Kubera iki Perezida William Ruto wa Kenya bamutaziriye Zakayo wo muri Bibiliya?

Ruto

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Na Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Abanyakenya bamwe bamwe bagereranya Perezida William Ruto mu gashinyaguro na Zakayo – wa mutozakori w’intahaga avugwa muri Bibiliya yurira hejuru ku giti ashaka kubona Yezu/Yesu.

Vyavuye ku kungene Ruto yashinze igifyo c’amakori mashasha, ayari ahari nayo akayaduza, kuva atowe muri Myandagaro (8) 2022, ivyatumye atakarizwa icizere, aho Abakenya benshi babona ko yabahemukiye ku vyo yari yabemereye igihe yiyamamaza ababwira ko azohagararira inyungu z’abinazi, abo yita "hustlers".

Ruto aremeza ko amakori ababaza, ariko mw’ijambo ryiwe yashikirije ku musi wo guhimbaza ukwikukira kwa Kenya ku wa 12 Kigarama (12), yavuze ko ibimazi biriko bitangwa n’igihugu “bizotera iteka abarwaniye ubwigenge bwacu”.

Ku bwiwe, amakori yo hejuru ni nkenerwa kugira ngo reta ntiyame izera inze, yongere igabanye amadeni ifitiye amakungu, yaduze agashika ku miriyaridi ibihumbi cumi z’amashilingi, nubwo Ruto menshi muri yo ari ayo yasigiwe n’intwaro zahahora.

Ati: "Twahisemwo neza, rimwe na rimwe dufata ingingo zigoye kandi zibabaza, kugira ngo tugarure Kenya ntihave ikorokera mu nyenga y’amadeni”.

Umukuru w’igihugu nta n’ico bimubwiye kugereranywa n’uno muntu avugwa muri Bibiliya.

Yavuze yitwengera mu kwa gatanu ati: "Kubera ko namaze kugereranywa na Zakayo mu turere tumwe tumwe, kumbure tuzoshinga umusi wahariwe umutozakori”.

Ariko Abakenya benshi ntibemeranya na we. Umubabaro utewe n’amakori ni wo wiganziye ibiyago vya buri musi, cane cane ku kungene ubuzima bugenda buzimba.

Bavuga kandi ko amakori ariko afasha gusa abari muri reta mu kwiryohera, aho gufasha abanyagihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi vyiyumviro vyariyongereye, cane cane aho ikigo cigenga ca Kenya, Controller of Budget, kijejwe kugenzura ikoreshwa ry’amafaranga ya reta, gishikiririje impungenge ku makori y’umurengera mu gihe hari “isesagura” mw’ikoreshwa ry’amafaranga, harimwo ku ngendo z’abategetsi ba reta hanze no hagati mu gihugu. Kuva ico gihe, haciye hatangazwa igabanywa ry’amafaranga akoreshwa, kandi n’ayakoreshwa mu ngendo zo hanze yaciye agabanywa.

Mu gihe amaze gukora ingendo zirenga 40 hanze y’igihugu mu kiringo cababa umwaka umwe gusa, Perezida Ruto asigura ko yariko arondera abanyamahanga bozana imitahe yabo mu gihugu, yongera aronderera akazi Abakenya.

Mu kiringo hafi nk’iki nyene, abakozi 70.000 bo mu gisata c’abikorera utwabo baratakaje akazi kabo mu gihe ibiciro vy’ibikorwa (Coût d'exploitation/Operating cost) vyaduze ku rugero rurenze urugero, amakompanyi amwe amwe nayo akugara, nk’uko biri mu cegeranyo giheruka gusohorwa n’ihuriro ry’abakoresha ba Kenya (Federation of Kenyan Employers, FKE).

Rigabisha ko n’abandi bakozi bashobora gutakaza ubuzi, aho ryerekana ko 40% z’abakoresha bakiriko barihweza ingene bogabanya ibikorwa vyabo.

FKE risaba reta gusubiramwo amakori, ariko amakompanyi yidoga avuga ko reta atavyo iriko yumva.

Reta ya Kenya irahakana ko ata buzi bwinshi bwatakaye kuva Ruto ashitse ku butegetsi, ikavuga ahubwo ko yazanye ibihumbi amajana n’amajana y’ubuzi mu gisata ca reta, mbere ikaronderera ubuzi Abakenya hanze y’igihugu.

