Mali - zahabu: Leta ya Bamako igiye kwishurwa $160m, inyuma yo gupfunga Umwongereza kubera zahabu

Umukozi wo mu kirombe ca zahabu mu kindi gihugu afise udutetete twayo mu kiganza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mali ni kimwe mu bihugu vyimbura izahabu nyinshi kw'isi
    • Umwanditsi, Cat Wiener & BBC Monitoring
    • Igikorwa, BBC News

Ishirahamwe ryimbura amabuye y’agaciro ryo muri Australia, Resolute Mining, rimenyesha ko rizoriha ubutegetsi bw’igisirikare bwa Mali amadolari miliyoni 160 ($160m / £126M) bumvikanye mu rubanza rw’amatagisi (taxes), inyuma y’aho umukuru w’ico kigo wo mu Bwongereza, kumwe n’abandi bakozi babiri bamariye iminsi icumi bapfunzwe mu buryo batari biteze.

Amakuru avuga ko Terry Holohan na bagenzi we, bafashwe mu gihe bariko berekeza mu mugwa mukuru Bamako, bajanywe n’ivyo bari biteze ko ari ibiganiro bisanzwe.

Resolute, ikigo gisanganywe ikirombe c’izahabu muri Mali, cavuze ku munsi w’Imana ko cemeye kuriha ubwo nyene miliyoni 80 ku mafaranga gisanganywe mu kigega, ayasigaye kikayariha mu mezi ari imbere.

Mali ni kimwe mu bihugu vyimbuka cane zahabu muri Afrika.

Iriko igerageza gukura amafranga menshi ashoboka mu barwizatunga baturuka hanze bakorera muri ico gisata c’amabuye y’agaciro.

Igihe abo bakozi batatu ba Resolute bazorekurirwa ntikizwi neza.

Kimwe mu vyo bumvikanye kubanza kwuzuza imbere y’uko barekurwa, ni gushira umukono ku masezerano no kuriha igice ca mbere c’amafranga bumvikanye, nk’uko iyandikiro ry’amakuru ry’Abafaransa RFI ryabitangaje.

Abategetsi ba gisirikare bayobora Mali bapfunze abo bakozi b’ikigo Resolute babagiriza amanyanga no kwonona inyubako za leta, ibiboneka nko gushaka gucafuza ikigo bakukirira ca Australia, bikaba biri mu ntumbero yo guhasha ibigo vy’abanyamahanga cane cane ibituruka mu bihugu bitunze vyo mu burengero bw’isi, bikorera muri Mali.

Kuva bafashe ubutegetsi mu 2021, umugwi wa gisirikare muri Mali wakomeje kugerageza gusubiramwo gushasha imigenderanire y’ico gihugu n’amakungu, haba muri politike canke urudandazwa.

Mu mwaka uheze, perezida Colonel Assimi Goïta yashize umukono ku itegeko rishasha rigenga ibikorwa vyo gucukura amabuye y’agaciro, aho imitahe igihugu canke abagwizatunga bo mu gihugu bashiramwo yadugijwe kuva kuri 20% ikaja kuri 35%.