IS itangaza ko umukuru wayo yishwe ica ivuga n’uwamusubiriye

IS iracakora ibitero vya tera twiruke muri Irak na syria (ifoto ya 2014 i Mosul )

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, IS iracakora ibitero vya tera twiruke muri Irak na Syria (ifoto ya 2014 i Mosul )

Na David Gritten

BBC News

Umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam, Etat Islamique/Islamic State (IS), utangaza ko umukuru wayo Abu al-Hassan al-Hashemi al-Qurayshi yishwe.

Umuvugizi w’uyu muhari yasohoye ubutumwa bw’ijwi (audio) avuga ko yishwe ariko ararwanya abo yise “abansi b’Imana”, nta zindi nsiguro atanga.

Reta zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko yiciwe mu gitero c’inyeshamba z’umuhari witwa Free Syrian Army mu bumanuko bushira uburengero bwa Syria hagati muri Gitugutu (10).

Yari yagenywe kurongora uyu muhari muri Ntwarante (3), inyuma y’aho uwo yasubiriye yiyiciye mu gitero c’ingabo za Amerika mu buraruko bushira uburengero bwa Syria.

Uyu muvugizi avuga ko uwamusubiriye yitwa Abu al-Hussein al-Husseini al-Qurayshi – irindi zina risa n’iry’intambara.

Nk’uko bimeze mu yandi matangazo yashikirije imbere y’aha, uyu muvugizi yirinze gushira ahabona izina ryiwe ry’ukuri, igihugu ciwe c’amavuko canke kahise kiwe.

Avuga ko Abu al-Hussein ari "umwe mu ba mujahidin b’inararibonye " aca asaba abanywanyi b’uyu muhari kumugamburukira.

Nta vyinshi bizwi kuri Abu al-Hassan, umuntu atigeze asohora itangazo na rimwe kw’izina ryiwe nk’indongozi.

Ariko ku wa mbere, urubuga rwa Telegram rurwanya IS rugashigikira umuhari w’abakeba bayo wa al-Qaeda rwavuze ko hari haciye igihe yishwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiro bikuru birongoye ibikorwa mu gisirikare ca Amerika vyasohoye itangazo aho bivuga ko Abu al-Hassan yiciwe mu ntara ya Deraa iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Syria n’umuhari Free Syrian Army, ihuriro ry’imihari iri mu ntambara na reta irondera gusenyura ubutegetsi bwa Bashar al-Assad.

Nta ngabo za Amerika zagize uruhara muri ico gitero, nk’uko umuvugizi wa gisirikare abivuga.

Imbere y’aha, umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano wa Amerika, John Kirby, yari yavuze ati: "Turishimiye itangazo rivuga ko iyindi ndongozi ya IS itakiri kuri ino si”.

IS yarigeze kuba igenzura ubutaka bungana na 88.000 km², kuva mu buseruko bwa Irak gushika mu burengero bwa Syria, bunashinga intwaro y’ubugome ku bantu bababa imiriyoni umunani.

Uyu muhari wagiye kwomorwa mu karere kawo ka nyuma mu 2019, ariko muri Mukakaro (7) ishirahamwe ONU ryaragabishije ko ubandanya utera amakuba.

Uvugwa ko ufise abarwanyi bari hagati ya 6.000 na 10.000 muri Syria na Irak, baba cane cane mu mitumba ya kure, babandanya bakora n’ibitero vya tera-twiruke, batega imitego, bongera batega n’amabombe.

Imihari icuditse na IS mu karere nayo nyene irateye ingorane mu tundi turere turangwamwo indyane mu mpande zitandukanye z’isi.

ONU ivuga ko imihari ikomeye kandi itunganije neza yari iyo muri Afghanistan, Somalia no mu kiyaya c’ikiyaga Tchad.