Zelensky arishimira ‘inkuru nziza’ inyuma yo kwisubiza uturere twari twigaruriwe n’Uburusiya

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Volodymyr Ukraine wa Ukraine avuga ko afise “agakuru keza” ko bigaruriye uturere tutari duke twari mu minwe y’ingabo z‘Uburusiya.
Hari ibihuha vyari bimaze imisi bivuga ko bishoboka ko hari intambwe yatewe mu buseruko bwa Kharkiv, ariko abategetsi ba Ukraine bakaba ataco bari bwashikirize.
Perezida Zelensky ntiyashatse kudoma urutoke ku turere twigaruriwe, akavuga ati “ubu si igihe co kuvuga amazina” yatwo.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko Ukraine iriko iratera intambwe bukebuke ariko ikomeye mu rugamba rwo kurwanya ingabo z’Uburusiya.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije abanya-Ukraine abicishije kuri videwo nijoro, Zelensky yavuze ko hari “amakuru meza” ku vyerekeye ibihuha bivuga ko ingabo za Ukraine zateye intambwe.
Ashimagiza ingabo n’ubutwari bwazo ku rugamba, avuga ati: "Ndibaza ko buri munyagihugu yishimira ingabo zacu”.
Ariko, yongerako ati: "Ubu si igihe co kuvuga amazina y’utu turere twasubiye kuduza ibendera rya Ukraine”.
Ukraine yarakomeje ibikorwa vyayo vy’umutekano mu ndwi nkeya ziheze, ariko igatanga amakuru make ku vyerekeye ibikorwa vyo kwivuna vyari birindiriwe mu buseruko no mu bumanuko.
Ingabo za Ukraine zaratanguje urugamba mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kharkiv, amaja mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko, igenzurwa bikomeye n’igisirikare c’Uburusiya kuva intambara itanguye, haraciye amezi atandatu.
Hari amakuru avuga ko ingabo za Ukraine zoba ziri hafi y’igisagara ca Izyum, igisagara ngirakamaro mu gushikana ibikoresho ku ngabo z’Uburusiya.
Mw’ijambo yashikirije mu birori muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Colin Kahl – icegera c’umunyamabanga ajejwe imigambi yo kwivuna abansi – yavuze ko ingabo za Ukraine ziriko ziravyitwaramwo neza gusumba iz’Uburusiya mu turere tumwe tumwe.
Yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters avuga ati: "Haracari kare. Nibaza ko abanya-Ukraine bariko batera intambwe bukebuke ariko ikomeye. Tuzoraba ingene bizogenda.
"Ariko ndibaza neza ko ibintu biriko bigenda neza ku ruhande rwa Ukraine muri kino gihe mu bumanuko gusumba uko bimeze ku ruhande rw’Uburusiya”.
Hagati aho, ibintu biracameze nabi.
Igihe vyariko bitanga amakuru y’ingene ibintu vyifashe mw’ijoro ry’ejo ku wa gatatu, ibiro bikuru vya gisirikare vya Ukraine vyavuze ko igisirikare cabo;
“Casubije inyuma ibitero vyose vy’Uburusiya” mu ntara za Kharkiv na Donetsk – ariko ko impande zompi zibandanya ziterana vya muzinga n’ibitero vy’indege, ibibanza bitari bike bikaba bihononekarira.
Ejo ku wa gatatu, Perezida Zelensky yavuze kandi ko amafaranga reta ya Ukraine izokoresha mu mwaka uza azoba ari ay’igihugu kiri mu ntambara – aho imiriyaridi 27 z’amadorari y’abanyamerika azoshirwa mu gisata co kwivuna abansi.
Ariko yemeye ko ivya nkenerwa mu mibereho y’abanyagihugu, nk’agafashanyo ko mu za bukuru bizobandanya bitangwa.
Hagati aho, agabisha ati: "Ni nkenerwa kugabanya mu buryo bwose bushoboka ibintu bidakenewe cane, ibintu vyose bidafasha mu kwivuna umwansi, bidafasha mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu cacu, mu mubereho n’akaranga vy’abanyagihugu bacu."
Abihweza ibintu n’ibindi muri Amerika no mw’ishirahamwe ONU berekanye amakenga yabo kuri kazoza k’abasivire muri Ukraine mu gihe intambara ibandanya.
Umutegetsi mukuru wo mu gisata kijejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe ONU avuga ko iri shirahamwe rifise impungenge ku bantu bata izabo muri Ukraine – cane cane kazoza k’abana.
Ilze Brands Kehris, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishami rijejwe agateka ka muntu, avuga ati: "Hari amakuru yo kwizera avuga abana batwarwa ku nguvu batari kumwe n’abavyeyi babo mu karere kigaruriwe n’Abarusiya, canke mu Burusiya bwo nyene”.
Ishirahamwe ryiwe rifise amakenga ko Uburusiya bwashinze “uburyo bworoshe” bwo guha abo bana ubwenegihugu bw’Uburusiya, mbere bukabashira mu minwe y’imiryango y’Abarusiya kugira babe ari bo babarera, nk’uko abivuga.
Abona ko iyi ngendo ishobora guhonyanga amasezerano ya Geneva.
Eka na Amerika ifise amakenga nk’aya nyene, aho ejo ku wa gatatu yavuze ko hari abanya-Ukraine, ariko bakuze, batwarwa ku nguvu.
Ibiro vy’ubunyamabanga bujejwe imigenderanire bwagiriza Kremlin ko ifise urutonde rw’abanya-Ukraine bategerezwa gutwarwa ku nguvu mu turere tw’igihugu turi mu minwe y’Uburusiya.










