Ba Macron bazoha 'ivyemezo vya siyansi' sentare yo muri Amerika vyerekana ko Brigitte ari umugore, niko umushingwamanza avuga

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron n'umutambukanyi wiwe Brigitte Macron bashitse i Downing Street muri Mukakaro. Ifoto iberekana batambuka ukuboko mu kundi. Macron yambaye kostime y'ubururu, ishati yera n'ikaruvati yirabura. Muka Macron yambaye ikoti n'ijipo bisa mw'ibara rihakwa kwera. Inyuma yabo haboneka ibiti bitotahaye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Anoushka Mutanda-Dougherty
    • Umwanditsi, Melanie Stewart-Smith
    • Umwanditsi, Victoria Farncombe
    • Igikorwa, Fame Under Fire podcast

Emmanuel Macron n'umugore wiwe, Brigitte, biteguriye guha ivyemezo vy'amafoto na siyanse (science) sentare yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira berekane ko umitambukanyi wa Macron [Brigitte] ari umugore.

Umushingwamanza wabo avuga ko perezida w'Ubufaransa n'umugore wiwe bazotanga ivyo vyemezo mu rubanza rwo gutyozwa bashingishirije Candace Owens, umugore afise abamukurikira cane w'ivyiyumviro bikaze vy'abashira imbere inyungu z'ibihugu vyabo (extreme droite) inyuma y'aho ashiriye ahabona ivyo yemera ko Brigitte Macron yavutse afise igitsinagabo.

Abashingwamanza ba Owens bishuye n'urwandiko ruhakana urwo rubanza.

Avugira mu kiganiro wumviriza aho ushakiye [podcast] ca BBC 'Fame Under Fire', umushingwamanza wa ba Macron muri urwo rubanza, Tom Clare, yavuze ko Muka Macron yabonye ko ivyo vyavuzwe ''bibabaje cane'' kandi ko ari ''ugusamaza'' perezida w'Ubufaransa.

''Sinshatse ko abantu bahava bafata ko vyamuhungabanije mu vyo akora. Ariko nk'umuntu uwo ari we wese ategerezwa kwitaho akazi n'umuruyango, iyo umuryango wawe hari ikiwuteye, birakugirako ingaruka. Kandi nawe ivyo ntivyoreka kumukorako kuko ni perezida w'igihugu,'' niko yavuze.

Clare yavuze ko hazoba ''ugushinga intahe ifatiye kuri science'' kandi n'aho atahishuye, kuri iyi ntambwe, uko iyo ntahe izoba iteye, yavuze ko abo babiri biteguriye kwerekana vyose ''muri rusangi no mu buryo bwihariye'' ko ivyavuzwe atari vyo.

''Birababaje cane kwiyumvira ko uzogenda wewe nyene ukishikana, kugira utange ivyemezo bene ivyo,'' niko yavuze.

''Ni inzira [Brigitte] azotegerezwa kwemera gucamwo mu buryo abantu bose bazobimenya. Ariko ariteguriye kubikora. Afise ishaka rikomeye ryo gukora ico bizosaba cose kugira yerekane ko ivyavuzwe atari vyo.

''Niba iyo nzira idateye igomwe kandi itaryoshe yo kwiyugurura ari yo ikenewe kugira bigaragare ko ivyavuzwe atari vyo hanyuma bihagarare, ariteguye ijana kw'ijana kwemera uwo muruho.''

Umushingwamanza wa ba Macron Tom Clare, umuzungu afise imvi n'ubwanwa yambaye ishati yera n'ikaruvato itukura
Insiguro y'isanamu, Umushingwamanza wa ba Macron Tom Clare avuga ko ivyavuzwe bibabaje cane kandi bashobora kwerekana ko atari vyo.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abajijwe niba aba Macron bazotanga amafoto ya Brigitte afise inda kandi ariko ararera abana, Clare yavuze ko ariho kandi azokwerekanwa muri sentare aho hari amategeko n'ingingo zo kugenderako.

Owens, yahoze avugira mu kiganiro c'ikinyamakuru c'aba 'conservateurs' muri Amerika Daily Wire gifise miriyoni z'abantu bagikurikira ku mbuga hwaniro, yagumye asubiramwo ivyo avuga ko Brigitte ari umugabo.

Mu kwezi kwa gatatu mu 2024, yavuze ko yokwemera ''gutanga ingwati y'izina ryiwe mu kazi '' kuri vyo avuga.

Ivyo kuvuga ko Brigitte Macron yoba ari umugabo vyatanguriye ku mbuga hwaniro haraheze imyaka, uhereye kuri video yo kuri YouTube yo mu 2021 y'abafaransa Amandine Roy na Natasha Rey.

Aba Macron ubwa mbere baratsinze urubanza rwo gutyozwa mu Bufaransa bashingishirije Roy na Rey mu 2024, ariko urwo rubanza rwarasheshwe mw'iyungururizo mu 2025 hashingiwe ku burenganzira bwo kwishira no kwizana mu kuvuga ico wiyumvira, hadashingiye ku kuri. Aba Macron ubu barunguruje kuri iyo ngingo.

Muri Mukakaro, aba Macron barugururije urubanza Owens muri Amerika. Mu vyo bashikirije, bavuze ko yirengagije ivyemezo vyose vyo kwizera bisambura ivyo avuga ahitamwo gushira imbere inama mbi zisanzwe zizwi n'abatyoza abandi babigize umwuga.

Muri Amerika, mu manza zo gutyoza abategetsi mu mabanga y'igihugu, abitwara basabwa kwerekana ''agatima ko kugira nabi'' - ko uwuburanywa yakwiragije n'ibigirankana inkuru itari yo canke yirengagije ukuri mu gufata ibintu minenerwe.

Candace Owens, umugore w'umwirabure yambaye amahereni kandi ariko araraba muri camera

Ahavuye isanamu, Candace Owens

Insiguro y'isanamu, Candace Owens yagumye asubiramwo ivyo avuga ko Brigitte Macron ari umugabo , kuri YouTube no ku mbuga hwanoro

Muri Myandagaro (8), perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yasiguriye ikinyamakuru co mu Bufaransa, Paris Match, igituma bahisemwo gutabuza urubanza.

''Uku ni ukugwanira icubahiro canje! Kuko ibi ni ibintu bitagira mvura. Uyu ni umuntu azi neza ko yari afise amakuru atari yo akaba yabikoze kugira akore ikibi, akorera ingengavyiyumviro kandi afise aho ahurira n'indongozi z'intagondwa z'aba 'extreme droite'''.

Abashingwamanza ba Owens bishuye n'inyandiko yo kwiyamiriza urwo rubanza bavuga ko rutari gushingishwa muri Delware, kuko avuga ko ruterekeye imirimo yiwe, isanzwe irangurirwa muri iyo ntara. Bavuga ko kumuhatira kuburanira urwo rubanza muri Delware bizotera ''ingorane zikomeye mu buryo n'ibikorwa''.

BBC yararondeye abashinngwamanza ba Candace Owens kugira bagire ico babivuzeko. Imbere y'aho yigeze kuvuga ko yemera ko ivyo avuga ari ukuri kandi ko ata kintu ari ikinyamerika kurusha kwidegemvya mu vyiyumviro n'ubushobozi bwo kunegura.