Inzego zijejwe umutekano ziragirizwa ko zahohoteye abari mu myiyerekano biyamiriza ubuzima buzimvye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzego zijejwe umutekano ziragirizwa ko zahohoteye abari mu myiyerekano biyamiriza ubuzima buzimvye

Umuhinga mu bijanye n’ubutunzi Ken Gichinga avuga ko Kenya ibandanya ica intege amakompanyi mu kuyatoza amakori y’umurengera kandi ari yo yotanze ubuzi, akinjiza amafaranga mbere akanafasha reta mu kuzamura ikigega.

Impera ya vyose, amakompanyi amwe amwe ahitamwo kwigira mu bindi bihugu, abanyagihugu nabo bari bafise imigambi yo gutangura udukorwa tubayabaye two kwiyungunganya nko kwugurura amazu y’uburiro bagaca babivamwo, mu gihe abadandaza basanzwe bakora bica biba ngombwa ko bafata inzira zo mu binywabi kugira ngo bakwepe amakori – iki kikaba caramaze gutangura.

Mike Muriuki arongoye ikompanyi imaze imyaka cumi igurisha amacupa LPG ya gaze (gaz/gas) yo guteka, yabwiye BBC ko amakori y’umurengera ariko aranigira mu menshi ubucuruzi bwiwe.

Avuga ko abanyagihugu bato bato ata mahera bafise yo gushobora kugura gaze yo guteka – ivyatumye akora ahomba mu bucuruzi bwiwe mu mwaka uheze, aho yavuye mu macupa 700 yahora agurisha ku musi agakorokera ku 200 yonyene.

Muriuki avuga ko ibi vyamutumye yirukana abakozi barenga 70% yahora akoresha, agasigarana 20 gusa.

Ku bacuruza bato bato n’abaciriye hagati nka we, Muriuki avuga ko inkurikizi zabaye nini cane – kandi ko n’inyifato y’abatozakori rimwe na rimwe “ihahamura”.

Mu kwezi guheze, umurwi w’abakozi bo mu kigo ca Kenya kijejwe kwegeranya amakori (Kenya Revenue Authority, KRA), umurwi wahawe inyigisho za gisirikare, warashitse kuri kimwe mu bigo vyawo mu karere ka Kiambu gahana urubibe n’umugwa mukuru Nairobi.

Uno murwi w’iki kigo warungitsweyo mu kw’icenda kugira ngo ukore ku buryo amakori atangwa.

Mw’’iduka ryiwe, Muriuki avuga ko abatozakori bamusavye icegeranyo c’ivyo yagurishije n’ivyo yinjije, harimwo n’amahera yacishijwe ku buhinga ngendanwa, hamwe kandi n’impapuro yarihiyeko ikori. Bafashe kandi amasanamu y’iduka.

Vyari biteye “ubwoba”, nk’uko abibwira BBC.

Muriuki yongerako ati: "Uburyo babikozemwo bushobora gutuma abadandaza batekerwa n’ubwoba bwinshi…abantu bibaza bati aba bagabo baje kudupfunga”.

Avuga ko abantu “ubu bariko barondera inzira zo kunyegeza utwo begeranya”, harimwo no kwigumizako amafaranga no kurihisha babicishije ku nomera z’amaterefone zabo bwite hakuyacisha ku manomero y’urudandaza, ikizwi nka till number.

Umudandaza w’ivyuma vy’amamodoka hagati mu gisagara ca Nairobi avuga ko yahevye gukoresha inomero yiwe y’urudandaza (till number) kubera igiciro c’umurengera c’imisoro.

Imbuga hwaniro zimaze igihe zivuga kuri iri hinduka ry’uburyo bwo kuriha muri Kenya, nubwo ibiharuro bitangwa n’ikompanyi ya mbere nkuru ya terefone muri Kenya Safaricom bicerekana ko amahera ahanahanwa ku materefone ngendanwa yiyongereye gushika muri Nyakanga (9).

Kuva muri Mukakaro amakori yaraduze ku rugero rutari bwigere rubaho, ku mishahara kuva kuri 30% rugashika kuri 35%, umusoro mushasha wa 1.5% w’inzu, umusoro w’ubwishingizi bw’ibitaro wa 2.75%, umusoro wa 3% ku nyungu ku badandaza bato bato, hamwe n’imisoro ku bitoro yikuvye kabiri gushika kuri 16%.

