Amadrone y'amayobera hejuru y'ibigo bitatu vy'ingabo za Amerika zirwanira mu kirere mu Bwongereza

Ikigo ca RAF Lakenheath

Ahavuye isanamu, Contributed/BBC

Igitigiri ca za ndege zitarimwo abadereva (drone) zitamenyekanye zabonetse hejuru y'ibigo bitatu vy'ingabo zirwanira mu kirere mu Bwongereza, nk'uko vyemezwa n'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere (USAF).

Hagati yo ku wa gatatu no ku wa gatanu, habonetse "indege ntoya zitarimwo abadereva" hejuru y'ibigo vy'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu kirere (RAF) vya Lakenheath (RAF Mildenhall) na Mildenhall (RAF Mildenhall), ahitwa Suffolk, hamwe na Feltwell (RAF Feltwell) mu karere ka Norfolk gahana urubibe na Suffolk.

Igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere (USAF) gisanzwe gikoresha ibi bigo, kivuga ko gushika ubu bitaramenyekana neza nimba aya madrone yofatwa ko ari ay'umwansi.

Canse kuvuga kandi nimba hari ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoreshejwe, ariko kikavuga ko kifise "uburenganzira bwo gukingira" ibi bigo.

Ikigo ca RAF Mildenhall i Suffolk ni co kirimwo ishami rya USAF rijejwe guha igitoro indege ku mugabane wa Bulaya

Ahavuye isanamu, Mike Page Aerial Photogrpahy

Insiguro y'isanamu, Ikigo ca RAF Mildenhall i Suffolk ni co kirimwo ishami rya USAF rijejwe guha igitoro indege ku mugabane wa Bulaya

Umuvugizi w'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere ku mugabane wa Bulaya avuga ati: "Turashobora kwemeza ko indege ntoya zitagira abadereva [UAS] zabonetse mu micungararo no hejuru y'ibigo vy'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu kirere vya Lakenheath, Mildenhall na Feltwell.

"Igitigiri c'izi ndege cagenda gihindagurika, co kimwe n'ubunini/kamere vyazo.

"Aya madrone yakurikiraniwe hagufi cane, kandi n'abarongoye ibi bigo bamenye ko ata ngaruka zagize, haba ku basanzwe babibamwo canke ku bikokrwa remezo nyamukuru.

"Mu ntumbero yo gukingira umutekano w'ibihakorerwa, ntidushobora kuvuga ku bijanye n'ingingo z'umutekano ariko dufise uburenganzira bwo gukingira ibi bibanza.

"Turabandanya gucungera ikirere cacu kandi turiko turakorana n'ubuyobozi bw'igihugu catwakiriye n'abo dufatanije ibikorwa kugira ngo dukingire umutekano w'abakozi, inyubabwa n'ibikoresho biri kuri ibi bigo".

RAF Mildenhall niho hari ingabo za USAF zijejwe cane cane guha igitoro indege ziri mu kirere ku mugabane wa Bulaya; RAF Lakenheath niho hari indege z’intambara za USAF F-35A na F-15E, mu gihe ikigo RAF Feltwell kijejwe ahani ivyo kwiyunguruza (logistics).

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi, ari na bwo nyene ibi bigo, avuga ati: "Ntidufata minenerwe ivyabaye kandi turafata ingingo zikomeye zo gukingira ibi bigo.

"Muri zo harimwo ubuhinga bwo kwivuna amadrone.

"Nta bindi twovuga ku bijanye n'ibikorwa vy'umutekano".