Tanzania: Abakozi ba reta bategetswe gukorera muhira, ibiharuro bitanguye gutangazwa nubwo hari icuka kibi

Reta ya Tanzania yategetse abakozi bose ba reta gukorera akazi kabo muhira kuri uno wa 30 Gitugutu (10) 2025 mu gihe vyitezwe ko imyiyerekano yo kwiyamiriza amatora ishobora kubandanya no kuri uno wa kane.
Umuvugizi wa reta, Gerson Msigwa, yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Instagram avuga ko, hisunzwe itegeko rijanye n'umutekano ryaraye risohowe n'igipolisi ku baba mu gisagara ca Dar es Salaam, baza gukorera akazi kabo muhira.
Iri tangazo ryo ku mugoroba w'ejo rigira riti: "…Ejo ku wa 30 Gitugutu 2025, abakozi bose ba reta bazokorere akazi kabo muhira, kiretse abo amabanga yabo abategeka gushika ku bigo vyabo nk'uko bazobimenyeshwa n'abakoresha babo".
Iri tangazo ryerekana kandi ko n'abakoresha bo mu gisata c'abikorera utwabo bagirwa inama yo gukurikiza aka kamo.
Vyongeye, ryongerako y'uko abanyagihugu atari ngombwa ko bava muhira bagirwa inama ko bokorera ibikorwa vyabo muhira.
Eka n'abakozi ba reta ya Amerika bakorera muri Tanzania basabwa kumera magabo no kwicungera biturutse kuri izi mvururu zivugwa muri iki gihugu.
Itangazo ry'ubuserukizi bwa Amerika ku mugoroba w'ejo ku wa 29 Gitugutu rivuga ko ibikorwa vyabwo kuri uno musi biza kuba gusa ivyihutirwa n'ivyo mu buserukizi.
Ejo ku wa 29 Gitugutu 2025, wari umusi w'amatora muri Tanzania, aho abanyagihugu bageterezwa gutora umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abahanuzi b'uturere.
Ariko, ku ncuro ya mbere muri kahise k'iki gihugu, uwo musi w'amatora waranzwe n'imyiyerekano mu bisagara bitari bike, aho abari muri yo ahanini bagizwe n'urwaruka, biyamiriza aya matora, bazibira amabarabara atari make bongera baturira n'imiriro ahatari hake harimwo n'igituro c'igipolisi muri Dar es Salaam.
Umwe mu bari muri iyo myiyerekano yabwiye BBC ati: "Turarushe... Dushaka umurwi ujejwe amatora wigenga kugira ngo Abatanzania bitorere indongozi bo nyene bishakira".
Bivugwa ko abantu babiri, umunyagihugu asanzwe hamwe n'umupolisi, bahitanywe n'izi mvururu, abatari bake nabo barakomereka.
Amasoko atari make avuga ko hari abatari bake bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye i Dar es Salaam harimwo n'ibitaro bikuru vya Muhimbili.
Ishirahamwe Amnesty International na ryo risaba reta ya Tanzania gukora amatohoza yihuta kandi yimbitse ku birego bivuga ko igipolisi cakoresheje inguvu zirenze kandi zitari zikenewe ku bari mu myiyerekano.
Ni imyiyerekano yatumye abadandaza ba Dar es Salaam bahatakariza amamiriyoni n'amamiriyoni, bakaba bavuga ko babuze ayo bacira n'ayo bamira.
Umudandaza Paul Boniface, yanditse kuri konte yiwe yo ku rubuga hwaniro, aho yerekana ko ababajwe cane n'ingingo ya reta yo kuzibira urubuga rwa interineti, akavuga ko iyi ngingo yagize ingaruka mbi ku rudandazwa rukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Izi mvururu zononye ibitari bike nk'ibiyo vy'amaduka vyamenaguritse, ibituro vy'amabisi, ibibanza vy'amatora n'ibindi, birahononekarira, i Arusha naho igice kimwe c'ikigo kijejwe kurwanya igiturire TAKUKURU (Taasisi ya Kuzuia na Kupambana na Rushwa) kirononekara,.
Haravugwa n'ibigo vy'igipolisi bitari bike vyatewe muri izi mvururu. Mu turere twabayemwo induru i Dar es Salaam, harimwo Kimara, Magomeni, Ubungo, Kinondoni, Shekilango, na Tandale.
Mu gihe mw'izinga rya Zanzibar igikorwa co guharura ivyavuye mu matora y'ejo ku wa gatatu kibandanya, nta makuru avuga ko ibiriko bibera ahandi muri Tanzania naho vyoba vyarabayeyo.
Gushika ubu, interineti iracugaye.
Icuka kibi kirabandanya ariko ivyavuye mu matora bitanguye gutangazwa