Amwe mu makori, mu gihe ubuzima bubandanya buzimba, ni yo yateje imyiyerekano yahitanye abantu mu ntango z’uno mwaka.

Hatangajwe kandi iduzwa ry’ibiciro vy’amakarata karangamuntu, ibitabo vy’inzira, impapuro z’amavuka, iz’ubugeni n’iz’abapfuye, ariko amasentare yabaye izabihagarika.

abatozakori barongereje ibikorwa vyo kugendera abadandaza mu gihe reta irondera kwongereza amafaranga yinjira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abatozakori barongereje ibikorwa vyo kugendera abadandaza mu gihe reta irondera kwongereza amafaranga yinjira

Umukuru w’ikompanyi mu gisata c’ingenzi yashinzwe mu 2017 abwira BBC ko arakajwe n’ingene igisata c’ubudandaji kiriko kirapfa.

Avuga atidondoye kubera ugutinya ingaruka zomubako, avuga ko amakori y’umurengera yatumye abantu bagabanya amahera ku bintu bimwe bimwe nk’ingendo, akavuga ko buri muntu wese akora mu gisata c’ingenzi atorohewe, ariko mu buryo butandukanye.

Kuri we, umurindi w’itituka ry’agaciro k’ishilingi rya Kenya, mbere ugereranije n’ayandi mafaranga muri Afrika y’Ubuseruko, watumye ataco ashobora gutegura hakiri kare.

Yidoga ko igisata kijejwe amashamba ca Kenya (Kenya Wildlife Service) cafashe ingingo yo kuduza amafaranga yo kwinjira mu mayororero y’ibikoko ku ncuro zirenga zine, ariko “na vyo nyene ntaco vyamaze”.

"Ingenzi zimbaza ziti: 'Ni ibiki biriko bibera mu gihugu canyu'?", niko abwira BBC, akongerako ko Kenya iriko irasambura isoko ryayo ry’ingenzi na rirya abantu bashobora kworoherezwa mu gihugu bibanyi nka Tanzania n’Urwanda.

Mu mezi make aheze, nta rugendo na rumwe rwo hagati mu gihugu yigeze ategura - bikaba vyabaye ngombwa ko yimukira mu bindi bisata kugira ngo ashobore kubaho, harimwo no mu burimyi.

Hagati aho, reta ya Kenya ivuga ko igihugu kikiri kimwe mu vya mbere muri Afrika bigenderwa n’ingenzi.

Ivuga ko ingingo yo gukuraho ibisabwa ku bijanye na viza (Visa) ku bashitsi bose binjira muri Kenya izoshobora kwongereza igitigiri c’ingenzi mvamakungu kuva ku “miriyoni 1.48 basanzwe binjira ubu ku mwaka gushika ku miriyoni 2.5 mu gihe ca vuba, no gushika ku miriyoni 4.5 gushika mu 2026-2027".

Mu cegeranyo co ku wa 11 Kigarama, KRA ivuga ko amafaranga yegeranije yagumye ku rugero rwo hejuru kuva muri Mukakaro (7), ariko ko rwari hasi y’urwo yategekanya ku mwaka, kubera iduga ry’ibiciro vy’ibitoro ryatumye ibidandazwa vyinjira mu gihugu bigabanuka.

KRA iremeza ko abarangurira hagati mu gihugu bagabanutse, ikavuga kandi ko inyungu amabanki asaba ku ngurane zadugijwe bigatuma ano mabanki atinjiza cane.

Mu mayinga abiri aheze, umushikiranganji w’ikigega ca reta yabwiye abashingamateka ko igihugu kitorohewe mu kuronka amahera yo kuriha imishahara y’abakozi ba reta hamwe n’ayo guha abashingamateka mu migambi y’iterambere y’uburere bwabo, ibi bigasigura ko ata terambere rinini ryitezwe.

Kuri ino shusho itanezereje, Abanyakenya benshi bafise icizere ko Ruto azoruha akumva akamo maze akabakurako umuzigo, akatezura nk’uko vyahavuye bigenda kuri Zakayo igihe yurira ku giti mu nyuma Yezu/Yesu akamuhamagara.