Mark Zuckerberg yasangiye na Donald Trump i Mar-a-Lago

Mark Zuckerberg, ariko amwenyura afise n'iterefone mu ntoke.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mark Zuckerberg
    • Umwanditsi, Tom Gerken
    • Igikorwa, Atara amakuru kw'ikoranabuhanga

Umuyobozi wa Meta, Mark Zuckerberg, yagendeye Donald Trump aho ari mu karuhuko i Mar-a-Lago, ikindi kimenyetso cerekana ko umubano wabo wari warakonje utanguye kunaguka.

Perezida aherutse gutorerwa gutwara Leta zunze Ubumwe za Amerika, asanzwe afise imigenderanire ya hafi, yamamaye cane n’uwundi ari mu bakomeye cane kw’isi mw’ikoranabuhanga, Elon Musk, aramutswa urubuga X (yahoze ari Twitter).

Ariko muri kahise nta migenderanire nk’iyo yariho hagati ya Bwana Trump na Bwana Zuckerberg – Trump yabujijwe uburenganzira ku mbuga Facebook na Instagram inyuma y'akaguma kabereye ku ngoro ya Capitol, ndetse na Trump yakangishije Zuckerberg gupfungwa aramutse yivanze mu matora ya perezida yo mu 2024.

Ico bikoze, muri ino minsi hari ibimenyetso vyerekana ko umubano wabo mubi bahorana utera unaguka, aho bishitse n’aho Bwana Zuckerberg aja gusangira na perezida yatowe muhira iwe muri leta ya Florida.

Umuvugizi wa Meta yatangarije BBC ati: "Mark yanezerejwe n’ubutumire bwa Perezida Trump mu mafunguro yo ku mugoroba, ni n’akaryo ndetse ko guhura n'abagize umugwi yatoranije kuja mu butegetsi bwiwe bugiye kuza."

Iri tangazo ryongerako riti: "Ni igihe gihambaye mu bihe biri imbere vyo kuzana udusha muri Amerika."

Gukangisha umunyororo

Muri Myandagaro (8), Trump yanditse mu gitabo ko Bwana Zuckerberg "azomara ubuzima bwiwe bwose mw’ibohero" aramutse agerageje kwivanga mu matora ya Amerika yo mu 2024.

Ariko Trump mu nyuma yahavuye asa n’uworosha imvugo, mu kiganiro co kuri podcast muri Gitugutu (10), aho yavuze ko ari "vyiza" kubona Bwana Zuckerberg "atitabiriye amatora", anamushimira ko yamuterefonye ku giti ciwe inyuma yo guhakwa kwicwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hariho kandi ibimenyetso vyerekana ko Bwana Zuckerberg agerageza kurushaho kubana neza n’uwugiye kuba perezida wa Amerika.

Trump yakuwe ku mbuga za Meta, Facebook na Instagram, muri 2021 kubera ivyo ico kigo cise "gushimagiza abantu bakoze akaguma ku ngoro ya Capitol kuwa 6 Nzero (1)."

Ariko iyo ngingo yo kumuhagarika yahavuye ikurwaho.

Muri Myandagaro (8) uyu mwaka, Bwana Zuckerberg yavuze ko yicujije kuba yarazibiye ku mbuga ziwe ibijanye n'ibirego bivugwa ku muhungu wa Joe Biden, Hunter, vyari vyabaye ishimikiro ry’abiyamamaza ku ruhande rw’iburyo muri Amerika imbere y'amatora ya perezida wa 2020.

Yavuze kandi ko atazosubira gutanga intererano mu gushigikira ibikorwa vy'amatora, inyuma yo gutanga miliyoni 400 z'amadolari y'Amerika (miliyoni 302 z'ama pound) muri 2020 bamwe babona ko ari inzira yo gukwepa amategeko agenga urugero ntarengwa rw’amafaranga yemewe.

Bwana Zuckerberg yavuze ko impano yatanze zagenewe abatagira aho begamiye, kandi intumbero yiwe kwari kudahengama mu matora.

Abagenzi b’ibihangange mw’ikoranabuhanga

Ntawuzi icahuje abo bagabo bompi baganiririye muri ico giteramo c’ifunguro ryo ku mugoroba mu rugo kwa Trump muri Florida.

Meta yagiye ifatirwa ingingo z’amategeko zikomeye mu myaka iheze, harimwo n’urubanza rwazanywe na komisiyo ishinzwe ubucuruzi (FTC) muri 2020.

N'ubwo biri uko ariko, uko kunagura imigenderanire kwa Bwana Zuckerberg na Trump, kuje mu gihe uyu nawe ari hafi ya Elon Musk.

Umubano wa hafi wa Trump n’umukuru wa X watumye amadolari arenga miliyoni 100 (£ 79m) atangwa nk’intererano mu kwiyamamaza, ndetse n’uyu mutunzi ruhebwa amuja inyuma n’abayoboke biwe bose.

Imigenderanire yabo irakomeye cane ku buryo bamwe bataziriye Musk "First Buddy", ikigereranyo c’igitebu bakuye ku nyito y'umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ”First Lady”.

Amaherezo uyu mutunzi yashizwe mu bazofasha perezida mushasha, ahabwa igisata gishinzwe gutunganya neza ibikorwa vya leta muri leta (Doge), ibishobora kumuha uruhara rukomeye muri politiki ya leta. Si n’ivyo gusa, ariko ashobora no kugira uburenganzira ku mategeko agenzura ingoma yiwe y'ubucuruzi.

Trump ahagaze iruhande ya Musk. Trump yambaye inkofero itukura yanditseko Make America Great again, Musk nawe yambaye ijaketi ikoze mu rusato, n'amarori y'abadereva

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Trump na Bwana Musk mu gikorwa co gutanguza irungikwa rya satelite SpaceX mri uku kwezi kwa 11

Ariko, Bwana Zuckerberg na Mr Musk bahanganye kuva kera.

Bimwe mu vyatumye barwa kubiri bituruka ku bibazo bikomeye vy’ubucuruzi, nk'ubufatanye bwananiranye mu 2016 igihe roketi ya SpaceX yaturika itwaye icogajuru ca Facebook.

Ako gashavu kabo kahindutse intambara y’amajambo.

N’aho ata n’umwe aravugira ku mugaragaro iyo mishamirane yabo, bisa nk’aho bidashoboka ko abo batunzi ruhebwa bava muri iryo shari.