Ahavuye isanamu, INEC
Nubwo biri uko, umurwi ujejwe gutegura amatora muri Tanzania, INEC, watanguye gutangaza ivyavuye mu matora rusangi yaraye abaye, nubwo yaranzwe n'imvururu.
Gushika ku mutaga wo kuri uno wa kane, intara zine zonyene ni zo zari zimaze kumenyesha ivyayavuyemwo, aho vyerekana ko Samia Suluhu Hassan yitoza kw'izina ry'umugambwe uri ku butegetsi CVCM ari we ari imbere ku majwi amaze guharurwa.
Hagati aho, havuzwe imyiyerekano mu karere kitwa Meriwa kari kw'ibarabara rikuru Dodoma - Dar es Salaam aho igipolisi cashoboye gusanzaza abari muri yo.
Bivugwa kandi ko igipolisi cazibiye ibarabara riva Singida rija i Arusha ku bwoba bw'uko hari guhava haduka iyindi myiyerekano.
Mu gisagara ca Dar es Salaam, igipolisi carashe amasasu nyayo n'ivyuka bikoroza amosozi mu gusanzaza abari basubiye mu myiyerekano, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Reuters yandika ko uturere twa Mbagala, Gongo la Mboto na Kiluvya muri ico gisagara turi mu twaranzwemwo iyi myiyerekano.
Ayandi makuru aravuga kandi ko mu gisagara ca Mwanza kiri mu buraruko bwa Tanzania hadutse imyiyerekano, aho abanyagihugu baho bavuga ko bumvise ibiturika bikomeye hafi y'imihana yabo.
Biravugwa kandi ko hari abari mu myiyerekano mu bisagara vya Dar es Salaam, Mbeya na Dodoma bateye abitavye ano matora y'ejo ku wa gatatu.
Mu gihe imihora ya interineti ibandanya yugaye ku musi ugira kabiri, uburyo bwonyene bukoreshwa ni ubwa terefone.
Nubwo icuka kibi kibandanya, inyuma y'izi mvururu zatanguye ku wa gatatu mu kwiyamiriza amatora, menshi mu mabarabara yari yazibiwe yuguruwe.
'Urwaruka rwa Afrika rwafashe ijambo, harageze ko rwumvirizwa' - Bobi Wine

Ahavuye isanamu, BOBI WINE/MTANDAO WA KIJAMII
Hagati aho, umunyaporitike azwi cane atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda, Bobi Wine, atangaza ko ashigikiye abanyagihugu ba Tanzania bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico yita akarenganyo muri aya matora hamwe n'indongozi zitarangura amabanga yazo uko bitegerezwa.
Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa (Twitter), Bobi Wine, izina ryiwe nyakuri ni Robert Kyagulanyi - umukeba ruhebwa wa Perezida Yoweri Kaguta Museveni, avuga ko yifatanije n'umukuru w'abatavuga rumwe muri Tanzania, Tundu Lissu, ari mw'ibohero kuva mu kwa kane yagirizwa ubuhemu.
Bobi asaba kandi indongozi z'akarere kwumviriza ibisabwa n'urwaruka ruhurikiye mu kizwi nka Gen Z, rumaze igihe mu myiyerekano rusaba impinduka mu vya poritike hamwe n'intwaro ibereye.
Vyitezwe ko Perezida Samia Suluhu Hassan atsinda amatora yo muri uno mwaka wa 2025 ateje impari kubera imyidogo y'uko abanyaporitike bakuru bakuru batavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe bari biteze guhangana na we bakuwe mw'ihiganwa.
Abakandida 17 ni bo bariko bahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu ca Tanzania, harimwo abagore batatu, muri bo Samia akaba arimwo, icerekana ingene abagore bariko bijukira poritike mu gihugu.
Bitegekanijwe ko ivyavuye mu matora ya Tanzania bishikirizwa mu masaha 72 kuva amatora arangiye.











