Igikombe c'isi ca 2030 kizokinirwa ku migabane itatu no mu bihugu bitandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igikombe c'isi co mu 2030 kizokinirwa mu bihugu bitandatu ku migabane itatu, nk'uko Fifa yabitangaje.
Espagne, Portugal na Maroc vyatowe nk'ibizofatanya kwakira izo nkino, nazo inkino zitatu zo kwugurura ihiganwa zikazobera muri Uruguay, Argentine na Paraguay.
Izo nkino zo kwugurura zizobera muri Amerika y'Epfo mu guhimbaza imyaka 100 izoba iheze ico gikombe c'isi gitanguye gukinirwa, ubwa mbere hakaba hari i Montevideo.
Iyo nteguro izokwemezwa na Fifa mu nama kaminuza yayo mu mwaka uza.
''Mw'isi iguma icikamwo ibice, Fifa n'umupira w'amaguru vyo biguma vyunze ubumwe'', niko umukuru wa Fifa Gianni Infantino yavuze.
Inama ya Fifa, iserukira isi yose y'umupira w'amaguru, yemeje ata n'umwe avuyemwo guhimbaza iyo sabukuru y'imyaka 100 y'igikombe ca Fifa, aho cakiniwe ubwa mbere muri Uruguay mu 1930, mu buryo nyabwo bwa mbere bushoboka.
Fifa yemeje kandi ko ibihugu vyo mu nzego z'umupira w'amaguru muri Asia na Oceania ari vyo vyonyene bizokwigwa mu kwakira ihiganwa ryo mu 2034.
Arabia Saudite yitezwe kuzo ubwa mbere mu bizosaba gutunganya inkino z'igikombe co mu 2034.

Ahavuye isanamu, Getty Immages
Montevideo muri Uruguay, igisagara cakiriye inkino z'igikombe ca mbere c'isi mu 1930 nico citezwe kuzokwakira urukino rwa mbere mu 2030 izikurikira zibiri zibere muri Argentina na Paraguay.
Izisigaye muri iryo higanwa rizoba ririmwo imigwi 48 zizoca zibera muri Afrika y'uburaruko na Buraya.
Hamwe iyo nteguro yo mu 2030 yokwemerwa, Maroc izoba ibaye igihugu ca kabiri kibereyemwo inkino z'igikombe c'isi muri Afrika inyuma ya Afrika y'Epfo mu 2010.
Portugal ntayari bwigere iberamwo izo nkino ariko Euro 2004 ni ho yabereye.
Espagne yakiriye inkino z'igikombe c'isi mu 1982, ico gihe catahukanywe n'Ubutaliano ku ncuro igira gatatu.










