'Ni bavavanure n'abo bansi barabe ko batidegemvya' - Gen Baratuza w'ingabo z'Uburundi avuga ku kuzibira inzira zija mu Minembwe

Ahavuye isanamu, FDNB
Igisirikare c'Uburundi kimenesha ko ingabo zaco ziri mu ntara ya Kivu y'Epfo ya RD Congo zazibiye amayira y'abava mu karere ka Minembwe zigamije "gukingira Uvira n'urubibe rw'Uburundi", zigasaba abanyagihugu bari i Minembwe "kuvavanura n'abansi" bariyo.
Mu ndwi iheze i Minembwe, ahagenzurwa n'umuhari wa Twirwaneho ufatanije na AFC/M23, habereye imyiyerekano ikomeye yiyamiriza ko ingabo z'Uburundi n'abakorana na zo bugaye amayira ashikanayo ivya nkenerwa ahanini bakura mu muji wa Uvira.
Abagize iyo myiyerekano babwiye BBC Gahuzamiryango bati: "Abarwana ni barwane, abaganira ni baganire, ariko bareke abantu bagende, bacuruze…kuki bavuga ngo twicwe n'inzara?", bagirije kandi abasirikare b'Uburundi ko iki gikorwa kigize icaha c'intambara.
Abagize imyiyerekano bagirije ingabo z'Uburundi kuzibira amayira bari ahitwa Mu Mikarati, Point-zero n'ahandi. Basaba ko ingabo z'Uburundi zisubira mu gihugu cazo "ntizivange mu bibazo vya Congo".
Général de brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ico gice ca "Minembwe ata musirikare n'umwe w'Uburundi ahari".
Yagize ati: "Iyo myiyerekano bateguye kwari ukugira ngo bahuvye amakungu, bafate abana n'abagore babashire mw'ibarabara biyamiriza Abarundi ariko nta Barundi bari muri ako karere."
Baratuza avuga ko abasirikare b'Uburundi bari ahitwa Muramvya, Mugeti na Majembwe, ati: "Mubaze Abanyamulenge bahatuye babanye na bo [n'ingabo z'Uburundi] ku buryo barema amasoko ata ngorane, aho Minembwe bari kumwe n'abansi ni bo bariko bavuza amaruru."
Yongerako ati: "Iyo Point-zero bavuga n'ahandi ni inzira bagomba guca kugira ngo baje kurondera ivyo kurya baha abansi, ni co gituma hapfunze.
"Nta muntu yera, nta muntu ameze neza bankira kurengana, ariko uwuja kurondera inzira yo kuja kwonona umutekano muri Uvira no ku rubibe duhana uwo ntibamwemerera ko arengana.
"Ariko abo muri za Murambya, Mujeti, Majembwe abo bose barahaca ata ngorane".
Ingabo z'Uburundi ziri muri RD Congo ku mwumvikano wa reta zompi mu gufashanya mu vy'igisirikare no kwivuna abansi.
Ingabo z'Uburundi zarafadikanije n'iza RDC kurwana n'abarwanyi ba M23, naho aba baje gufata ibisagara vya Goma na Bukavu.
Igisirikare c'Uburundi kivuga ko kiri muri RDC kurwanya kandi imigwi y'inyeshamba z'Abarundi ya Red-Tabara na FNL-Nzabampema kivuga ko bakorana na Twirwaneho na AFC/M23, ibi iyo mirwi yagiye ibihakana.
'Uvira dutegerezwa kuhakingira'

Ahavuye isanamu, Google Map
Uvira nico gisaraga gikomeye mu ntara ya Kivu y'Epfo gisugerejwen'umurwi wa M23 na Twirwaneho inyuma y'uko iyo mirwi igenzura ibindi bimwe bimwe ku ntera y'ibirometero bishika 100 mu buraruko no mu burengero bwa Uvira.
Igisirikare c'Uburundi kivuga ko mu Minembwe – mu ntera ishika 150km uvuye i Uvira – hariyo Red-Tabara, FNL-Nzabampema, M23 n'iyindi migwi, ko bagomba "gufashanya kugira bagire inguvu baze gutera umudugararo"
Gen Baratuza agira ati: "Erega iyo ni inzira bagomba gukoresha kugira bashike Uvira, rero dutegerezwa kuhazibira kandi nibavyumve, Uvira dutegerezwa kuhakingira kandi mu kuhakingira ntuhagarara indani, uja ruguru, uja hirya no hino."
Yongerako ati: "Uwuvuye za Minembwe aba ariko akorana n'umwansi uwo ntarengana birumvikana, ni bavavanure n'abo bansi n'abo bagizi ba nabi hanyuma barabe yuko batidegemvya uko bashaka.
"Mugabo mu mwanya bakiri mu vyara vya Red-Tabara n'abandi bakorana bikaboneka neza ko bagiye kubasumira ntibikunda."
Abanyagihugu ba Menembwe na Mikenke bari mu ngorane zo kuronka ivya nkenerwa nk'ibiribwa badahingura aho, imiti, amavuta, amasabune n'ibindi, bakavuga ko badakwiye kuzibirirwa amayira abashikana ku vyo bakeneye.
Santos Mufashi, umwe mu bateguye imyiyerekano yo mu ndwi iheze yabwiye BBC ati: "Baravuga ngo abanya-Minembwe ni hadui [abansi], bose ni ba Twirwaneho, ico rero kikadutangaza kugira ngo uvuge ngo abanyagihugu bose abasaza n'abakecuru n'abana ngo ni ba Twirwaneho! Twirwaneho barayizi aho iri bamaze imyaka umunani barwana nayo ivyo ni ivyabo...Abarwana nibarwane, abaganira nibaganire, ariko bareke abantu bagende".









