CAN/AFCON 2023: Raba imyambaro myiza y’abakinyi yo muri kahise k’igikombe ca Afrika

Mayo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nelson Mandela yari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo yambaye umwambaro w'umurwi nserukiragihugu mu 1996, Kameruni nayo yambara maillot yahavuye yiyamirizwa na FIFA mu 2002, nayo maillot ya Nigeria ikaba ari yo yaguzwe cane mu 2019

Iyo hari ihiganwa ry’umupira w’amaguru rigira ritangure, bamwe mu bafana barondera kumenya umwambaro w’umurwi wabo co kimwe n’uko barondera kumenya abakinyi bazotanguzwa mu kibuga.

Ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations/Africa Cup of Nations, CAN/AFCON) ryegeranije imyambaro itari mike nyamukuru yabonetse mu myaka 30 iheze muri iri higanwa ry’akaroruhore ry’uno mugabane.

CAN 2023 iratangura ku wa 13 Nzero (1) muri Côte d'Ivoire/Ivory Coast, igisata ca BBC kijejwe inkino muri Afrika, BBC Sport Africa, cagize urutonde rw’amamayo (maillots) yabaye rurangiranwa, gifatanije na Josh Warwick ari mu batanguje urubuga ngurukanabumenyi Cult Kits rwerekana amamayo atandukanye y’imirwi nserukirabihugu.

Cameroon 2002 (muhira)

Kameruni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kameruni yatsindiye CAN mu 2002 yambaye maillot yavuzwe cane

None hari ahandi ho gutangurira atari kuri ino mayo (maillot) yabujijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA?

Mu 2002, Cameroun na Puma vyasohoye agapira ka mayo kagatira amaboko, hari muri CAN yabereye muri Mali.

Eric Djemba-Djemba yabwiye BBC Sport Africa ati: "Abakinyi ntibari bazi ko twari gukina twambaye imayo itagira amaboko.

"Igihe dushika mu cumba c’ubwambariro, twavuze tuti 'Hah, iyi ni imayo nshasha y’uru runganwe'. Twinjiye mu kibuga, isi yose yari iduhanze amaso, imayo iraba rurangiranwa.

"Buri muntu muri Afrika yaripfuza kwambara irya mayo".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko FIFA yaranse kuyemera.

"Yaciye ibuza ubwo nyene izi mayo zambarwa n’abakinyi b’umupira w’amaboko (basketball) bategeka uwazishona guhindura vuba vuba akongerako amaboko y’ibara ryirabura kugira ngo ntafatirwe ibihano," niko Warwick abisigura.

Hagati aho, izi mayo ntizagiye uko nyene zidateye amero igihangane mu rukino rwa tennis Serena Williams, aho muri uwo mwaka yaciye yambara ijipo yashonesheje arabiye kuri uwo mwambaro wa Cameroun mw’ihiganwa French Open.

Haciye imyaka ibiri yonyene, Cameroun ntiyashizwe, aho yaciye isohora umwambaro ugizwe n’ikabutura hamwe n’agapira bifatanye muri CAN yabereye muri Tunisia.

Warwick avuga ko uno mwambaro ugizwe n’ikabutura hamwe n’agapira bifatanye ari “ubushirasoni” mbere na Djemba-Djemba akaba atawushimye.

Djemba-Djemba w’imyaka 42 yahoze akina muri Manchester United avuga ati: "Wari ugoye kwambara. Wamengo ni imayo yo kwoga mu ruzi”.

Uwo mwambaro na wo nyene warabujijwe na Fifa, ariko Cameroun ibandanya iwambara, ivyatumye ifatirwa igihano co kwakwa amanota atandatu mu nkino zo kurondera itike yo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ryo mu 2006. Ariko iki gihano cahavuye gifutwa.

Afrika y’Epfo 1996 (muhira)

Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mark Fish yafashije igihugu ciwe Afrika y'Epfo gutsindira CAN mu 1996 yari yabereye muri ico gihugu

Afrika y’Epfo yinjiye ubwa mbere mu mahiganwa ya CAN igihe yakira iryo mu 1996, inyuma y’igihe kirekire yamaze yarataramuwe kubera ya ntwaro y’ivangura yari izwi nka apartheid, ikaba yinjiranye imayo Warwick avuga ko yari "akajagari keruye".

Uwari umukuru w’igihugu ico gihe, Nelson Mandela, yarambaye iyi mayo igihe yariko arorera umurwi nserukiragihugu Bafana Bafana ureruye igikombe – nk’uko yabikoze ku murwi nserukiragihugu wa Rugby, Springboks, igihe utahukana igikombe c’isi yose c’uru rukino mu mwaka w’imbere y’aha.

Warwick yongerako ati: "Muri ino misi, Afrika y’Epfo ikunda kwambara imayo isa n’umuhondo, ariko mu myaka ya 1990, udupira twabo twari dutwengeje cane, uno ukaba ari akarorero nyako.

"Ku bwacu, Kappa rwari rumwe mu nganda zari zikomeye ico gihe, kandi uwu ni umwe mu myambaro yarwo yari ikomeye.

"Ntidukunze kubona nyinshi nk’izi kandi iyo turamutse tuzironse zica zigurwa ubwo nyene. Ibi nyene ni vyo vyafashije Bafana Bafana gutsinda mu 1996".

