Uburengero buriyamiriza umugambi wa kamarampaka 'y'amanyanga' wa Russia muri Ukraine
Na James FitzGerald
BBC News

Ahavuye isanamu, EPA
Ibihugu vy’Uburengero biriyamiriza imigambi y’Uburusiya yo gukoresha icitwa amatora ya kamarampaka mu turere twa Ukraine turi mu minwe y’ingabo z’Uburusiya.
Aya matora yatumweko n’abategetsi bashigikiwe n’Uburusiya mu ntara zine mu ntumbero yo kuzibaza nimba zokwegukira Uburusiya.
Amerika, Ubudagi n’Ubufaransa bivuga ko bitazigera vyemera ibizova muri ano matora “y’amanyanga”.
Ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO rivuga ko izi nteguro ari izo gutuma ibintu vyunyuka mu ntambara yo muri Ukraine.
Integuro zo gukora amatora azomara imisi itanu kuva ku wa gatanu, zatangajwe mu ntara za Luhansk na Donetsk ziri mu buseruko – hamwe kandi na Zaporizhzhia na Kherson ziri mu bumanuko.
Izi ntara zine zigize ica gatanu c’ubutaka bwa Ukraine – canke akarere kangana n’igihugu ca Hongrie/ Hungary, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Iciyumviro c’uko hashobora kuba amatora meza kandi yizewe mu gihe c’intambara, catewe ivyatsi ubwo nyene n’Uburengero.
Umukuru wa Reta y’Ubudagi (Chancelier/Chancellor) Olaf Scholz yiyamirije izi nteguro z’Uburusiya z’amatora “y’irementanya”, mu gihe Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa nawe yayise “amanyanga” ya demokarasi.
Macron yabwiye abanyamakuru i New York, aho asanzwe ari mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ati: "Mu gihe iciyumviro ca kamarampaka ya Donbas kitoba akaga vyoba ari ibintu bitwengeje”.
Atera akamo ibihugu ataho vyegamiye guhindura ingendo ku bijanye n’iyi ntambara, akavuga ko kunuma canke kwifatanya n’umwansi ari “ikosa ridasanzwe”.
Umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano, Jake Sullivan, avuga ko Amerika itazokwigera yemera aya matora, akayita ko ari “agasuzuguro ku mabwirizwa ngenderwako y’ubwigenge n’ubusugire bw’igihugu".
Kamarampaka iyo ari yo yose itunganijwe n’ingabo zateye igihugu iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu kandi nta nguvu izoba ifise imbere y’amategeko, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’umutekano n’imigenderanire i Bulaya (Organisation for Security and Cooperation in Europe, OSCE), mw’itangazo ryasohoye.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine arashimira incuti zashigikiye igihugu ciwe kuri ino “nkuru iteje induru” y’Uburusiya.
Zelensky yitezwe gushikiriza ijambo Inama nkuru ya ONU akoresheje ubuhinga bwa videwo mu masaha yitereye kuri uno wa gatatu.
Hari amakuru yari ahari yavuga ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya na we yari gushikiriza ijambo ryiwe ejo ku wa kabiri, ibidakunze kuba - aho abantu bari biteze ko yari kuvuga ibijanye n’integuro y’aya matora, canke ku mugambi wo kwegeranya ingabo nyinshi muri Ukraine.
Ariko iri jambo ntiryigeze rishika, ahubwo abantu bakabona ko rishobora kuba ryungururijwe kuri uno wa gatatu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Imigambi yo gukora ano matora mu misi mike ibonwa cane nk’umugambi wa Putin wo kwihutisha igikorwa c’ukwigarurira Ukraine.
Ibi bibaye inyuma y’igitero gikomeye co kwivuna, aho Kyiv ivuga ko yabohoje ubutaka bungana na kirometero kwadarato 8000 muri kuno kwezi, ivyasubije inyuma Uburusiya.
Gukomeza igenzura ry’ubutaka bwa Ukraine bishobora guha ubushobozi Uburusiya bwo kuvuga ko ubutaka bwabwo – atari igisirikare cabwo gusa – bwatewe n’ibirwanisho vy’Uburengero mu gihe intambara zibandanya.
Aha ni kubera ibihugu bitari bike vy’uburengero bibandanya biha Ukraine ibirwanisho mu ntumbero yo kuyifasha kwivuna umwansi.
Hari ubwoba ko ibi bishobora gutuma ibintu vyunyuka muri ino ntambara imaze gusesa amaraso atari make.
Umukuru wa Komite mpuzamakungu y’ishirahamwe Croix-Rouge afise ubwoba ko iyi ntambara ishobora kuba ndende.
Avuga ku mva rusangi ziherutse gutorwa muri Ukraine, Peter Maurer yabwiye umunyamakuru Lyse Doucet wa BBC ko umwumvikano ugenda ugorana.

Abategetsi begamiye Uburusiya muri izo ntara zine za Ukraine bashigikiye aya matora ya kamarampaka.
Umukuru wa reta yashinzwe n’Uburusiya muri Luhansk, Leonid Pasechnik, avuga ati yari "indoto rusangi yacu ikaba na kazoza rusangi kacu”.
Icegera c’umukuru w’inama nkuru y’Uburusiya ijejwe umutekano, Dmitry Medvedev, avuga ko aya matora azoshobora “kurenganura igihugu” kandi ko azoba ntasubirwamwo.
Ubutegetsi bwashinzwe n’Uburusiya busanzwe bukorera muri Donetsk na Luhansk kuva 2014. Mu buryo bwateje impari, Putin yatangaje ko izi ntara zompi zikukiye imisi itatu imbere y’uko agomorera ingabo ziwe kuri Ukraine ku wa 24 z’ukwa kabiri uno mwaka.
Iki gitero catumye Uburusiya bwigarurira Luhansk yose mu kiringo kitari gito - n’aho Ukraine yabohoje uturere tumwe tumwe.
Izi ngingo zo gutumako “amatora ya kamarampaka” zibukije igihe Uburusiya bwigarurira akarere ka Crimée/Crimea kari mu bumanuko mu 2014.
Naho nyene haratumweko amatora mu ntumbero yo kugerageza kwemeza ubutegetsi bwa Moscou muri ako karere, ariko nayo nyene yafashwe ko ateye kubiri n’amategeko akaba yariyamirijwe n’amakungu.










