Celine Dion yatangaje ko afise ingwara idakira

Celine Dion yagize ibiteramo bikomeye ku ndirimbo: ‘My Heart Will Go On’

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Celine Dion yagize ibiteramo bikomeye ku ndirimbo: ‘My Heart Will Go On’

Uyu muririnvyikazi avanze akabira k’Ubufaransa na Canada, yabwiye abakunzi biwe bagera ku miliyoni 5.2 bamukwirikira ku rubuga rwa Instagram ivy’iyo ngwara yiwe imutuma adashobora kugenzura ikoreshwa ry’imitsi yiwe, aho ishobora kwidadarika canke ikanyiganyiga.

Iyi ngwara kandi ituma adashobora gutambuka neza canke kuririrmba, ivyo bikaba vyateye ikibazo c’uko atakigiye mu biteramo yari yarateganije ku mugabane wa Bulaya mu mwaka uza.

Celine Dion avuga ko amaze ‘igihe kire kire anigana n’ingwara’.

Uyu mugore w’imyaka 54 agira ati: "Kandi bisigaye bigoye kuri jewe guhangana n’ ibibazo mfise canke kuvuga ivyo naciyemwo vyose."

Yongeye ko ‘yasuzumwe ingwara ituma imitsi yiwe nsozabwenge idakora nk’uko bisanzwe, ari nayo bita ‘stiff person syndrome’, ifata abantu ku rugero rutari hejuru y’umwe kuri miliyoni (0.0001%)

Avuga ko iyo ngwara yiwe imutera ibibazo igihe ariko aratambuka kandi itamukundira gukoresha imirya y’umuhogo kugirango aririmbe nk’uko yamye.

Ati: "Birambabaza kubabwira ko ibi bisobanura ko ntakije mu biteramo nari narateganije kuva mu kwezi kwa kabiri”.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya Instagram ubutumwa

Mu 2014, Celine Dion, ari nawe yatahanye agashimwe ka Oscar ku ndirimbo ‘My Heart Will Go On’ yabaye inziza gusumba izindi, yavuze ko agiye kuba arahagaritse umwuga wiwe wo kuririmba mu gihe atamenyesheje iherezo, kugirango yiteho umugabo wiwe Rene Angelil yari afise ingwara ya Cancer

N’ubwo yasubiye muri ivyo biteramwo inyuma y’umwaka, yasubiye guhagarika uwo mwuga wiwe wo kuririmba mu 2016, inyuma y’urupfu rwa Angelil hamwe na musazawe Daniel Dion. 

Yasubiye kuboneka muri studio mu 2019, igihe yakorana na Sia, Sam Smith na David Guetta album bise ‘Courage’.

Rwabaye urugendo rukomeye

Uyu mu ‘star’ yayishigikije ibiteramo hirya no hino kw’isi igihe yasohoka, vyinshi muri vyo bikaba vyarasivye kubera ikiza ca Covid-19.

Vyabaye ngombwa n’uyu mwaka nyene, kwimurira ku yandi masango ivyo biteramo, inyuma yo guhura n’iyo ngwara itera imitsi yiwe kwinyiganyiza, yanatumye adasubira ku gihe muri Las Vegas aho asanzwe aba.

Kuri uyu wa kane, Dion yaremesheje abafana biwe ababwira ko afise ‘umugwi mwiza w’abaganga bariko barakorana' kugirango bamufashe gutora mitende, mu gihe n’abana biwe bariko baramufasha bamutera intege’.

Celine Dion ni icamamare muri muzika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uyu muririnvyikazi avuga ko atari bwumve ko hageze kuvuga ivy’iyi ngwara yiwe kugeza ubu. 

Yagize ati: “ndiko ndakorana n’umugwi w’abanonotsi uriko uranfasha kugirango ndabe ko noshobora gusubira kuronka utuguvu two kuriririmba, ariko ndababwiye ko bitari vyoroshe”.

Avuga ko ikintu conyene azi mu buzima ari ukuririrmba, ko ata wundi murimo yigeze akora kandi ko arivyo akunda gusumba ikintu ico arico cose.

Ati: “Ndabakumbuye cane, ndakumbuye kubabona mwese no kubateramisha.”

Yongeye ko yama yitanga 100% igihe aba aremesha igiteramo ariko ngo iki gihe ivyo ntashobora kubikora muri kino gihe kubera ingwara yiwe.

Ntiyabaye agishobora kumira amosozi igihe yasezera abafana, abashimira ku buryo bamufata mu mugongo, ababwira ko igisigaye ubu ari ukwitaho ubuzima bwiwe, kandi yizeye ko ‘azotera yoroherwa’.

‘Stiff Person Syndrome’ ni ingwara ki, yoba ivurwa?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

SPS ni ingwara idakunze kuboneka, kandi benshi badatahura.

Nk’uko bivugwa n’ikigo the National Institute for Neurological Disorders, irangwa n’imitsi yidadarika canke ikijugumiza mu buryo umugwayi adashobora kugenzura, haba mu gice c’umutumba canke mu ngingo z’amaguru n’amaboko.

Mu bindi bimenyetso umugwayi agira harimwo kutihanganira urwamo, gukorwako, canke ikindi gishobora kuvyura amarangamutima y’umugwayi, ibi vyose bigashobora gutuma imitsi yiwe itangura kunyiganyiga bitavuye ku bushake bwiwe.

Iyi ngwara irangwa n’uko umugwayi ahagarara canke yicara adatumbereye mu buryo busanzwe, nk’akarorero atunye igongo, canke imitsi yiwe ikaguma akamera nk’uwatetagaye. 

Abantu bafise iyo ngwara ya SPS, bashobora kunanirwa gutambuka canke kwiyunguruza ukundi, canke bagatinya kuva mu nzu ngo baje mw’ibarabara ahari urwamo, nk’amahoni y’imidokari, bishobora gutuma umuntu aca afatwa no kunyeganyega agatemba. 

Abenshi mu bafise SPS bakunda kugwa hasi, kandi kubera badafse ubushobozi bwo kwiramira, barashobora gukomereka cane. 

N’ubwo SPS ata muti ifise, hariho ibifasha umurwayi - harimwo imiti ipfupfahaza ikibazo co kugabanya umwitwarariko, abantu bakagira imitsi yorohewe – bigatuma iyo ngwara idatera ikara.