'Akanyamuneza ni kenshi inyuma y’imyaka hafi 4 nshomereye' - Umurundikazi agiye gukora muri Arabie Saoudite

Jeannette Kabura w'imyaka 26 wo mu Ntara ya Gitega, umwe mu bagiye
Insiguro y'isanamu, Jeannette Kabura w'imyaka 26 wo mu Ntara ya Gitega, umwe mu bagiye

Abarundikazi 11 bahagurutse i Bujumbura baja mu gihugu ca Arabia Saudite gukora ubuzi bwo mu ngo.

Babaye aba mbere bagiye icese gukora muri ico gihugu kuva ivyo bihugu bibiri vyumvikanye ku masezarano azogenga bene abo bakozi.

Abahora bagenda gukora mu bihugu vy’Abarabu gushika ubu baca mu nzira zitazwi rimwe na rimwe bajanywe n’abantu canke amakompanyi mu buryo busa n’urudandazwa rw’abantu.

Bamwe muri abo bagiyeyo mu myaka iheze barakorewe amabi atandukanye harimwo kunyagwa impapuro z’inzira, gukubitwa, gufatwa ku nguvu no kwimwa agahembo.

'Bose bambaye umwitikiro wa ki Islam ariko bose si bo'

Abarundikazi ba mbere bagiye icese gukora akazi ku mu ngo muri Arabia Saudite ku kibuga ca Bujumbura 17/05/2023
Insiguro y'isanamu, Umugwi wa mbere w'abagore n'abakobwa bagiye gukora ubuzi bwo mu ngo muri Arabia Saudite ugizwe n'abantu 60

Muri uwo mugwi wa mbere hari hategekanijwe kugenda abantu 60 -mbere bari banaje ku kibuga c’indege bose – ariko kompanyi ya Ethiopian yari kubatwara yavuze ko ata bibanza bikwiye yari ifise uyu munsi. Abasigaye bazoca bagenda hirya y’ejo ku wa gatanu.

Abo bose ni abagore n’abakobwa kandi bose bari bafise umwitwikiro nk'uwo abo mw’idini rya Islam.

Ariko Jean Bosco Bizuru wo muri rimwe mu mashirahamwe yabarungitse avuga ko bidasigura ko bose ari aba Islam.

Avuga ati : ''Bambaye gutyo kuko ari yo mikorere ya hariya. Iyo winjiye mu rugo rw'uwundi muntu wubaha imico y'urwo rugo''.

Mu kuronka akazi bigenda gute?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu bagiye kuri uyu wa gatatu , harimwo Aline Niyokwizera. Uwo mukobwa w'imyaka 22 avuka muri komine Muhuta yo mu ntara ya Rumonge yavuze ko afise ''akanyamuneza kenshi'' kuko yari amaze imyaka ''hafi ine nshomereye''.

''Nahejeje ishure mu 2019. Nararonse akazi ko gucuruza ibitaro hanyuma birapararangana. Ubu naraba abavyeyi mu maso''.

Abagiye bava mu ntara zitandukanye z'Uburundi.

FPPM (Societe de Formation Professionnelle et de Placement de Main-d'Oeuvre) ni rimwe mu mashirahamwe 17 reta yemereye gukora igikorwa co gufasha abantu kurondera iyo baja kwisumamwo.

Umuyobozi nshingwabikorwa waryo, Jean Bosco Bizuru, avuga ko haza gusaba akazi uwubishaka, bakamufasha ata na kimwe ''asabwe''.

Avuga ko babafasha kuronka ivya nkenerwa vyo gufata ingendo, banabigisha kandi ururimi bazokenera iyo bagiye gukora na cane cane amazina y'ibikoresho vyo mu kazi ka minsi yose nk'ivyo mu gikoni.

Avuga ko babigisha kandi n'inyifato nziza kuko ''uretse ako kazi bazoba bakora bazoba kandi ari abaserukizi b'igihugu kugira berekane ko Abarundi tuzi akazi kandi dufise imico myiza''.

Barapimwa kwa muganga kugira bagende bizwi ko bafise amagara meza.

Epimeni Bapfinda
Insiguro y'isanamu, Epimeni Bapfinda, umuyobozi ajejwe abarundi baja kurondera ubuzi hanze mu bushikiranganji bw'imigenderanire no gufashanya

Ku kibuga c’indege ca Bujumbura bari baje baherekejwe n’uwaserukiye ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire no gufashanya kugira atanguze icese iyo nzira nshasha y’akazi yabonetse ku Barundi.

Epimeni Bapfinda avuga ko ku gihe kirekire, vyitezwe ko hazoboneka ubuzi burenga 75.000 muri Arabia Saudite gusa.

Kuba aba mbere bagiye ari abagore gusa, Bapfinda avuga ko aribwo buzi bumaze kuboneka, ariko ngo n'abagabo bazoronka.

''Aba batanguye kugenda ni aba mbere...hazokurikira Qatar kuko nayo twaramaze gusinya amasezerano''.