariki 11 z'ukwezi kwa kabiri 2024 ku rukino rwa nyuma rwa CAN 2023.

Sadio Mane ariko arigina intsinzi inyuma yo gutera penalite ya nyuma yatumye Sénégal itahukana igikombe ca mbere ca CAN
Insiguro y'isanamu, Sadio Mane ariko arigina intsinzi inyuma yo gutera penaliti ya nyuma yatumye Sénégal itahukana igikombe ca mbere ca CAN