Inyishu ya Hamas ku mugambi wa Amerika muri Gaza ni ngirakamaro - ariko hari ibitarimwo

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, John Sudworth
- Igikorwa, Jerusalem
Hamas yemeye kurekura imbohe zari zisigaye, n'ubwo hazobanza kuba ibiganiro na bimwe mu bisabwa bibanza gushirwa mu bikorwa, bikazotanga icizere nyaco ku miryango yabo muri Israel bari bamaze igihe kirekire barihebuye kuronka inkuru nk'iyo.
N'itangazo ryishura ku nteguro y'umugambi w'amahoro wa Amerika, uwo muhari ukaba wemeye "kurekura imbohe zose za Israel, baba abapfuye n'abakiri bazima, nk'uko biri mu majambo yakoreshejwe mu nteguro y'umugambi wa prezida Donald Trump, mu gihe ivyankenerwa vyose vyo kugira ivyo bikorwe vyoba bikwiye".
Iyo nteguro y'umugambi werekanywe na Trump muri Maison Blanche mu ntango y'iyi ndwi, usaba ihagarikwa ry'intambara n'irekurwa mu masaha 72 ry'imbohe zigihema za Israel zafashwe ingwati na Hamas - hamwe n'ibiziga vy'aboba barapfuye - babagurane n'amajana n'amajana y'imbohe za Palestine.
Bivugwa ko hari imbohe 48 zafashwe bugwati zipfungiwe mu karere ka Palestine n'uwo muhari witwaje ibigwanisho, muri bo 20 gusa ni bo bivugwa ko ari bazima.
Kwemera kwa Hamas kw'ikindi gice nyamukuru c'umugambi w'amahoro wa Amerika, iciyumviro co guha ubutegetsi bwa Gaza abahinga b'abanyapalestine, na vyo nyene biragaragara ko ari ikintu gihambaye.
Ariko hariho n'ibindi bintu vyinshi vyo muri uwo mugambi muremure w'ingingo 20 ata ho bigaragara.
Ikintu gihambaye cane muri ivyo ni gusaba ko Hamas ishira ibigwanisho hasi.
Reta ya Israel ubu igiye kwihweza uko iryo tangazo ryanditswe kugira ngo irabe neza intumbero yaryo.
Bizosaba gufata ingingo nimba harimwo icizere c'uko bemera bimwe mu bintu bikomeye biri muri iyo nteguro, canke ko kwoba ari ukugerageza kwiha umwanya kugira hugururwe ibindi biganiro birebire.
Ufatiye kuba ivyo bibaye inyuma y'amasaha make prezida Donald Trump agabishije ubwa nyuma Hamas ngo yemere iyo nteguro bitarenze ku musi w'Imana canke bahure "n'umuriro udahera", bamwe mu bagize reta y'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, bashobora kugira amakenga.
Ivyo ni ukuri cane cane ubu umukuru w'igihugu ca Amerika yasavye Israel guhagarika ubwo nyene gutera bombe muri Gaza.
Haciye igihe gito itangazo rya Hamas risohotse, Trump yagize ati: «Mfatiye kw'itangazo ryasohowe na Hamas, nizera ko biteguriye AMAHORO arama».
Ati: «Israel itegerezwa guca ihagarika ibitero kuri Gaza, kugira ngo dushobore kwakira abari bagizwe ingwati ata nkomanzi kandi vyihuse. Ubu nyene, hari umutekano muke cane kugira tubikore."
Abanye Israel ntibazokunda igice ca nyuma c'ijambo ryiwe rivuga ko Hamas yoguma ifise uruhara mu biganiro ku bijanye n'akazoza k'igihe kirekire ka Gaza.
Iryo jambo rya Hamas rirahambaye, nta nkeka. Mu butumwa bwa video yasohotse mu nyuma ku wa gatanu, Trump yavuze ko ari "umusi ukomeye", ashimira urutonde rw'ibihugu yavuze ko vyamufashije gukora iyo nteguro y'umugambi.
Ariko haracasigaye ibintu vyinshi cane bikwiye gukorwa imbere y'uko amahoro muri ako karere atsimbatara. Kandi umukuru w'igihugu asa n'uwemera ko atakirashikwako.
Ati: "Tuzoraba ingene vyose bizogenda. Tubwirizwa gushika kw'ijambo rya nyuma kandi rikaba iryo ukuri."













