Ubuyabu bwatabawe bwari bujanywe kubagwamwo inyama mu Bushinwa

Ubuyabu mu Bushinwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwo buyabu bwagira burungikwe mu bunamuko aho inyama zabwo zotanzwe nka vyitwa ko ari iz'ingurube n'intama
    • Umwanditsi, Nicholas Yong
    • Igikorwa, BBC News, Singapore

Igiporisi mu Bushinwa giherutse gutabara ubuyabu 1.000 bwari bugiye kubagwa kugira inyama zabwo zigurishwe nk'uko zoba ari iz'ingurube n'intama, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyegamiye reta.

Gikoreye ku kara cariwe (ku nkuru cahawe) n'abaharanira uburenganzira bw'ukubaho neza kw'ibikoko, igiporisi caciye gitangira ikamyo yarimwo ubwo buyabu mu gisagara ca Zhangjiagang kiri mu buseruko.

Ubwo buyabu bwaciye bujanwa aho bukingirwa, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Paper.

Ico gikorwa catumye bimenyekana ko hari urudandazwa rutemewe rw'inyama z'ubuyabu gica kivyura amakenga ku bwiza bw'ivyo kurya, nk'uko inkuru ivuga.

Inyama y'akayabu irashobora kugurwa amadorari 0,61 (ni nk'amafaranga y'Uburundi hafi 1.800) kuri catty, igipimo co mu Bushinwa kingana na 600g [garama 600] , nk'uko abagwanira uburenganzira bavuze.

Ntivyamenyekanye niba ubwo buyabu bwatabawe bwari ubwiyerereza canke ubwari butunzwe. Bwari mu nzira bujanwa mu bumanuko bw'igihugu aho inyama zabwo zari kugurishwa ku migeto (nka brosheti canke mushikaki) na sosiso vyitwa ko ari iz'ingurube n'intama.

Ku bw'ikinyamakuru Paper, abaharanira uburenganzira muri Zhangjiagang bari babonye ubuyabu bwugaraniwe mu makarato vy'ibiti vyugaje imisumari mu kaburi baca bamara iminsi itandatu bakurikirana ivyo bintu.

Igihe ubwo buyabu bwapakirwa ikamyo ku wa 12 Gitugutu, baciye bahagarika iyo modoka bahamagara igiporisi.

Iyo nkuru aho isohokeye mu kinyamakuru Paper, abantu barayanditseko bashavuye ku rubuga hwaniro rwo mu Bushinwa, Weibo. Bamwe basavye ko hokomezwa ivyo kugenzura igisata c'ivyo kurya.

''Abantu benshi barapfa urupfu rubi,'' niko umwe yavuze kuri Weibo.

Uwundi yavuze ati: ''Ni ryari hazoba amategeko yo gukingira ibikoko? Ubuzima bw'imbwa n'ubuyabu ntaco bumaze?''

Uwundi ati : ''Sinzosubira na rimwe kurya broshete hanze.''

Muri Ruheshi, haradutse induru kw'ishure rya kaminuza mu ntara ya Jiangxi, igihe umunyeshure yabona umutwe w'imbeba mu vyo kurya vyiwe.

Abategetsi b'ishure batanguye kugerageza kwemeza ko yari inyama y'imbata ariko mu nyuma baremera ko ivyo umunyesgure yavuga kwari ukuri.