Nigeria 2019 (muhira)

Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nigeria yahejeje ihiganwa rya CAN 2019 mu kibanza ca gatatu, umwaka umwe imbere y'aha ikaba itashitse mu nkino zo gukuranamwo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose

Ku mabara n’ibisharizo vyayo bikaze, imayo ya Nigeria iyo irinze isohoka ntimara na kabiri.

Imayo yayo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu 2018 yatumye hibonekeza imirongo miremire hanze y’amaduka, imbuga ngurukanabumenyi zirarengerwa, aho abantu imiriyoni zitatu barondeye kuyigura.

Warwick ati: "Nimba hari ico uzi ku myambaro y’umupira w’amaguru, uca umenya ingene imayo ya Nigeria mu 2018 yasarishije abantu.

"Nike yarashimye cane imayo yari yambawe n’abakinyi ba Super Eagles mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose cabereye muri Amerika mu 94 – ari na bwo bwa mbere iki gihugu cari gishitse muri iri higanwa - kuva ico gihe ikaba yabaye ifatiro”.

Aba bakinyi bo muri Afrika y’Uburengero bambaye imayo nk’iyi nyene mw’ihiganwa rya CAN 2019 mu Misiri, aho umusatirizi Odion Ighalo ari we yinjije vyinshi, ibitsindo bitanu, Nigeria ikaba yarangije ihiganwa ifashe ikibanza ca gatatu.

Zambia 2012 (muhira)

Zambia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Zambia yatsinze Cote d'Ivoire ku ma penaliti 8-7 mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rya CAN 2012 rwarangiye ari 0-0

Zambia yatangaje Afrika n’isi yose igihe itsindira igikombe mu 2012 mu buryo butari bwitezwe.

Umumenyereza wayo, Umufaransa Hervé Renard ni we yatumye iki gihugu gikubita hasi ibihugu vya Senegal na Ghana vyahabwa amahirwe menshi, imbere y’uko aba ba-Chipolopolo birahira Côte d’Ivoire ku ma-penaliti (penalties) mu rukino rwa nyuma.

Warwick agira ati: "Iyi ni imayo nziza ubwayo ariko icarushirijeho ni uko Zambia zatsindiye CAN, n’ubu ikaba ikiri inkuru ibandanya ivugwa ku kungene umurwi udahabwa amahirwe ushobora gutahukana intsinzi”.

"Icateje amarira, ni uko uru rukino rwarangijwe n’ama-penaliti yabahaye intsinzi, rwabereye muri Gabon, hafi y’abahereye isanganya ry’indege ryo mu 1993 ryahitanye ubuzima bw’abakinyi bose b’umurwi nserukiragihugu wa Zambia”.

Mali 2021 (muhira)

Mali

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Adama Traore na bagenziwe mu murwi nserukiragihugu wa Mali bavuye mw'ihiganwa rya CAN 2021 bageze mu gice c'umunani gishira ica nyuma

Ica nyuma kuri uru rutonde rw’ibihugu bitanu ni Mali, ikindi gihugu ca Afrika y’uburengero n’imayo yaco ifise imirongo y’amabara y’urwatsi, y’inzahabu n’iy’iritukura aranga ibendera ryaco.

Warwick ati: "Mali yaramaze imyaka ifise amamayo aryoheye ijisho, amwe muri yo yerekana inkona, ikimenyetso c’igihugu”.

"Ibishushanyo binini nk’ibi bisa neza, si vyo?”

Izindi nziza mu zisigaye...

Tunisia 2010 (hanze)

Tunisia

Ahavuye isanamu, Getty Images

"Nta nkeka na gato ko umutamana/ikamba utuma umwambaro uwo ari wo wose uboneka neza, nk’uko bimeze hano”.

"Uno murongo ufise ibara ry’inzahabu kw’izosi na wo ni akandi kabirya kiyongerako".

Ghana 2015 (muhira)

Ghana

Ahavuye isanamu, Getty Images

"Hoba harigeze kuba ikola (collar/collier) rimeze neza nk’iri? Oya, nta gukekeranya", nk’uko Warwick abibona.

"Ghana yarigeze kuba ifise amamayo akomeye muri kahise ariko iyi nayo iri mu ya mbere meza".

Zimbabwe 2021 (hanze)

Zimbabwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Warwick yibaza ko iyi ari "imwe mu mamayo meza cane mu mahiganwa ya CAN y’ubu bwa vuba".

"Iyi mirongo itukura, yirabura, isa n’urwatsi, hamwe n’umuhondo wanka wemera araryoheye ijisho. Ni meza cane."

Angola 2010 (muhira)

Angola

Ahavuye isanamu, Getty Images

"Hari vyinshi vyo gushima kuri ino mayo: imirongo yo mu nda, ikimenyetso n'igicapo ca Puma biri ku ruhande rumwe, hamwe n'igicapo c'impongo nini, ikimenyetso c'igihugu ca Angola.

Warwick yongerako ati: "Dukeneye izindi mpongo nyinshi ku mamayo y’umupira w’amaguru”.

Uganda 2017 (muhira)

Uganda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Warwick ati: "Uganda yahoze yambara imayo isa n’umuhondo iyo iri muhira ariko irahindura yambara iyitukura mu 2015. Iyi ni imayo isanzwe ariko nziza”.