Amerika yambuye visa umukuru w'igihugu ca Colombia mu gihe yari mu rugendo mu nama ya ONU

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Stuart Lau
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko bwaraye buhagaritse viza (visa: uruhusha rwo kuba mu gihugu) rw'umukuru w'igihugu ca Colombia, Gustavo Petro.
Iyi ngingo yafatiye ku majambo uno mutegetsi yavugiye mu myiyerekano yariko iba ejo i New York yo gushigikira Abanyapalestina, amajambo ubu bushikiranganji bufata ko ari ayo guturira.
Ikinyamakuru co muri Colombia gisubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP kivuga ko Perezida Petro yari mu nzira yisubirira i Bogota (umugwa mukuru wa Colombia) avuye i New York muri iri joro ryakeye.
Mu ntango z'ino ndwi, Petro yagereranije ibitero vyo mu kirere vy'ubutegetsi bwa Trump ku bivugwa ko bwari ubwato bwari muri magendo y'ibiyayuramutwe mu Kiyaga ca Karayibe n' "igikorwa c'ubugome", mu kiganiro yahaye BBC.
Kuri konte yiwe yo rubuga hwaniro, Petro yasohoye videwo yiwe bwite ashikiriza ijambo mu rurimi rw'iki-espagnol isinzi ry'abari mu myiyerekano akoresheje rugagamishamajwi ejo nyene ku wa gatanu.
Umusobanuzi wiwe yasiguye amajambo yiwe asaba "ibihugu vyo kw'isi yose" ko vyotanga ingabo kugira ngo hashingwe igisirikare "kiruta ica Reta Zunze Ubumwe za Amerika."
Ati: "Ni co gituma, ndi hano i New York, nsaba abasirikare bose ba Amerika bareke gutumbereza inkoho zabo kuri kiremwamuntu".
Petro yongeyeko ati: "Reke kwumvira amategeko ya Trump! Ni mwumvire amategeko ya kiremwamuntu!"
Mu kwishura, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwaraneguye bikomeye aya majambo.
Bwacishije ku rubuga rwa X ubutumwa bugira buti: "Uno musi, Perezida @petrogustavo wa Colombia yahagaze kw'ibarabara ry'igisagara ca New York ahamagarira ingabo za Amerika kutumvira amategeko, yongera ahimiriza ubugumutsi.
"Tugiye guhagarika visa ya Petro kubera ibikorwa vyiwe vy'urwangara kandi biturira".
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Colombia Armando Benedetti yaciye yandika mw'ijoro ry'ejo nyene ku wa gatanu ko visa y'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ari yo yari ikwiye guhagarikwa aho guhagarika iya Petro.
"Ariko kubera igihugu c'igihangange kimukingiye, umukuru w'igihugu umwe wenyene yashoboye kwubahuka akamubwira ukuri amaso mu yandi niwe yiziziwe".
Petro, igihugu ciwe kikaba ari co ca mbere cimbura ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine (cocaine), avuga ko yikeka ko bamwe mu bishwe muri ico gitero ku bwato bwa Amerika ari abanya-Colombia.
Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ivuga ko ico gitero ari kimwe mu bigize ibikorwa vyo kurwanya ibiyayuramutwe mu mazi yo muri Venezuela, Washington ikagiriza umukuru w'iki gihugu ko afise umurwi ukora urwo rudandazwa rutemewe.
Ku ntwaro ya Petro, imigenderanire ya Colombia yaratitutse cane ku butegetsi bwa Trump.
Amerika yarimye kandi viza Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina, hamwe n'abandi bategetsi 80 ba Palestina, ibabuza kwitaba inama rusangi ya ONU iriko ibera i New York muri iyi ndwi.













