'Ndicuza kuba naragiye gukora akazi muri Arabia Saudite' - Hellen

Ahavuye isanamu, HELLEN
Hellen yagiye muri Arabia Saudite mu 2019. Yari yahevye ishure ari mu mwaka wa gatandatu akaba yabona ko inzira yonyene yotuma atera imbere akanafasha n'umuryango wiwe kuva mu bukene kwari ukuja mu bindi bihugu.
Akaryo ko kuja muri Arabia Saudite igihe kaboneka, ntiyazuyajije.
Avuga ko yahora yumva ibintu vyinshi bishikira bamwe mu bakobwa bakora ubuzi bwo mu mazu bagiye mu bihugu bitandukanye vyo mu burasirazuba bwo hagati, ariko we yari afise icizere ko azobirinda vyose kugira ashike ku ndoto yiwe yo kuva mu bukene.
Kubera iki yemeye kuja muri Arabia Saudite?

Ahavuye isanamu, HELLEN
Mu misi adashobora kwibagira harimwo itariki 9 z'ukwezi kwa kabiri mu 2019 aho yinyegeza umwana wiwe w'umuhungu ashaka kugenda muri Arabia Saudite.
Uwo mugore yarumvise umubabaro mwinshi igihe yasiga umwana wiwe afise imyaka ine, ariko ku mutima we yabona ko imyaka ibiri ari mike aravye ico agiye kurondera.
Amaze gushika muri Arabia Saudite, Hellen avuga ko yakiriwe n'umugabo n'umugore bamuhaye akazi ko gukora mu nzu, ubwo nyene baca bamujana muhira iwabo.
Uko uwo mugore abivuga, n'aho yari amaze gukora akazi ko mu nzu muri Kenya imyaka irenga cumi, yatanguye kugira ikibazo akihashika kubera ururimi bituma batumvikana neza n'umukoresha.
Ikindi ubushuhe bwari bwinshi bukamutera ingorane cane.
Icizere ko ibintu bizogenda neza yarakigumanye, ivyo vyose aravyihanganira, akabifata nk'ibintu bito yiyumviriye icamuzanye.
Uko imisi igenda, ni ko yagenda arabona ko akazi ari kenshi cane, buri musi akazinduka mu gitondo, akaryama mu gicugu, kenshi nk'isaha cumi z'ijoro.
Hellen avuga ko inyuma y'amezi icenda ya mbere akora ako kazi, yiyumvisemwo ko hageze ko asubira muhira - muri Kenya, ariko ikibazo kiba amasezerano bari bafitaniye.
Ukugerageza gutoroka vyaranse, kuko mu masezerano hari handitse ko akorera uwamuhaye akazi imyaka ibiri.
Gufatwa nabi vyaratinze biba ibintu bisanzwe aravyihanganira abandanya akazi.
Hellen avuga ko igihe yatangura akazi bari bavuganye ko bazoza baramuhemba amadolari 250 ku kwezi, angana n'amafaranga akoreshwa muri ico gihugu Riyal 900. Avuga ko yarungika ama Riyal 500 ku kwezi muhira muri kenya yo gufasha umwana wiwe, yibaza ko ayandi 400 asigaye, umukoresha wiwe ayamubikiye gushika igihe azosubirira muri Kenya.
Uwo mugore w'imyaka 29 aturuka mu burengero bwa Kenya avuga ko yigumije arakora akazi ataruhuka.
Guhakwa gufatwa ku nguvu

Ahavuye isanamu, HELLEN
Hellen aribuka ibintu vyamushikiye biteye ubwoba igihe nabuja yava muhira n'abana biwe bagiye kwinezereza nk'uko vyama ku misi mikuru.
Umugabo w'uwo mugore yaciye aza ikitaraganya aca arinjira yugara imiryango yose. Yaciye amusaba kumutekera ikawa , mu gihe ataranaheza, yaciye amusimbirako, barazunguturana nk'iminota mirongo itatu, ashaka kumufata ku nguvu.
Hellen yarashatse gutabaza ariko yarabona ko bidashoboka kuko iyo nzu yari nini ku buryo atawari kumwumva. Agahengwe yakaronse ari uko itelefone yo mu nzu ihamagaye hanyuma aca aramurekura gato, aca aronka akaryo ko kwiruka yiyugaranira mu bwogero gushika umugore w'uwo mugabo agaruke.
Agira ati:"Ivyo vyantumye nipfuza gutaha muhira uko bigenda kose. Naratinye kugira uwo mbwira ivyanshikiye. Ico natinya kinini n'uko atawari kuvyemera kandi ko ari jewe nari kwagirizwa amakosa. Naciye mfata ingingo yo kurondera uwanzanye."
Kuva ico gihe, Hellen yaciye atangura kugerageza guhamagara muhira, kugira arabe ko ubutumwa bwoshikira abamutwayeyo bo muri Kenya, ko wewe ata mahoro afise ko yipfuza gutaha bivanye no kubangamirwa k'ubuzima bwiwe.

Ahavuye isanamu, HELLEN
Urugamba rwo gusubira muri Kenya rwatanguye igihe abamurondereye akazi ku ruhande rwa Arabia Saudite batangura kuganira n'umukoresha wiwe, bamusaba ko yubahiriza amasezerano bafitaniye yari yimirije kurangira inyuma y'imyaka ibiri.
Hellen avuga ko atari bwigere yubahuka kuvuga ko yahatswe gufatwa ku nguvu kubera ubwoba. Yongerako ko, icari kimuraje ishinga gusumba ico gihe, kwari gutahuka.
Itariki 6 z'ukwezi kwa gatanu uyu mwaka, Hellen yavyuwe hakiri kare cane n'umukoresha wiwe, abwirwa ko atekera agataha muri Kenya. Yabwiwe ko itike y'indege yamaze kugurwa, ntiyahabwa n'akanya ko kwitegura.
Icamubabaje cane uretse ibibi yakorewe, n'uko mu mahera y'ama Riyal ibihumbi cumi na bitatu umukoresha wiwe yagiye aramubikira yacaguka ku mushahara, umukoresha wiwe yamurishe igice kingana na Riyal 6500.
Ariko Hellen yarahimbawe n'uko yagarutse afise amagara meza. Avuga ko, ikibazo nyamukuru abakobwa bakunze kuja gukora akazi ko mu nzu mu bihugu vy'abarabu, ni kutamenya ingene bokwifata igihe bashikiwe n'ingorane, na cane cane ko batumva ururimi hamwe n'imico n'imigenzo.
Ica kabiri, benshi mu bakoresha bafata abakozi nka Hellen nk'abaja, ivyo bikavana n'amahera menshi bariha ababajana muri ivyo bihugu babavanye mu bihugu bitandukanye vya Afrika no muri Aziya .
Ubu Hellen yatanguje akazi ko kugurisha indagara mu micungararo ya Nairobi kandi avuga ko make aronka amukwiye.










