Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Ikibazo c'ibibanza mu masoko gikwiye umugwi wigenga' - Olucome
Umukuru w'ishirahamwe Olucome rigwanya kurya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, Gabriel Rufyiri, avuga ko ikibazo c'ibibanza mu masoko ya reta kidashobora gutorerwa inyishu mu kiringo c'imisi itatu gusa.
Asaba ko hoshingwa umugwi wigenga ukurikirana neza ivyerekeye ico kibazo.
Atanga akarorero kw'isoko ryo mu Ruvumera riri mu gisagara ca Bujumbura, Rufyiri avuga ko abahafise ibibanza benshi ari abategetsi mu gisirikare, mu gipolisi no mu butegetsi.
Agira ati: "Ivyo bibanza, cane cane ibiri inyuma y'isoko, kimwe ubu kigurwa imiliyoni 100.
"Kwirukana umuntu yahaguze ibibanza bine canke bitanu yaguze imiliyoni zirenga 400 ntivyoroshe."
Rufyiri avuga ko "ico kibazo kimaze igihe kirekire, ntigikwiye kubazwa uwutwara igisagara ca Bujumbura ubu gusa. Ababikoze baracariho nibabazwe."
Umukuru wa Olucom aremeza ko ubu abategetsi benshi ari bo bari mu rudandaza.
Rufyiri asaba ko hokurikizwa amategeko, urudandaza rugakorwa n'ababifitiye uburenganzira.
Prezida yakomoreye ibibanza abari bapangiye abandi
Kuri uyu wa kabiri, prezida Evariste Ndayishimiye yaragirije abategetsi bamwe bamwe kugira ibibanza mu masoko batabifitiye uburenganzira.
Yaranagabishije ko uwo azosanga afise uruhara mu ngorane z'ibibanza vy'amasoko ya reta bazohura.
Na yo abari bapangiye abandi muri ayo masoko, yategetse ko ivyo bibanza babikomorerwa.
Prezida Ndayishimiye yagize ati: "Umudandaza wese ahantu yadandariza, ubu habaye iwe. Ntibasubire kuvuga amajambo menshi.
"Ubu namenye ko kirya kibanza ari gwiwe, bace bamwandika na karangamuntu yiwe, bamenye ko ari we bafitaniye amasezerano n'uburongozi bw'igihugu. Nta masezerano bafitaniye n'umuntu yagiye kwiba ivy'igihugu."
Mu ndwi iheze ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi vya reta, OBR, caradugije ku rugero rutari bwigere ruboneka ibiciro vy'ibibanza mu masoko ya reta, aho nk'icahora kirihwa 14.000 vy'amafaranga y'amarundi cadugijwe gushika ku bihumbi 450.000.
Ivyo vyatumye abadandariza mu masoko ya reta bahagarika akazi kuri uyu wa mbere itariki 31 y'ukwezi kw'indwi mu 2023, mu kwiyamiriza iyo ngingo.